Jimbere

ikirundi French English
Agateka k'abakenyezi

Burundi: abakenyezi barenga 1.000 bari mu mabohero…

Abakenyezi 1.007 ni bo bari mu mabohero atandukanye, aho abagera 253 bafungiwe mu mabohero afungirwamwo abakenyezi n’abigeme i Ngozi n’i Muyinga. Ibohero ry’abakenyezi ry’i Ngozi ririmwo ibice bigera kuri 82.5% bivanye n’ivyigwa vyakozwe n’abahinga bigenga bo muri Enabel mu kwezi kwa Nzero na Ruhuhuma 2024.

Muri abo bakenyezi 253 bafungiwe i Ngozi na Muyinga, ibice 9,5% ni ukuvuga abakenyezi 24 ni bo bafungwa bari kumwe n’abana babo bari musi y’imyaka itatu, bigatuma n’abana bagira ingorane. Ivyo biri uko mu gihe nk’uko bivugwa n’umushingwamanza Eliane Kaneza, abakenyezi benshi batonka ubufasha bw’abababuranira. Agira ati: “abakenyezi bari musi y’ibice 10% ni bo baronka ubufasha bw’abashingwamanza.”

Hari ivyaha bikunze gutuma kenshi abakenyezi canke abigeme bafungwa…

Ivyaha nko kwaka canke kugerageza kwaka ubuzima, kwica ibibondo baba bibarutse, gukorora inda, uburozi n’ibindi. Ivyo bituma abakenyezi bahanwa bakajanwa mu ma bohero nk’uko bivugwa n’umwigisha mu vy’imibano muri kaminuza y’Uburundi Vénérand Nsengiyumva.

Afatiye ku caha co kwica ibibondo, Nsengiyumva amenyesha ko ivyo vyaha n’ubwo bikorwa bitumwa n’uko ababa babatwaje imbanyi baba babihakanye, abandi bafashwe ku nguvu. Ko iyo baremerewe n’imiryango baca bahitamwo gukora ivyo. Ikindi ngo gituma abakenyezi bakora ivyo ngo haraho baba batwaye imbanyi atari iy’uwo bubakanye bagaca bahitamwo gukorora iyo mbanyi kugira ntibirukanwe mu rugo.

Abakenyezi bari mu mabohero bahura n’ingorane zitandukanye

Iyo abakenyezi bafunzwe, benshi barahebwa n’imiryango yabo kubera ivyaha baba bakoze, abandi hari aho bava mu mabohero bagasanga abagabo barazanye abandi bagore, kwinubwa mu kibano n’ibindi. Ivyo rero bituma bibagora gusubira kumenyera mu miryango yabo. Hari n’abaca barwara akabonge, nk’uko bivugwa na Goreth Nisabwe wo mw’ishirahamwe Terres des hommes.

Goreth Nisabwe, ahurikiye mw’ishiramwe « Terre Des Hommes »

 Nisabwe ati: “Ingorane ntiziba kuri abo bakenyezi gusa. N’abana barashikirwa bakabaho nabi kubera ko badasubira kurerwa n’abavyeyi bakwiye: bamwe bagaca bigira mu ngeso mbi, hari n’aho babwirwa ko nyina wabo yapfuye kubera haba haheze igihe kinini batamubona, gutyo ivyo bigatuma umuvyeyi avuye mu munyororo bigorana ko abana bamwakira nk’umuvyeyi.  Hari aho bituma uwo mukenyezi yumva yopfuma asubira mu gasho kubera kuremerwa n’ivyo ashikiyemwo. Ku bana bafunganywe n’abavyeyi baragira ingaruka ku magara y’abo mu bijanye no gukura kuko ingaburo baba bariko bararonka zitaba  zijanye n’ivyo bakeneye.”
Yongera ati: “Mu gasho, umuvyeyi yama ariko arafungura umuceri n’ibiharage iminsi yose kandi n’umwana ni vyo yonka, mbere ni na vyo afungurako. Ivyo vyose bituma umwana adakura uko bitegerezwa kuko aba ari mu kibanza atagenewe kandi akakibamwo ata ruhara yabigizemwo.

Abakenyezi bari mu mabohero bokwigishwa imyuga…

Umushingwamanza Eliane Kaneza amenyesha ko abo bakenyezi baba bapfunzwe bakwiye kwigishwa imyuga mito mito nk’uko bamwe basanzwe babikora nko kujisha ibiseke, inkoko, gushona eka n’ibindi kandi bagafashwa kugira bashobore kuronka amasoko y’ivyo bakoze, kugira bashobore kwibeshaho mw’ico gihe eka no mu gihe boba bavuye mw’ibohero.

Ikindi ngo abo bakenyezi bohabwa inyigisho igihe bari mw’ibohero kugira bashobore kubona ko bakoze amakosa bibarinde kuzosubira kuyakora kandi, ngo n’ikibano cotegurwa kugira gishobore kwakira uwo mukenyezi kuko benshi usanga ikibano kiguma kibatunga agatoki inyuma yo kuva mw’ibohero.

Iyo nkuru yanditswe na Ninette Inkamiyayera, yakurikiranye ivyo kumenyesha amakuru muri kaminuza y’Uburundi, asanzwe yimenyereza mu ruganda Jimbere

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top