Mu banywanyi ba Regideso agashavu karaniga. Inyuma yaho uburyo bwo kugura umuyagankuba biciye mu nzira ya Payway buhagarikiwe kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2020, haribonekeza imirongo miremire y’abagura imiyagankuba ku biro vy’ishirahamwe Regideso. Muri Regideso na ho bati: « Nimuhumure. »
Turi ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 6 Nzero 2021, haracari igihe c’isaha imwe z’igitondo. Ni ku biro vya Regideso biri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Umurongo w’abakiriya bagura umuyagankuba n’amazi w’ishirahamwe rya Regideso wamaze kuba muremure. Imyidogo na yo ni ko igwira. Ntakarutimana Cyriaque umwe mu bo twahasanze agira ati: « Ubu bisigaye bitugora kuronka umuyagankuba n’amazi kuko usanga turinda gutonda imirongo mu bibanza Regideso yashinzeho kugira bitunganirize abaguzi, ivyo na vyo bikaba ari bike cane. Ariko tukigurira muri Payway, ntabwoba twigera tugira ngo amatara araduherana kuko n’iyo haba mu gicugu twarashobora kuyagura biciye kuri terefone. »
Na Ndayiragije wo mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura ntatangwa no kwidogera Regideso avuga ko kugura amuyagankuba ubu bisigaye ari igikorwa umuntu arinda gupangira umwanya wavyo. Kuko umuntu arinda gutonda umurongo udahera mu bibanza vya regideso bikanamutesha umwanya wo kwikorera n’ibindi bikorwa vyo gutunga umuryango.
Louis Mutima, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe regideso, avuga ko ico kibazo bakibonye kandi ari nayo mpamvu baciye banongereza utuzu tudandarizwamwo umuyagankuba mu bibanza bitandukanye haba mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu gihugu hagati, ngo baranongereje n’abakozi bakora muri ico gisata hamwe n’umwanya wo kudandaza umuyagankuba urongerezwa kugira barabe ko abaguzi bokworoherezwa.
???? PaywayBurundi ntirekuriwe gusubira kuja kurangura ama « unités » y’umuyagankuba muri #Regideso kuva kur’uwu wa 05…
Posted by JimbereMagazine on Wednesday, December 2, 2020
Regideso ishira ibibanza vyo kuguriramwo umuyagankuba mu mabanki
Louis Mutima amenyesha ko ishirahamwe Regideso ryagiriraniye amasezerano n’amabanki amwe amwe nka BCB, ubu umuntu akaba ashobora kugura umuyagankuba ku bakozi ba Regideso abasanze mw’ibanki BCB. Muri iyo ntumbero nyene, Louis Mutima avuga ko baciye bumvikana n’izindi banke, aho nka Interbank Burundi bamaze kugiriranirana amasezerano hamwe na BGF. Amasaha n’iminsi yo gutangirako umuyagankuba birongerezwa eka mbere no ku mirwa mikuru yose y’intara harashirwaho ibibanza vyo kugurirako umuyagankuba.
Ngo naho ishirahamwe Regideso ryagize uwo mutima wo kugwiza ibibanza, Louis Mutima avuga ko usanga imirongo y’abanywanyi barondera umuyagankuba ku biro vy’ishirahamwe Regideso ari miremire mu gihe mw’ibanki BCB usanga ari bake. Ivyo bikerekana ko abanywanyi b’ishirahamwe Regideso bataramenya ku rugero rukwiye ubwo bundi buryo bashobora kuguramwo umuyagankuba batarinze gushika kubiro vya Regideso.
Iruhande y’ivyo kandi, uwo muyobozi w’ubudandaji arongera akamenyesha ko ubu mw’ishirahamwe Regideso hariko haraba itunganywa gushasha ry’ibijanye n’ubuhinga bugezweho (informatisation) kuko iryo shirahamwe ngo ryari risanzwe rikoresha ubuhinga bavuga ko bwoba butari bukijanye n’ibihe. Ariko rero, mwomenya kandi ko abadandaza ba Payway boba bashika 600 bahora badandaza umuyagakuba n’amazi vya Regideso bidoga ko batagiye kugira ayo bacira n’ayo bamira inyuma yaho Regideso ihagarikiye gukorana na Payway.




