Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Karusi na Ruyigi : umugambi Merankabandi ufasha imiryango 27.971 y’abantahonikora

Umugambi Merankabandi warafashije kuva mu bukene imiryango y’abantahonikora 14.456 yo mu ntara ya Karusi n’iyindi  13.515 mu ntara ya Ruyigi ifise abana batarenza imyaka 12. Mu vyo bayironsa harimwo amafaranga 20.000Fbu buri kwezi ariko bagatorera rimwe 40.000 Fbu uko amezi 2 aheze. Hampande y’ayo mafaranga barahawe n’inyigisho mperekeza zibafasha kwiyungunganya mu bikorwa vy’iterambere.

Mu gihe  uwo mugambi Merankabandi wari uramutse ushira ahabona ico inyigisho mperekeza zishirwa mu ngiro na ActionAid muri izo ntara zashitseko ico bise « umunsi w’imiryango yuguruye », kuri uwu wa 12 Ndamukiza 2022 mu nyubakwa za BestOutLook  mu gisagara ca Bujumbura, berekanye ibikorwa baranguye mu ntara za Ruyigi na Karusi bongera barabira hamwe ukuntu bobungabunga ivyo bagezeko, abagenerwamugambi bari muri ico kibanza bayaze ko wabakuye mu bukene butagira izina ubashikana kw’iterambere.

Estella Nzisabira umutwakazi wo muri komine Butezi y’intara ya Ruyigi avuga ko ataraja mu mugambi Merankabandi akanaronswa inyigisho mperekeza yari afise ubwenge nk’ubw’umwana. Ngo ntiyari azi kwiyumvira ico yokora kimuteza imbere. Nako avuga ko ico kibazo yari agisangiye n’abatwa nka bose. Agira ati : « Twari dutunzwe no kubumba inkono. Twaraziremeka tukirirwa turaziyererana mu mihana tukabura abazitugurira kuko abantu benshi basigaye bateka mu masafuriya kandi bavoma mu mabido. Urose uwuyikugurira naho ntiyakurenza 500Fbu. Ayo nayo akaba ata co akumarira mu muryango. Ubu kubera umugambi Merankabandi twari tubayeho nk’abakozi ba Reta. Buri mezi abiri twahembwa 40.000Fbu. Uwu mugambi mu myaka yababa 3 umaze udufasha, ugiye kurangira turonse 600.000Fbu. Dusigaye turi abasirimu, agaterefone ndafise, akarato turambara, agatenge keza ntitugatinya kandi turi no mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana.»

Eka na Kamariza umutwakazi wo mu ntara ya Karusi avuga ko kubera umugambi Merankabandi, yahavuye yandikwa mu mategeko n’umugabo wiwe, amenya kugaburira abana biwe ifungurwa zikwije mu ngaburo, kubagirira isuku no gutandukanya imvyaro kugira abo amaze kwibaruka bakurane amagara meza. Yishimira kandi ko ubu bajijutse, bitunganiriza imigambi mitomito ibafasha kwiteza imbere. Akabirya rero ngo ni uko baronkejwe inyigisho zijanye no kubumba ibintu bitandukanye kandi ku buhinga bwa kijambere. Ubu barindiriye ko uwo mugambi ubaronsa isoko ry’ivyo babubamba.

Si abatwakazi gusa, n’abandi barava mu bukene…

Riragonya Estérie aba muri komine Bweru mu ntara ya Ruyigi. Uyu mupfasoni w’imyaka 23 avuga ko imbere y’uko afashwa n’umugambi Merankabandi yari afise ingorane ikomeye cane yo kutaronka amafaranga yo kwifashisha mu rugo. Ngo Yari atunzwe no guca ingero mu babanyi n’abagenzi. Agira ati : « Haranzamwo iciyumviro co gukora umugambi muto ariko bikanka kuko sinarimfise amafaranga ntanguza. Maze guhimirizwa ku bijanye n’akamaro k’ukuziganya n’ukuguranana, naciye nifatanya n’abandi bo ku mutumba imbako. Mpereye ku ngurane nasavye muri iryo shirahamwe, naciye nkora ubudandaji. Natanguje 100.000Fbu, ubu ngeze ku 350.000Fbu. Ubu meze nk’abandi kubera umugambi  Merankabandi n’inyigisho mperekeza. »

Abo bose bavuga ko ivyo bigiye mu mugambi Merankabandi bazobigendera, iterambere bagezeko ritazosubira inyuma. Ko bazoguma bashira mu ngiro inyigisho bahahwe bongera bazigisha abana babo gutyo babandanye biteza imbere kandi bateza imbere igihugu mu mice yose y’ubuzima.

Ivyo twomenya ku mugambi Merankabandi…

Umugambi wa Reta y’Uburundi Merankabandi ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu rifasha ibijanye n’iterambere mu Burundi (IDA), ushigikira imiryango y’abantahonikora  bafise abana kuva ku bakivuka gushika ku batarenza imyaka 12,  aho mu vyo bayironsa harimwo ukubaronsa amafaranga buri mezi 2 bakabaha 40.000 Fbu: ni ukuvuga 20.000 Fbu ku kwezi, ayo akabafasha kwiyungunganya mu bikorwa vy’iterambere, gutyo imiryango yisununure mu vy’ubutunzi.

Dr Jeane Karenzo umuhinga ajejwe ibikorwa mu mugambi Merankabandi, avuga ko, uwo mugambi, kugira urangurwe neza ubifashwamwo n’ishirahamwe Actionaid Burundi risanzwe ari ryo ririko rishira mu ngiro inyigisho mperekeza mu ntara za Karusi na Ruyigi zerekeye uguhindura ingendo canecane mu bijanye no gufungurira neza abana, ukwitunganiriza imigambi mitomito y’iterambere, irondoka rijanye n’amagara meza, ibijanye n’isuku, kujana abana kw’ishure no kurigumamwo n’ibindi.

Dr Jeane Karenzo asaba abagenerwamugambi ko ivyo bamaze gushikako batobipfisha ubusa, ahubwo yoba inzira yo gushika ku ndoto zabo.

Dr Jeane Karenzo abandanya amenyesha ko abagenerwamugambi b’abagore 13.515 mu ntara ya Ruyigi baronse inyigisho mperekeza, na yo abagabo 3.379 barahimirijwe kandi bararonswa inyigisho z’ukwiteza imbere. I Karusi uwo mugambi washikiriye imiryango 14.456. Igitigiri c’abakenyezi bariko barirangurira imigambi mitomito yo kwiteza imbere bagera ku bice 97% mu Ruyigi na 96% i Karusi.

Uwo mugambi uzorangira mu kwezi kwa Ruheshi 2022, ushobora no kubandanya ikiringo ca kabiri, aho ishirahamwe UNICEF rifasha mu kwungura ubumenyi amashirahamwe ashira mu ngiro ibikorwa mperekeza rizobandanya riwushigikira. Ukaba wahora ukorera mu ntara 4, arizo Ruyigi, Karusi, Kirundo na Gitega. Mu kiringo ca kabiri ukaba ugiye gukorera mu gihugu cose.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top