Jimbere

ikirundi French English
IKIRUNDI

« Voiture électrique » mi kirundi ni « umuduga ndahurigwa »

Mwigisha Fleury Nahimana, asanzwe yigisha kuri Kaminuza y’Uburundi

« Ehe wa mugabo afise imodoka isharizwa! » Uko ngo ni ko Mwigisha Fleury Nahimana ahora yumva bavuga bamuroreshako mu gushaka kuvuga ko afise imodoka ikoreshwa n’umuyagankuba.

Ico kikaba kimwe muri vyinshi bigorana gutorera imvugo mu vyerekeye ubuhinga bwo gutumatumanako. Ikiyago ca « Curijambo » yo kuri uyu wa 31 Mukakaro 2025 rero, cari cerekeye igisata co gutumatumanako amakuru.

Kubw’umutohozandimi Ferdinand Mberamihigo, kwitiza ijambo ryo mu rundi rurimi vyari ibisanzwe ikibazo ni uko hagera ahantu ugasanga hasigaye hakoreshwa ururimi rw’ikiburirane. Agira ati: « Abazungu bagerageje kutwumvisha ko tutoshobora kuvuga ivyerekeye ubuhinga mu ndimi kavukire z’iwacu. Ariko n’aho bir’uko, kubumba harimwo ubuhinga kuko urinda kumenya urugero rw’ibumba uvanga n’ibindi bikoresho. »

Yongeye ati: « Mu gucura naho nyene habamwo ubuhinga mu kumenya urugero rw’umucanwa ukuriramwo icuma. Co kimwe no kugana urwarwa, utegerezwa kumenya uko umwambiro ushiramwo ungana, urugero rw’amazi ushiramwo n’ibindi. Abarundi rero barafise ubuhinga bwabo kavukire, kandi buri kimwe bakagira uko bacita. Ibitaratorerwa amazina rero, ni akaryo keza ko kuyacura »

Uyo munsi amajambo yacuzwe ni aya:

🔘 Recharger: kurahura
🔘 Chargeur: indahuzo
🔘 Voiture électrique: umuduga ndahurigwa
🔘 Réseau: umuhora
🔘 Lien: iyinjiriro

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top