Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

«Reta ngo ntiyari ikwiye gushinga ibiciro kiretse ishaka gushiraho ikigega c’intega bizoza…»

Ibiciro vy'ibifungurwa vyaraduze ku masoko

Kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante 2022, Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo uburimyi bwarafashe ingingo yo gushinga ibiciro ku bifungurwa nk’ibigori, ibiharage, ibiraya n’umuceri, ariko bikaba bitigeze vyubahirizwa na gato ku masoko yo hirya no hino mu Burundi.

Ibiciro vyari vyashinzwe uku : ikiro c’intete z’ibigori umurimyi yari kugurirwa 800 Fbu, mu bubiko bw’ikigo ANAGESSA akaba 1.100 Fbu, umuguzi nawe akabironka ku 1.200 Fbu.  Ikiro c’ibiraya ku murimyi yari 700 Fbu ku muguzi yari 900.Fbu. Ikiro c’umuceri usanzwe ku murimyi yari 1.200Fbu, mu bubiko bw’ikigo ANAGESSA yari 1.500Fbu ku muguzi yari 2.200 Fbu. Umuceri mwiza w’intete ndende umurimyi yari kugurirwa 1.300 Fbu, mu kigo ANAGESSA yari 1.700 Fbu na yo ku muguzi yari 2.400 Fbu.

Ikiro c’ibiharage vy’umuhondo ku murimyi yari 1.400Fbu, mu bubiko bw’ikigo ANAGESSA yari 1800Fbu, ku muguzi yari 1900Fbu. Ibiharage vy’ubwoko bumwe atari  ivyumuhondo ku murimyi ni 1300Fbu, mu bubiko bw’ikigo ANAGESSA ni 1700Fbu ku muguzi ni 1800Fbu.  Na yo ibiharage bivanze umurimyi akaba yari kugurirwa ku kiro ni 900Fbu, mu bubiko bw’ikigo ANAGESSA ni 1300Fbu, umuguzi nawe akabigura ku 1400Fbu. Déo Guide Rurema umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi akamenyesha ko ishingwa ry’ivyo biciro ryisunga inguvu umurimyi aba yakoresheje kugira ngo nawe abashe kwihanagura akuya yabize.

Naho ivyo biciro vyashinzwe, nta na hamwe vyigeze vyubahirizwa kuko usanga nko ku biharage canke umuceri ibiciro vyiyongereyeko amafaranga arenga 1.000 Fbu mu kiringo c’amezi abiri gusa. Abaguzi bakaba baguma bidoga bavuga ko abadandaza bahonyanga ibiciro vyashinzwe na Reta, mbere ko abikika mu kiza mu kuduza ibiciro bofatwa bagahanwa.

Ariko rero baba abadandaza canke abarimyi bavuga ko bitokunda ko ibiciro vyubahirizwa kuko hari uburyo bakoresha Reta itigera imenya. Ahishakiye Pierre umudandaza wo mu ntara ya Kirundo avuga ko nk’iyo bagiye kurangura umuceri, ibiharage n’ibindi ababipakira n’ababipakurura bose babaha amafaranga. Ngo hari n’ibitasi vya komine bariha. Eka na Antoine Manariyo umurimyi wo mu ntara ya Bujumbura avuga ko imbuto bayigura ugutandukanye n’abakozi babahemba ayatandukanye bivanye n’aho bari ku buryo Reta ivuze ngo ishinge ibiciro yosanga hari ivyo itakurikije.   

Eka hari n’abavuga ko ikigo ca Reta ANAGESSA, kidakenewe mu kugura umwimbu w’abarimyi kuko gituma inzira abaguzi bakuramwo ivyo bagura ziba nyinshi. A.M ati : « Nk’ubu umurimyi agurishije na ANAGESSA ikiro c’umuceri mwiza ku 1.300 Fbu, kigeze mu bubiko bw’ico kigo abadandaza ni bo baca baja ku birangura ku 1.700 Fbu babishikanye umuguzi aca uwugura ku 2.400 Fbu. Iyo biguze uwundi aja ku bidandaza mw’ibutike aca aduza ibiciro. Icokworoha, umudandaza n’umurimyi bokwiyumvikanira, Reta itarimwo. »

Ishingwa ry’ibiciro ngo ryoba ryiza rije nk’inyishu ku buzima bw’abantu batobato…

Kuri uwu wa 19 Rusama 2022 mu makuru yashikirijwe n’urunani rw’ibinyamakuru 8 (Isanganiro, Rema FM, Bonesha FM, Izere FM, Jimbere Magazine, Yaga, Burundi Eco na Iwacu), kuri ico kibazo c’ibiciro baravugishije abahinga batandukanye, maze baragira ico babivuzeko :

Niyongabo Jean Marie aserukira imbere y’amategeko urunani rw’abarimyi borozi mu Burundi FOPABU we avuga ko iryo shingwa ry’ibiciro ritigera rikorera ku kuya k’umurimyi. Agira ati: « Ishingwa ry’ibiciro ry’ibidandazwa bimwebimwe vya nkenerwa nk’ibifungurwa vyari kuba vyiza bije nk’inyishu mu buzima bw’abantu batobato nk’abarimyi borozi. Ariko ni uko hariho ababigura kuri ivyo biciro vyashinzwe kandi babigarukanye ku masoko, abari bavyimbuye ntibashobore kubigura kubera biba vyadugijwe cane. »

Anavuga kandi ko imbere y’ugushinga ivyo biciro hashobora kuba hari bimwebimwe biba bitakoreweko cane nk’ibijanye no guharura neza uburyo uyo murimyi aba yarakoresheje kugira aronke uyo mwimbu. Ngo biraboneka kandi ko bishobora kuba vyungukira abadandaza bigatuma abarimyi bihutira gusohora umwimbu hageze gusuma badashobora kubigura. Akabona ko uwo mugambi wononosorwa neza ufatiwe ku mpande zose n’abo vyega barimwo.

Nawe Léonidas Ndayizeye, umushakashatsi mu vy’ubutunzi akaba n’umwigisha muri kaminuza abona ko Reta yinjiye mu vyo gushinga ibiciro ku bidandazwa bituma hataba ubwigenge mu vy’ubutunzi. Agira ati : « Ibiciro birishira ho ugasanga vyagabanutse kw’isoko canke vyaduze bivanye n’umwimbu wabonetse uko ungana ugereranije n’abawurondera. »

Agashikiriza ko, iyo Reta ivyinjiyemwo hari igihe bidatanga inyishu nziza kuko ishobora gushiraho igiciro kiri hejuru gatoya y’icotegerejwe kuba kw’isoko, abaguzi bagaca bagura bike kubera bizimvye gurtyo hagaca habaho ibigega vyumwimbu uri ngaho kuburyo n’umwaka ukurikira umwimbu uza usanga hakiri uwundi, ibiciro bikaruhira kugabanuka cane.  Canke ngo Reta ugasanga ishinze igiciro kiri munsi y’icategerezwa kuba kw’isoko bigatuma ivyo vyimburwa bitaboneka kuko iyo bigiye ku giciro gitoyi abaguzi baca bashaka kubigura ku murindi munini hanyuma ababirima bagaca babiheba kuko ico giciro kitabaha inguvu zo kugira babandanye babikora.

Léonidas Ndayizeye akavuga kandi ko Reta yoshinga ibiciro mu gihe gusa ishaka gushiraho ikigega c’intega bizoza ivyo na vyo ngo ntibishoka bikwira igihugu cose, biba bukebuke naho nyene ngo ni mu gihe bibaza ko muri kazoza umwimbu ushobora kudakwira bivuye nko kw’ihindagurika ry’ibihe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top