Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Ivyo tuzi kuri Rose Sindayihebura, umupfasoni yakejwe n’Umukuru w’Igihugu

Ku munsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi, uba uko umwaka utashe igenekerezo rya 15 Gitugutu, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yaratumyeko ku kirimba iwe umupfasoni ava i Bubanza, Rose Sindayihebura, kugira amukeze kuba yarashoboye gutunga abana biwe yifashishije uburimyi n’ubworozi.

Rose ni nde ? Afise imyaka 56, akaba yubatse urugo mu 1989, aca apfakara mu gihe c’intambara afise abana batatu, abahungu 2 n’umukobwa 1. Bari bafise imyaka 6, 4, 2. « Ubuzima bwarasubiye inyuma aho mburiye umunega wanje. Ntivyari vyoroshe kuko twari mu ma « sites » y’abateshejwe izabo ku Mpanda. » Uko ni ko Rose yatanguye kutuyagira, uko ubuzima bwari bubi, akora urudandazwa rudashemeye, n’ukurara ubusa yaraburara.

Ubu naho bimeze gute ? Ingwano iheze Rose yaciye aja kuba mw’itongo bari bararonkeye hamwe n’umunega wiwe. Ni ku mutumba wa Gahwazi, komine Mpanda, intara ya Bubanza. Kugira none abe umurimyi n’umworozi w’akarorero vyatanguye gute ?

Mu mwaka wa 2012 yahawe inka mu mugambi « Prodefi ». Iyo nka imaze kuvyara incuro 6, akaba amaze kwokora 1, akagurisha 3. Ubwo bworozi bwaramufashije kurera abana biwe 3, ubu 2 bahejeje kaminuza, uwa nyuma na we ahejeje amashure yisumbuye. Si ivyo gusa : Rose yarubatse inzu nziza, arubakira n’umutamakazi atunze, kandi arorora n’ingurube kuko zozo zoroshe kwikorako, mu gihe agize ico akenera cihuta.

Uwurongoye umugambi Prodefi i Bubanza, aramushima cane. Agira ati : « Ni akarorero ku bakenyezi iyo bapfakaye baca bihebura aho kwitunga. Nibamwigane bagire umwete, nk’uwiwe, babe umuco w’ingo zabo, bigishe abana babo gukunda ibikorwa. »

N’iki uwo mupfasoni asaba?

Nta vyiza vyizana. Rose Sindayihebura ntabuze ingorane. Akoresha abungere 4 ahemba, mu gihe co muci, biramugora kubera ubwatsi buca bukena. Inka zikenera amazi menshi, kandi aho aba nta mazi aharangwa. Abakozi bavoma amazi kure. Nta matara agira. Mu vyo asaba, abajejwe intwaro : amazi, amatara, n’imashine yogukwega amazi.

Hama icatumye Rose ashirwa muri uwo mugambi w’ubworozi, ubwa mbere si uko yari umupfakazi afise itongo mugabo ni uko yarakunda cane ibikorwa. Uwurongoye « Prodefi » i Bubanza amenyesha kandi ko abakenyezi borora neza kuruta abagabo. Ku borozi 10 borora inka neza gusumba abandi, abakenyezi ni 7/10. Baziha umwanya munini, bazigaburira neza, barazitaho cane, …

Ivyo Rose akunda: ibikorwa, kurima no kworora. Ivyo yanka: ubwishime, ubunebwe, inzigo. Uyo mupfasoni avuga make. Yipfuza kuguma atera aja imbere, kwagura ubworozi, naho bomwongera izindi nka yozitunga.

Mwomenya rero yuko muri uwo mubonano na Perezida Evariste Ndayishimiye, Rose yamusavye akamoteri ko kuvomera imirima yiwe no kumurihira abakozi biwe (mu kiringo c’umwaka), aca arabimwemerera.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top