Jimbere

ikirundi French English
Aba Stars

Fizzo na Sat-B, ni beef canke ni game ?

©Jimbere│Imbonekarimwe, Fizzo na Sat B baririmba kuri stage imwe muri Primusic 2019

Iminsi yariheze ata majambo menshi avugwa kuri ibi bihangange mu muziki. Kuva kuri Primusic iheruka, aho Sat-B yahamagara Fizzo kuri stage ngo baririmbane. Benshi biyumvira ko Bantu Bwoy na Empire Avenue, labels zabo bo stars, zigiye gusenyera ku mugozi umwe mu guteza imbere music industry y’Uburundi. Umugani w’abaraho ngo « mon œil », vyaraye bihaye, kuva aho Satura yankiye kwishura ibibazo bimwe bimwe ku nyishu yari kuba Fizzo. Dutere ryarenga.

Sasa bikaanza aye ? Nguyo Sat-B iyo yimariye imisi Tanzaniya ariko akora ama collabo, aba journalistes bo muri wasafi media bati : « ntutuvana aha tutaguteye utubazo tubiri canke dutatu ku muziki wawe n’umuziki ndundi ». Narirya benshi tuzi igihagararo ca wasafi, dufatiye kuri Diamond Platnumz, gutumirwa kari agateka kuri Satura no ku muziki ndundi, ariko uyu aliteleza kwanzia introduction.

Il s’est introduit avec la chanson « Mu gacerere ». Aba journalistes bamusamiye hejuru, bati iyi ndirimbo ni rwawe canke ya Q.Boy (yahora akora muri wasafi) ? Amaze kuvuga ko atari rwiwe yari yikwegeye imvura y’ibibazo vyabo. Baramucaniriye gushika aho yibagira akavuga ko iyo ndirimbo ariyo yamuvumishije narirya tuzi ko hari indirimbo zemeje abantu nka Feel love, No love, n’izindi.

La goutte qui a fait déborder le vase

Bamubajije kwata musani w’umurundi afise compte kuma social media iri certified, yishuye ko atawuhari, mu gihe compte Instagram ya Big Fizzo iri certifié. Ku bamenyereye kahise k’aba baririmvyi babiri, biyumviriye ko yoba yanse kumuvuga amuzi. Dufatiye kuri statut yaciye ashira kuri telefone yiwe, uwo ari we wese yokwibaza vyinshi.

Yapfuye kuba ageze hanze ya studio, aba ashitse kuri statut yiwe no kwandika ngo : « Nimelipa ndege yangu, nimetumia hela yangu, nimepambana kwa jasho langu, eti nikuseme tu kiivyo, nipe hela basi ? ». Ngo bibwirwa benshi bikumva benevyo … Hapo alikua anamaliza kuchokoza nyuki. Fizzo ntiyatevye kumwishura kuri statut yiwe, nawe ati: « Umeshindwa kujiamini, gisi unavyo jiamini kwetu Burundi ! » Amajambo yaherekejwe n’utu emojis dufyura  amaso.Noneho na Fizzo nawe nguyo aranyereye: « Ngo warumenyereye baba journaliste b’aba amateurs b’iwacu batazi kubaza ibibazo … »

Aba journalistes b’abarundi bakobokeye uyo mwuga nabo ati twatanzwe. Alain Nova, journaliste culturel kuri Radio Culture ntiyatevye, ati : « kumenga n’umu autodidacte, journalisme yayinonosoreye hehe ? ». No kugirako amuhanura mu kubwira ati : « Nibaza ko wo retira ta parole hatararengerana ». Fizzo ntiyatevye kwishura kandi : « Muri journalisme, comme dans d’autres domaines de la vie active, il y a des amateurs. Je navuze ko certains sont des amateurs, pas tout le monde bien sûr . »

None, bigiye guherera he ?

Fizzo tumubajije ko ari beef yawe na Satura, yagize ati : « Jewe beef narayirengeye. Mu mutima wanje nta nzigo mfitiye abandi basani, ahubwo ntahura yuko uwuteye imbere mu mwuga aba atuma abandi bose baboneka. Ku cerekeye interview ya Sat-B, narababajwe n’ukuntu yararonse opportunité yo kuvugira umuziki ndundi bikamunanira kwishura. Nk’umuririmvyi afise power mu Burundi, yari chance itaboneka kabiri. » Twagerageje kurondera Sat.B ariko ntiyashimye kutwakira.

Abantu benshi bakurikirana entertainment, baravuga ko buzz y’aba journalistes na Fizzo, idatanguriye kuri iyi interview. Nta gihe cari giheze Fizzo apostinze aka video aho yavuga ko nawe agiye kuba umu journaliste. Bikaba vyari bivuye ku ba journaliste babiri (Ami Pro na Dj Israel) baheruka gusohora ingoma (Shuha na Tsagatsa) . Kubibajije ko yoba yarabatwenze, Fizzo ati : « Irya yari joke. Barya ba journalistes n’abagenzi. N’ikimenyamenya, nije nabaye uwa mbere gupartaja link yindirimbo zabo. ». Nova nawe ati : « Jewe nta kibazo mfitaniye na fizzo, nabonye yatatse umwuga numva ntokwihangana. Je nagize irya statut pour l’inciter à rectifier. Kandi yarabikoze. »

Wewe ivyo vyabaye wobiha iyihe nsiguro ?

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top