Jimbere

ikirundi French English
Aba Stars

Fizzo ati « Narinze ntaha ntanazi ko DJ Israël yakubiswe »

Mu kiganiro yagiranye na mugenziwe Marvin Lee bakorana kwiradiyo Buja FM, DJ isael yavuze ko yaraye akubiswe n’akagwi gashigikiye Bantuboy gahagarariwe na kizigenza Big Fizzo. Muri ico kiganiro nyene, avuga ko atariwe mu journaliste we nyene yapanzwe gukubitwa, ngo kuri liste Fizzo yahaye ako kagwi, ngo aba journalistes 6  bagiye « guhabwa indero ».

Uruganda rwa Jimbere rumaze kwumva ivy’iyo nkuru, rwaciye rwihutira kurondera  Big Fizzo. Kuri  telefone ati : « Je naguye mu gahundwe. Naho bavuga ko yakubitiwe, siho narindi. Twari tuvanye ngiye gutora urufunguruzo rw’imodoka». Narirya tuzi ko ururimi rwumwe ngo rukamwa ayasosa, twashatse kwegera DJ Israël ariko ntitwamutoye kugira twumve uko vyagenze. Ariko abandi bariririmvyi bari kumwe nawe banabonye uko vyatanguye nuko vyaheze, baratwiganiye uko vyagenze.

Muti ukuri n’ukuhe ?

Umwe mu bararirimvyi bari bahari atashatse ko tumuvuga izina yagize ati : « Hari mu ma 22h30 canke 23h. Twariko tunywera ku kabare twita kwa Da Fofo imbere ya Down Town Hotel kuri avenue de l’Université. Kurya nyene bisanzwe, mwicaranye mu kabare kandi mufise ibintu vy’akazi muhuriramwo, nkumu artiste n’umu DJ et surtout umu journaliste culturel, ivyo muyaga ntibibura. Barahaririye kuri vyinshi, ubona ko ari n’abagenzi kuko baraheruka no gusohorana indirimbo, baravuganye ivyuko concert « Who’s the best » itakibaye, haragera naho bavugana ivyakazi basangiye. Niho Fizzo yabwira DJ Israël ko yamubeshe ko bazosohora vidéo y’indirimbo baririmbanye. Munyuma barahagurutse baravuganira no kuruhande ».

Muti none DJ Israël yaje gukubitwa gute ?

Uyu yaduhaye amakuru atashatse ko izina ryiwe rivugwa yari no  mubabangurukanije arabandanya atwiganira uko vyagenze « Fizzo na DJ Israël bamaze akanya bavuganira ku ruhande, umwe mubo twari twicaranye (Samley) niho yamuhamagara incuro zine atamwitaba. Ko yoba yaravyumvise canke atavyumvise ntavyo twomenya. Samley aho ahagaze n’ijwi rikankama ati ‘Mbe ko ugayana wibonamwo iki ?’. DJ Israël yamwishuye nawene amutuka mbere aranamutyoza ko avumba inzoga. Ivyo vyarashavuje Samley aca arahaguruka amukubita ikofe. Mbonye ko bigira bibe birebire, narahagurutse ndababanguranya. Nsubiye kwicara nibaza ko vyaheze, twishituye tubona Israël ahagaze imbere ya Samley kandi, ngo yakubiswe kw’itama rimwe ngo nakubite no kurindi. Uwuraho ntiyarinze kwingingwa, burya yavuze yamwusuye irindi kofe rya pfunga buso. Niko gusubira guhaguruka nkabangurukanya ariko DJ Israël yaguma avuga ngo tumureke ashake amumene amaso. Yaranafukamye mwibarabara, ngo tumureke ariko turamuzibira». Fizzo nawe yongerako ati « Nibaza ko ari affaire yo mu kabare kuko DJ Israël na Samley nabagenzi. Unashima bakorana ibintu vyinshi ».

Fizzo ati « Je nta liste y’aba journalistes nigeze ntegura gukubita »

Muri ico kiganiro bagiranye na Malvin Lee,  DJ Israël yavuze ko hari aba journaliste 6 bari ku rutonde. Abo nabo ngo ni Alain Nova, Spok’s, Vivance, Ami pro na Malvin Lee ubwiwe. Ico abo ba journalistes bose bahuriyeko, nuko b’anima ama emissions culturels ku ma radio bakorako. Umwe muri abo ba journalistes bari kuri urwo rutonde ati : « Je simbona ico twoba dupfuye kuko nikiganiro ca nyuma twagiranye twagikoze neza tuvana amarembe ». Fizzo nawe araba tranquilisa ati : « Jewe iyo mfitaniye ikibazo n’umuntu, ndamurondera tukabivuganako vyanse ndafise inzira ncishamwo atariyo kugwana. Je nta mu journaliste dufitaniye ikibazo, n’abo ba Spok’s avuga twari kumwe aho nyene. Ico ntatahura n’ukuntu DJ Israël yabinzanyemwo vyabaye namaze no kwitahira».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top