Mu ntumbero yo guterera ivyiyumviro vyo kugarukira ururimi rw’ikirundi no gukomeza imico n’akaranga, Manirakiza Zénon yasohoye kuri uwu wa 15 munyonyo 2019 mu nyubakwa y’icapuriro ry’ibitabu « Presse Lavigerie » igitabu ciwe gishasha yise « Ijambo ryubaka » mu rugamba rwo gukomeza imico n’akaranga vy’ i Burundi biciye mu migani n’imyibutsa ».
Si ibintu bimenyerewe ko abantu biyumvira bagata ko bagashira ahabona inyandiko zinoboye z’ikirundi c’akanovera kirunze amajambo atavanzwe n’ikinofunofu. Ni gake umuntu yize n’aho yoba atahejeje ishure yovuga canke yokwandika ikirundi kirunzwe amayagwa ayaga ico abarundi bagona adasobetse mwo izindi ndimi no mu gihe yoba ariko avugana n’uwuzi ikirundi gusa. Eka mbere n’abarundi bita incabwenge, iyo bakoresha inama canke baremesha ibiganiro babigira mu kinofunofu no mu gihe ata mubeya (umwera) n’umwe abirobetse mwo.
Utwo twigoro twogushaka gusobeka ikinofunofu mu biyago canke mu nyandiko z’ikirundi kandi abarundi benshi batanazi izo ndimi mva mahanga, bagahindura ururimi bonse bakarugira urudatahurwa na bene rwo, ni vyo vyatumye Manirakiza Zénon abona ko hari agahaze koba gasa no kwica umwano, ukwikuririza canke ubwishime. Kubw’ivyo yafashe ingingo yo kugarukira ururimi rw’ikirundi rwo karanga karanga abarundi, rukaba ingabire abarundi basangiye mbere rukaba umuhivu ubungira ubumwe abicishije mu gitabu yanditse: « Ijambo ryubaka ».
Manirakiza Zénon agira ati: « Turakwiye guhurumbira kumenyera kuvuga no kwandika mu Kirundi, tukagikunda mbere tukagikundisha n’abandi bose hari mwo n’abanyamahanga. Ivyo tuzobishobora nitwagira inyota yo gukingira ururimi rwacu kurusha uko bimeze ubu kandi tukanagira n’umutima wo kwandika muri co. »
Gukomeza imico n’akaranga biciye mu migani n’imyibutsa
Nkuko uwo mushingantahe akaba n’umuhinga mu kirundi abivuga, ngo umurundi ataye akaranga yohava yiyama uwumwita izina yatoranye maze agahurumbira kwitaba amatazirano atamuha iteka n’agaciro. Igikwiye ni ugushingira ku karanga mu ntumbero yo gushigikira no gushikira iterambere runtu. Mu gitabu ciwe rero ntiyibagiye imigani n’imyibutsa yo yakoreshwa aho hambere mu gutoza indero yo ku ziko urwaruka.
Ku bijanye n’imigani, Zénon Manirakiza agira ati: « Mu migani tuhavoma ubwitonzi. Ni ho dukura imigenzo myiza y’ubuntu. Iyo na yo ikabonekera mu kwubaha, ubupfasoni, ukuba intungane, uguharanira amahoro n’ukwumira kw’ibanga. Imigani idusigaranira ivyigwa bihinduka ingingo ngenderwako twese duhurira ko. Na yo imyibutsa, ikurira inkoni ku gishitsi uwufise amadidane n’uwizera ibitazoza, kandi ifise akanovera katagira ingero. Ivugwa mu majambo make igaca inyura ubwenge muri uwo mwanya nyene. »
Uwo muhinga rero akavuga ko imyibutsa ikoresha imvugo ngereranyo na nkikiro, yerekeye ubuzima bw’abantu. Ngo n’ubwo biri uko, irakomeretsa uwufise ico yiyotsa, ico gikomere kikamubera intandaro yo guhinduka, akiyubara akigeze ku mugerageza no kumugeza kure, akirinda kwijajara no kwigereza ko.
Nayo Bukuru Dénis asanzwe nawe nyene ari umuhinga mu Kirundi, inyuma yo gusoma ico gitabu kigizwe n’impapuro 215, mbere kw’isoko kigurwa 30 000 mu mafaranga y’amarundi, yavuze ko gisohotse hageze. Agira ati : « Ni igitabu ciza canditswe mu Kirundi kinyura amatwi ». Akaba yaciye anasaba umwanditsi w’ico gitabu kwandika no kugwiza ibindi bitabu vyinshi mu kirundi.
Eka mbere n’abagiye barafata ijambo bavuga ku vyerekeye ico gitabu, nka bose bagiye barashikiriza iciyumviro c’uko cokwiragizwa mu mashure no mu nyubakwa zisomerwa mwo ibitabu kugira abanyeshure n’abigisha b’ikirundi hamwe n’ab’ivyigwa vyo gukundisha igihugu bacikore ko.
Mwomenya rero ko umushingantahe Manirakiza Zénon asanzwe aranguririra imirimo inzego n’amashirahamwe. Rero ngo ashashaye gukomeza umubano mwiza mu bantu kandi ngo arondera ko amahoro n’iterambere runtu vyomurikirwa n’imico n’akaranga karanga abarundi.




