Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Ivyamwa vyoba vyagenewe abatunzi?

Naho ivyamwa biboneka nka hose mu gihugu, kubifungura biragoye. Akenshi abahinga mu bijanye no gufungura hamwe n’abaganga barahimiriza abantu gufungura ivyamwa, ariko akenshi usanga bifungurwa n’abifise.

Fungure n’imiburiburi ivyamwa bitanu ku munsi! Iryo jambo turamaze kurisoma ahantu ryanditse canke turanamaze kuryumva rivugwa. Naho usanga ivyamwa vyanzwe mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura ari vyinshi, ikiguzi cavyo kirerekana neza ko bidahangarwa n’uwo ari we wese.

Amatunda, ‘ipasiteke’, inazi, imihwi, amabungo, amavoka, ni vyo vyiganje cane mw’isoko kwa Siyoni. Abaza gusuma ivyo vyamwa usanga ari bake cane. Abadandaza b’ivyo vyamwa basa n’abamaze kubimenyera. Nkuko vyemezwa n’umwe mu badandaza ipasiteke. Agira ati: « Abaguzi, haza imparurwa».

Uyo mudadanza avuga ko badandaza ipasiteke zikomoka mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Izo na zo zikaba zigurwa amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 7000 n’ibihumbi 10.000. Ico kiguzi mu vyukuri nta muguzi w’amikoro make yogihangara. Uyo mudandaza agira ati:«Abarimyi barima ipasiteke aha mu gihugu nta bwo bazironka buri gihe, ni yo mpamvu duhitamwo kuzironderera ahandi». Ipasiteke zirimwa ino, dushobora kuzigurisha amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi bitatu n’ibihumbi bine.

Bigurwa n’abifise

Izo mparurwa z’abantu baza kutugurira ivyamwa, usanga abadandaza baramaze kumenyana. Abo na bo babigura akenshi ni abafise inzu z’uburiro, amahoteri(inzu z’ingenzi), abanyamahanga, abarondera ivyamwa vyo guha abarwayi canke abana babo. Hirya yaho, muri iyo soko nyene, hari umugore umwe yemeza ko ivyo bavuga ari vyo. Uyo mugore avuga ko ivyamwa abigura abijana mu buriro bwiwe buri hagati mu gisagara ca Bujumbura. Akaba abikoramwo umutobe, uruvange rw’ivyamwa n’ ivyamwa abaguzi barenza kw’imfungurwa iyo babishatse kuko biba bihari. Ntakangwa n’igiciro c’ivyamwa, agira ati:« ukwo bigenda kwose ivyamwa bitegerezwa kudahara mu nzu y’uburiro bwanje kuko birunguka». Hariumugore akomoka mu gihugu ca Congo ari mu kiruhuko c’akazi, yariko aragura ivyamwa ajana mu hira, we avuga ko i Burundi ivyamwa vyaho bizimbutse gusumba iwabo muri Congo.

Kwerekana urutonde rw’ivyamwa n’ibiciro vyavyo mu bibanza bimwebimwe bisanzwe bidandarizwamwo aha mu gisagara ca Bujumbura biri mu bituma abahatumbera baba imparurwa. Agatobe kavanze kandi koroshe usanga karonderwa n’abakeneye ibinyobwa bigereranye kandi bidakaze. Imvange y’ivyamwa bita «saugrenus» igurwa amafaranga y’amarundi ari hagati y’6.000 n’10.000, si uwo ari we wese ayihangara.

Ivyamwa bibayabaye

Abadandaza batembereza ivyamwa mu mabarabara batuma n’abatifise bashobora gufungura icamwa. Baguma bazunguruka mu makaratiye bakanashika no hagati mu gisagara ca Bujumbura bagenda bagurisha uduhiba tw’inanasi bahimbaguye n’imihwi bashobora gutanga umwumwe. Ikiguzi gishobora kuva kw’100 gushika ku 200 y’amafaranga y’amarundi, mu gihe ababicururiza mu mazu usanga batavyorosha kuko ivyamwa babigurisha ku kiro, atari ukwo, nturonka namba. Aho rero usanga ikiro c’imihwi mitomito utegerezwa kuriha amafaranga y’amarundi angana n’1500, hama ikiro c’imihwi myizamyiza ukariha 3000.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top