Ivyo vyashikirijwe na Ferdinand Mberamihigo, umuhinga w’indimi akaba n’umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi, yunganirwa na Cyriaque Ntaconzoba, akora mw’ishirahamwe UHACOM rihurikiyemwo abarimyi, hari ku wa 29 Myandagaro 2024 aho rya sekeza ngarukamwaka Curijambo ryariko ryihweza igisata c’uburimyi n’ubworozi.
Cyriaque Ntaconzoba avuga ko ico gisata kirimwo amajambo ari mu gifaransa gusa maze agatuma bitorohera abarimyi gutahurana, aho mbere abenshi badashimishwa no kwitwa abarimyi kuko ari umwuga usa n’uwuciriritse. Bakirengagiza ko uburimyi ari igisata gikomeye, gitunze abarundi muri rusangi, kuko bagera ku bice 90% birenga vy’abakozi bari mu Burundi.
Mu kumwunganira, Ferdinand Mberamihigo agira ati: « Umuntu wese atagira ico akora, si umurimyi, kuko uburimyi bukorwa n’abahinga. » Mu kubishimangira, yavuze ko ico gisata gikorwa ku buhinga kugira ngo umusaruro uboneke ari mwinshi, amajambo amwamwe mur’ico gisata akagaragaza ubwo buhinga.
Amajambo nka « campagne agricole », « agroécologie », « pratique agricole », « changement climatique », « pesticide », « agribusiness », « frizone », « angrais chimique », « saison culturale », « agriculture sous serre » n’ayandi ari amwe mu majambo akunda kugora abarimyi ku kugene yovugwa mu Kirundi kugira ngo bashobore gutahurana neza.
Abakunzi b’ikirundi, bafadikanije n’uwo mwigisha hamwe n’uwo muhinga w’indimo, barashoboye gucura amwe muri ayo majambo nka:
- Pesticide: Umuhónyatwônōnyi (gisigura umuti uhonya udukoko twonona), aho ni mu gihe abarimyi bahora bifashisha ijambo « imiti kama »
- Arrosoir: Ikivōmerēsho
- Campagne agricole: isekeza ry’úburimyi
- Agribusiness: uburimyi nzanamafarānga
- Culture spéculative: ibitěrwa nzanamafarānga
- Agriculture intensive: uburimyi ngwîzamwìímbu
- Angrais chimique: « Ifŭmbire mvârugănda » canke « umwāvu mvârugănda »
- « Saison culturale » ni « urubu rw’irima »

Abakunzi b’ikirundi bashimye gushimangira ijambo « urubu », ryahora ryifashishwa kera ariko ubu ryari ryaribagiranywe. Băkunda kurikoresha mu kuvuga ngo « kuja imbu » canke « gutana imbu » bashatse gusigura « gukurakuranwa mu kurima ». Ntibarimira rimwe. Umwe arimye uwu munsi, uwundi yarima ejo, bakagenda baraguzaguza. Ijambo « imbu » riri mu bwinshi, urishize mu rudende ricika ijambo « urubu ».
Ariko kandi nk’uko Mberamihigo abisigura, abantu ntibakwiye kwitiranya iri jambo n’ijambo « urubu » ryerekeza ku mata ngo kuko ijambo rishobora kuba rimwe ariko rikagira insiguro zitandukanye bivanye n’aho rikoreshejwe. Abakunda kuyita « isizeni » barahushana n’insiguro y’iryo jambo nk’uko bivugwa na Mberamihigo. Agira ati: « Isizeni ni umwanya w’ishora ry’ivyimburwa ntabwo ari ikiringo cose c’irima ».
Hambavu y’ayo majambo yacuzwe, hari n’ayandi majambo abakunzi b’ikirundi bashimye kwemeza mu kworohereza abarimyi ku kuntu bari basanzwe bayita:
- Agronome: « umuhinga w’indimo » canke « umufundi w’indimo »
- Changement climatique: ihindagurika ry’ibihe
- Agro-écologie : uburimyi burama, uburimyi bwubahiriza ibidukikije
- Agrafage : « ukwimisha » canke « ukwõrekēra (ibiterwa)
- Vétérinaire: umuganga w’ibitungwa
- Écologie: icigwa c’isano riri hagati y’ibinyabuzima n’aho biba
Mwomenya ko amahuriro ya Curijambo akurikira ategekanijwe ku wa 12 na 19 Nyakanga 2024, azoba ashingiye ku majambo yo mu gisata c’ubuhinga bwa « TIC » (Technologie d’Information et de communication).




