Kuva muri ruheshi umwaka wa 2019, amazu ane ariyo TIPC, KLK, UBUCOM na BESCO ni yo yashoboye kugiriranira amasezerano na Regideso kugira aze aragurisha amakonteri kuri buri muntu wese yipfuza amatara n’amazi ku muhana iwe.
Ku mvo z’ibikorwa vyinshi vyarangurwa n’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi Regideso, vyarashika ko iyo umunywanyi asavye kuronka amatara amara iminsi atarashobora kuronka ibikoresho bimufasha kuronswa ivyo yasavye. Gutyo bigiriye inama yo gukorana n’abadandaji bashobora kurangura ivyo bikoresho Regideso igasigara ija gutunganiriza umunywanyi mu kumushirira ku nzu ikonteri.
Ntawodeha ko hari akarusho
Ntahondi Aloys ni umunyagihugu yaguriye konteri yiwe mu minsi iheze mu nzu y’ubudandarizo izwi kw’izina rya TPIC, agira ati: «Jewe ntaraja kugura ikonteri barambwira ko ari ibintu bigoye cane. Ko ntaronse muntu asanzwe akorera muri ico gisata abimfashamwo, birateba cane ku buryo vyashobora kumara amezi atandatu mbere anarenga ntararonswa konteri. Ariko ivyo bambwira nasanze atari vyo kuko naragiye kuri Tpic ndariha amafaranga ya konteri n’ibindi bikoresho bijana kugira amatara anshikire muhira. Inyuma y’ukwezi kumwe gusa naraciye ku biro vya regideso nsanga baramanitse intonde z’abasavye amatara nanje bandabiye nasanze ndimwo gutyo inyuma y’imisi mikeya cane ndindiriye nagiye numva abo mu biro vya regideso bampamagaye bambwira ko baje kunshirira amatara mu nyubakwa yanje ».
Na Marise Nzobonimpa ajejwe ivy’ugutumatumanako amakuru muri regideso ntahakana iryo teba ryibikoresho. Agira ati: « bivanye n’ibitigiri vy’abarondera amakonteri wasanga atari bike vyiyongera ku bikorwa bitandukanye dusanzwe turangura, vyarashika ko umunywanyi amara iminsi itari mike atararonswa konteri bigatuma imyidogo yumwe n’uwundi yumvikana. Nubwo akabeyi kiyongereye gato ku mvo zuko ayo mazu aba yaranguye akenera akunguko, ubu birihuta cane mbere n’abanyagihugu barabishima cane ».
Ariko n’utunenge ntitubuze
N’ubu hari abamara amezi atari make barasavye amakonteri ariko gushika ubu batarazironswa. Aho twovuga nk’abo muri koperative Terimbere iri muri Mpanda bamaze iminsi itari mike bararihiye konteri yabo mbere baranatwara fagitire muri Regideso ariko gushika ubu bakaba batarashobora kuyironka. Amazu ajejewe ubwo budandaji bo bavuga ko ivyo batabikurikirana kuko bo ububasha bwabo bugarukira ku kurungikira Regideso icemeza ko umunywanyi yarishe gutyo regideso ikabandanya imutunganiriza kuko ari na yo ifise ikongera igakurikirana ububiko bw’izo konteri gushika ironkejwe uwayisavye.
Mu gihe kuwa 19 Munyonyo ariho umuyobozi mukuru wa Regideso yasohora itangazo ahamagarira abanywanyi bayo barishe devis za konteri zabo mu mwaka wa 2017 na 2018 ko boza kwimenyekanisha ku biro aho barihiye kugira babatunganirize, Marise Nzobonimpa yasiguye ko abanywanyi bari basanzwe barabimenyeshejwe ko iryo teba ryatumwe n’iryo hindagurika gutyo haca habanza kuronka abari baguze babicishije kuri y’amazu asanzwe acuruza ibikoresho vya Regideso.




