Jimbere

ikirundi French English
INYUBAKO

Vuba cane, station itanga umuyagankuba ku miduga iwunywa irugurura

« Ibikorwa bijanye no kwubaka station itanga umuyagankuba ku miduga isanzwe iwukoresha vuba birasozerwa ». Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa 22 Munyonyo 2025 na Evrard Havyarimana arongoye ishirahamwe Growth Eletric Mobility (GEM e-mobility), igihe ryagenderwa n’abashikiranganji babiri, Dr Alain Ndikumana ajejwe ivy’ubutunzi bw’igihugu, hamwe na Dr Hassan Kibeya mu vyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu.

Iyo station iriko yubakwa muri komine Mugere, mu ntara ya Bujumbura, zone Kinindo, ha mpande y’ibitaro Kira, izokoresha umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba ku bice 100%. Izotanga umuyagankuba ungana na 120KWH, ikazoshobora kubika uwungana na 250 KWH. Ivyo bikazofasha guha umuyagankuba imiduga iri hagati ya 30 na 50 ku munsi, kuko izoba ifise inkingi 4 zo gutanga umuyagankuba.
Bitegekanijwe ko izotangura gukora ku mugaragaro muri Nzero 2026.

Ku bwa Evrard Havyarimana, « ni iterambere ku barundi no ku gihugu, kuko ino station ije kwunganira muri kino gihe igitoro kitaboneka ku rugero rushimishije. Ni nayo yambere ifise ubushobozi bunini muri kano karere ka Africa y’ubuseruko. »

Larissa Dushime ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ikigega ca Reta, yamenyesheje ko uwo mugambi uje hageze: « Iyo station izokworohereza abafise imiduga ikoresha umuyagankuba kandi n’uburyo Reta yahora isohora mu kugura igitoro mu mahanga buzogenda buragabanuka uko iyo miduga izorwira. »

Yabandanije amenyesha kandi ko uwo mugambi wari waravuzwe mu nama y’abanyamitahe « Table Ronde » yabaye mu mpera z’umwaka 2024, ubu rero ukaba ushizwe mu ngiro.

Mu gusozera Evrard Havyarimana yahamagaririye n’abandi kwijukira uwo mugambi arongera amenyesha ko hategekanijwe ukwo umuntu yokoroherwa mu kuwurangura naho hoba mu gihugu hagati maze izo stations zikwire igihugu cose.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top