Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Kubera iki bishika ikawa y’i Burundi igashoka mu kinywabi ?

Uguteba guhemba abarimyi b’ikawa, igiciro gito mu gihe mu bindi bihugu bihana imbibe n’Uburundi batanga agahembo kisununuye, ukuba hari abikorera ivyabo bayigura bakihigira isoko iyo bashaka, ivyo vyose ngo vyoba biri mu bituma ikawa y’i Burundi ishobora gushorwa mu kinywabi. Ido n’ido.

Mu Burundi, ikawa ntiyemewe ko isyererwa mu mihana. Ishorwa ibiturumbwe kandi ikagurirwa ku matonorero azwi na Reta. Ariko hari igihe bishika ikawa za nyuma na nyuma zimwe bita « Imbunya », zigatonorerwa muhira. Izo rero ziraheza zikagurwa n’ikigo ca Reta kijejwe gutunganya ibijanye n’ikawa ODECA ku giciro cashinzwe. Nk’uko bivugwa na Remy Cishahayo Buramatari w’intara ya Kayanza.

Ariko n’ubwo bibujijwe ko ikawa y’i Burundi ishorerwa ku matonorero atazwi, mbere bikaba bibujijwe ko yojabukanwa imbibe, hari abinyegeza bakazishora iyo baba bumvise igiciro kiri hejuru. Ivyo vyaribonekeje  aho ku wa 25 Rusama 2022, mu ntara ya Kayanza hafashwe ikawa itonoye yababa amatoni 27. Yafatiwe kw’isoko yo mu Dutwe muri komine Gatara. Inyuma y’aho gato harafashwe muri komine Butaganzwa ibiro 100. Izo zose zafashwe zikaba zaciye zishikirizwa ikigo ODECA, nk’uko vyemezwa na Buramatari w’intara ya Kayanza.

Mu matohoza yakozwe basanze iyo kawa ishoka mu Rwanda. Buramatari wa Kayanza ati : « Kubera ikawa y’i Burundi ifise akanovera, abanyarwanda barahevye begereza amatonorero ku mbibe ico gihugu gihana n’Uburundi kugira kize kiragura ikawa iva i Burundi ku giciro kiri hejuru mbere badasanzwe banagura ko iy’iwabo. Kugira bakwegere abarundi bazijaneyo. Aho rero kuba ari ukugira baronke ikawa y’akanovera bashobora gucanga n’iyabo gutyo babone kuyihigira isoko mu makungu.»

None kuki bazishora hanze binyegeje…

M. I umurimyi w’ikawa aba ku mutumba Nyamiyogoro, avuga ko imvo yoba ituma abantu biyumvira kuyishora hanze, ari kubera baba bashaka amafaranga yihuta (ama cash). Agira ati: «Nk’ubu umuntu aramura ikawa akajana kw’itonorero akarindira ko bamuhemba akabura. Aciye yumva aho bamuha ayabona aca azishorayo. Ikindi kandi, abantu bikorera utwabo baje kugura ikawa usanga bakorana n’amatonorero, barashobora guhenda abarimyi bakabaha amafaranga ubwo nyene ariko ku giciro kiri musi y’icashinzwe na Reta.  Izo kawa bagura mu kinyegero ni na zo bahigira isoko iyo bashaka. »

Uwundi murimyi wo mu Kabuye muri komine Kayanza avuga ko ibintu bishobora gutuma ikawa ishoka hanze mu kinyegero, ari ubusuma bubera ku matonorero, aho usanga uko umuntu ashoye bamwiba ikawa kuko bazirika iminzane. Agira ati: «Hari ukuntu ikawa uyishora wayipimye neza ugeze kw’itonorero ugasanga ibiro vyagabanutse. Babikugize akarenga gatatu wanduruka uhiga ahandi uyijana. Kandi izo kawa biba abarimyi ku matonorero ni zo zanduruka zijanwa kugurishwa mu kinywabi kuko ataho ziba zanditswe kw’ifishi. »

Mbere biravugwa ko mw’ikawa zafashwe mu Kayanza harimwo izafaboneka ko zisa n’iziva ku matonorero. Ariko buramatari w’iyo ntara avuga ko bagerageje gukora amatohoza, abakuru b’amatonorero 4 barahagarikwa, ODECA iraza gusuzuma ko ata kawa zoba zarahanyurujwe isanga ntazo. Ariko uwo mu buramatari avuga ko mu bafatanywe itonga z’ikawa, hari abafatanywe imashine 3 zigezweho zitonora ikawa.

Hoba hari ibiriko birakorwa kugira ikawa ntize irashorwa mu kinyegero?

Umushikiranganji mu vyo ajejejwe harimwo uburimyi Déo Guide Rurema ati: « Abantu bari mu gisata c’ikawa benshi nta n’ikawa bafise. Bagura ikawa z’abanegihugu. Imbere yuko Reta ifata ingingo yo kuzikurikiranira ibintu vyari vyayangaye. Mu 2015 abarimyi b’ikawa bari baheraniwe amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi 2. Abari mu bisata vy’ikawa barayigurira abarimyi ku giciro gito cane kitarenga amahera 400 Fbu ku kiro. hanyuma bakazishora, amahera bakuyemwo bagakubita ku mufuko. Ntibabahembe. Ubu vyarahindutse tubahemba ku gihe. Amashirahamwe na yo adahemba abarimyi, ni ukuyavira hasi, yase kwikubita agashi tuyasezerere. »

Yongera kandi akavuga ko Reta yadugije igiciro c’ikawa. Yagikuye ku mafaranga 380Fbu ubu kikaba kigeze ku mafaranga 800 Fbu. Kandi iyo ikawa yaguzwe neza kw’isoko mpuzamakungu babongera agahembo kugira abarimyi ntibidoge. Kandi ko abantu abikorera ivyabo bari muri ico gisata badashaka gutanga agahembo neza ku benegihugu, ko bahagurukiwe ku buryo mbere bazonakwirukanwa muri ico gisata. Ko zizogurwa na ODECA kuko ifise uburyo bukwiye.

Uyo mushikiranganji akamenyesha ko muri iki gihe bariko bararaba amahera boza barahemba umurimyi gutyo ntasubire kugira igisharara co kuza gushora ikawa hanze ngo ni ho igurwa neza. Ariko mwomenya ko mu Rwanda ikiro c’ikawa itonoye ivuye mu Burundi cagurwa 9000Fbu igihe hafatwa ikawa mu Kayanza muri Rusama uyu mwaka, nk’uko vyavuzwe ku wa 7 Ruheshi na Jean Pierre Ntabomenyereye arongoye urunani mpuzamashirahamwe y’abarimui b’ikawa CNAC mu gihe yariko yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. Découvrez comment les données de vos commentaires sont traitées.

To Top