Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Muri Regideso bati: «Amazi agiye gutangwa nkuko vyahora mu gisagara ca Bujumbura»!

Igikorwa co gukura ibumba n'urubobi biba bishashe ku mucanga w'ikiyaga Tanganyika bibuza amazi kurengana

Mu gihe hari hibonekeje ingorane yari yabaye iturutse ku bikono vyakira amazi avuye muri Tanganyika yatuma amazi atarengana neza, Muri Regideso barahumuriza abanyabujumbura ko, ubu amazi arengana nkuko yahora. Abahora bayaronka bazoyaronka nkuko vyari bisanzwe.

Abatari bake mwaravyisomeye bica ku mbuga ngurukanabumenyi ko mu makaritiye y’igisagara ca Bujumbura hagiye kugaruka ikurakuranwa ry’itangwa ry’amazi. Nta nkeka ko bamwebamwe nk’abo mu makaritiye ari ku mpera z’igisagara bari batanguye kugira ubwoba biyumvira ukuntu bagiye kuza barabura amazi, na cane cane ko amazi ari ubuzima.

Muri Regideso rero bagarutse bagira bati: «Ni muhumure uko mwahora muronka amazi nta kizohinduka kuko akabazo kari kadutse k’ibikono vyakira amazi avuye muri Tanganyika vyari bimeze nk’ivyazivye biturutse ku mvura nyinshi twaciye tugatorera umuti mu ndwi imwe gusa». Bongera ko kandi bati: « N’ahari ingorane na canecane mu makaritiye aherereye ku mpera z’igisagara turiko turakora ibishoboka vyose kugira ico kibazo na ho nyene kive mu nzira».

Kugira atange umuco neza, Fabrice Nkurunziza umuyobozi ajejwe ivy’amazi muri Regideso avuga ko iyo nkuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi yanditse ukutariko. Agira ati: «Nari navuze ko muri urya mwanya imvura yariko iragwa ari nyishi hashobora kuba ikurakuranwa mu gutanga amazi. Ariko kubera ko yaciye igabanuka ata vyinshi birononekara, amazi aguma atangwa ukuri kwamye».

Imvo y’utugorane twari twibonekeje yatuma amazi atarengana

Uyo muyobozi ajejwe ivy’amazi muri Regideso avuga ko imvo ahanini y’iziba ry’ibikono vyakira amazi, yari yaturutse ku mvura nyishi cane yariko iragwa muri Congo, mu Rwanda no mu Burundi. Ivyo bikaba vyatumye habaho igice c’ivyondo vy’ibumba bicanze n’urubobi (Algues) bizanana mu ruzi Rusizi. Avuga ati:«Kubera uruzi Rusizi ruzanana inguvu nyishi, rurinjira no muri Tanganyika rugashika aho twebwe dufatira amazi muri Tanganyika ku birometero bitatu n’igice. Iyo ruhageze rero ruca ruhomekako rya bumba rwakukumuye ricanze n’urubobi bigaca bisasa ku mucanga bikamera nk’isashe gutyo bikazibira inzira zituma amazi arengana». Yongera kandi akamenyesha ko ivyo vyabaye mu kiringo c’iminsi nk’itatu gusa naho ibikorwa vyo kuhasibura vyabatwaye indwi yose.

Nayo ngo abavuga ko hari amakaritiye atigera abura amazi naho hokwaduka utugorane, Fabrice Nkurunziza avuga ko bivana n’ahantu ikaritiye iherereye. Agira ati: «Amakaritiye yo hagati mu gisagara baronka amazi 24/24h kubera ariho imihora itwara amazi iri. Amakaritiye ari ku mpera z’igisagara n’iyo agira ingorane, ariko naho nyene turagerageza kurondera ingene tuyafatira hirya no hino kugira na yo nyene aronke».

Mwomenya rero ko amazi agaburira igisagara ca Bujumbura ahanini ava mu kiyaga Tanganyika, ariko hariho n’umuhora w’amazi ava mu Buhonga, uwuva muri Kanyosha ahitwa Misumba n’uwuva mw’Isare. Hari n’uwundi uriko urigwa neza uzohava uyakura mu Rugazi mu ntara ya Bubanza, nkuko bivugwa n’uyo ajejwe ivy’amazi muri Regideso.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top