Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

PAIFAR-B, umugambi ufasha abarimyi gushikira ingurane zitavuna

  • Umugambi wa Reta PAIFAR-B ufashwe mu mugongo n’ikigega mpuzamakungu citaho iterambere ry’uburimyi FIDA uje ari inyishu ku bantu b’abakene ruhebwa.
  • Uyu mugambi ubaronsa imbuto zitandukanye zo gutera mu mirima, ukabafashisha amafaranga angana n’ibihumbi mirongindwi na bitanu vy’amarundi (75.000 Fbu) buri kwezi yo kwitunganiriza imigambi mitomito, ukaba ugiye no kubaronsa ibitungwa bitobito nk’impene, ingurube, … 
  • Uranafasha n’abahurikiye mu makoperative gushikira ingurane itavuna. Izo mbuto zikaba zitangwa muri ikigihe havurwa ikiza ca Covid-19 hamwe n’ihindagurika ry’ibihe.

Kw’igenekerezo rya 5 Munyonyo 2020, umugambi PAIFAR-B waratanze imbuto zingana n’amatoni 6 y’ibiharage hamwe n’amatoni 6 y’ibiraya ku ngo zikenye cane zo muri komine Rugazi na Musigati mu ntara ya Bubanza. Jérôme Bazirutwabo, umugabo w’abana 4, ari mu bafashwa na PAIFAR-B, avuga ko asanzwe abayeho mu buzima bubi cane, ubonako anava mu muryango w’abatwa bo muri komine Rugazi.

Ariko ubu biciye kuri PAIFAR-B, umunezero ni wose kuko aheruka kwugururizwa konte muri kopeke atangiwe amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi 10.000Fbu, aca anaronswa amafaranga angana n’ibihumbi mirongitandatu na bitanu vy’amarundi (65. 000Fbu). Kandi ngo agiye kuza arafashishwa amafaranga angana n’ibihumbi mirongwindwi na bitanu vy’amarundi 75. 000Fbu buri kwezi yo kwitunganiriza imigambi mitomito izomufasha kuva mu bukene.

Agira ati: « Mu mahera babanje kuduha, naciye ndanguramwo amakara ndandaza. Ubu ndaronka inyugu n’umutahe nkawugumana. Kera bahora bavuga ngo umutwa ntatunga kubera ubunebwe bwiwe, rero ubu twarigishijwe ko uwukoze atunga. Jewe, ko ndose akaryo keza ko gusimba, ngire nsimbire kure biciye mu gushira mu ngiro inyigisho mpabwa na PAIFAR-B. Uwu mugambi uje ari inyishu ku bakene ruhebwa». Anavuga ko ukwezi nikwahera bakabaha 75000Fbu, yateguye ko hampande y’amakara adandaza, azoca akotesha imirima, arime, ayasigaye arangure irengarenga n’imisigati aronderere mu tuntu twinshi dushoboka. Akizera ko mu mwanya muto, azoba ari umutunzi, abana bige baminuze, maze na we yigurire imoto, gutyo amere nk’abandi.

Na Nahimana Jeannette, umupfakazi yireranye abana, arishimira ko PAIFAR-B ije kumukura habi. Uyu avuga ko ubuzima bwiwe bwarangwa n’amarira kubera yafungura rimwe ku munsi nahonyene arinze guca ingero. Ngo yararima ntatere kubera kubura imbuto. Ariko ubu, akamwemwe asigaye afise gaserukira ku munwa.

Avuga ko uwo mugambi w’igihugu, wamuronkeje imbuto y’ibijumbu aratera. Amahera yaronse ahejeje kwugururizwa konte muri kopeke akaba yaciye ayaranguza ibitoke. Aragana agashora urwarwa, akunguka n’agahwi akarya. Imbuto z’ibiharage, ibiraya, n’ibigori yaronse avuga ko aca aja kuzitera mu kurindira ko atangura ubworozi bw’ibitungwa bitobito gushika no ku nka, gutyo uburimyi bwiwe bujane n’ubworozi, ukwenga inzoga y’ibitoke bidasigaye inyuma.

Na bahurikiye mu makoperative barihaya umugambi PAIFAR-B

Mu ntara umugambi PAIFAR-B ukoreramwo, warahaye inyigisho amakoperative y’ingene yokwitunganya neza kugira ashike ku mahangiro yo kwiteza imbere. Uranayafasha kuronka ingurane vyoroshe uyahuje n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Ildephonse Nahimbazwe, umunyamabanga wa Koperative Terimbere Mpanda iri mu ntara ya Bubanza, avuga ko ivyiza umugambi wa PAIFAR-B umaze kubagezako ari vyo kwishimira.

Ubwa mbere ngo vyarabagora kuronka ingurane y’uburimyi, ariko ubu, biciye mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Twitezimbere, baronse ingurane y’imiriyoni mirongo umunani z’amarundi (80.000.000Fbu) bakaba barihishwa inyungu ya 8%. Iyo ngurane ikaba yarafashije abahurikiye muri iyo koperative kurangura ibikorwa vyabo neza kandi na koperative iguma itera ija imbere. Iyo koperative Terimbere Mpanda igizwe n’abanywanyi 225 harimwo imiyabaga n’abakenyezi 151. Benshi bakaba ari abarimyi n’abadandaza umwimbu w’umuceri.

Dusengimana Théoneste arongoye koperative Ihangiro yo muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza avuga ko umugambi wa PAIFAR-B bawungukiyemwo ubuhinga bwinshi. Agira ati: « Twararonse inyigisho zijanye no gutunganya ivy’ubutunzi, ingene dushobora gushora ivyimburwa twimbuye no kubibika neza mu bubiko bwiza bwa koperative. Twarigishijwe ingene dushobora gusaba ingurane kugira abanywanyi ba koperative bashobore kwiyungunganya. » Théoneste amenyesha ko batanguye bafise itoni 20 z’umuceri abanywanyi bimbuye baregeranya.

Hama biciye ku ngurane y’amafaranga imiriyoni mirongumunani y’amarundi (80.000.000Fbu) baronkejwe muri Twitezimbere, baciye bakoresha imiriyoni mirongo ine na zitandatu z’amarundi (46.000.000Fbu) kubera umuceri waciye uhera. Ubu bakaba bari bafise itoni zababa 59.  Ikiro c’umuceri bakigura 800 Fbu, ubu bakaba bariko bawusohora ku gihumbi (1.000Fbu) canke igihumbi natanu (1.050Fbu). Iyo koperative irimwo abanywanyi 155 b’abarimyi n’abadandaji b’umuceri.

Anitha Nininahazwe arongoye koperative Rwiz’umuceri- Nyakagunda irangwa n’icivugo kigira giti: “Turwany’umugwazo, duterimbere twese” na we nyene arishimira uwo mugambi. Uwu muyobozi avuga ko kuva batanguye gukorana n’umugambi wa PAIFAR-B, wabafashije kuronka ingurane y’uburimyi y’imiriyoni mirongo ibiri y’amarundi (20.000.000Fbu) yabafashije kurangura ibikorwa bijanye n’uburimyi. Kandi ngo bararanguye umuceri mu kero kawo ku 1.500Fbu ku kiro, ubu bakaba bariko bawusubiza ku 1.700 canke 1.800Fbu ku kiro. Anitha agahamagarira abantu bose bari mu makomine uwo mugambi uranguriramwo ibikorwa kwijukira kuja mu ma koperative, maze na bo bakungukira ku bufasha n’inyigisho z’umugambi wa PAIFAR-B.

None ni irihe hangiro rya PAIFAR-B ?

Umugambi w’igihugu PAIFAR-B ufise intumbero yo gufasha kugwiza amikoro mu benegihugu bakenye cane no kubafasha kuronka ingurane zitavuna, akabirya mw’iterambere ridakumira kugira bashobore kwigishwa no kwirangurira imigambi mitomito.

Mélance Ntirampeba ajejwe gukurikirana no gusuzuma ingene ibikorwa vy’uwo mugambi biriko birarangurwa ku rwego rw’igihugu, avuga ko umugambi PAIFAR-B uzoshikira ingo zose hamwe 99.200. Harimwo ingo 5.000 zikenye cane zitagira ico zitanga nk’ingwati mu gusaba ingurane, ingo 6.000 z’urwaruka rwo mu mitumba, ingo 9000 z’abantu bari mu mashirahamwe y’ubwishingiranizi (groupe de caution solidaire), ingo 60.000 ziri mu makoperative yo kugwiza umuceri hamwe n’ingo 19.200 ziri mu mashirahamwe yo kugwiza umwimbu w’amata.

Ntirampeba amenyesha ko izo ngo 5000 zikenye cane ziri mu mugwi bita MASI (Mécanisme d’Accompagnement et de Soutien Inclusif) zizoshigikirwa kandi zigafashwa kuva mu bukene. Abo rero bakaba batowe mu ntara 5 ari zo: Bubanza, Kayanza, Gitega, Cankuzo na Rutana. Muri izo ngo, zirimwo abagore 2.423, abagabo 2.577; murabo harimwo urwaruka rungana 1.777 hamwe n’abatwa 412.  Izi ngo ziri muri uwu mugwi (MASI) zikaba zifashishwa amafaranga 75.000Fbu buri kwezi, azosahiriza mu kurangura imigambi mitomito. Bazoronka itoni 25 z’imbuto y’ibiraya, itoni 2.000.0000 z’imbuto y’ibijumbu hamwe n’itoni 30 z’imbuto y’ibiharage. Izo ngo zikaba zizokurikiranwa kandi zikigishwa ku bijanye no kuziganya no kuguranana.

Mwomenya rero ko umugambi wa Reta PAIFAR-B watangujwe icese ku wa 14 Nyakanga 2018, ukazomara imyaka 7 kandi ukazokorera mu ntara 14 ari zo: Bubanza, Kayanza, Gitega, Cankuzo, Rutana, Makamba, Rumonge, Cibitoke, Ngozi, Muyinga, Karusi, Muramvya, Bujumbura na Ruyigi, ukazonashika mu makomine 56. Abari muri uwo mugambi, ubwa mbere ni abari basanzwe bafashwa niyindi migambi ifatwa mu mugongo na FIDA kugira bafashwe gushikira ingurane itavuna, gutyo biteze imbere.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top