Jimbere

ikirundi French English
NUKU

Pr Désiré Manirakiza: « Intumbero ya mbere y’umugambi PAEEJ ni ukuvyaza umusaruro zirya miriyaridi 48 z’amarundi »

Amezi atatu ararangiye umukuru w’igihugu c’Uburundi ashizeho umugambi PAEEJ, umugambi ufise ihangiro ryo gushigikira urwaruka ruheza amashure yarwo kugira ngo rushobore kwibeshaho mu vy’ubutunzi. Uwo mugambi nyene ukaba wagenewe imiriyaridi zishika 48 z’amarundi ngo zizamure ibikorwa vy’ukwiteza imbere vy’urwo rwaruka, gutyo haboneke n’ubuzi ku bariko barakubagurwa n’agashomeri. Mu gihe rero abatari bake bari bamaze iminsi bafise utubazo ku bijanye n’intumbero y’umugambi PAEEJ, abandi bakagira amakenga ku bijanye n’ubushobozi bwo kurangura ivyo yishinze, ko vy’ukuri bikunda ko urwaruka rwofatwa ukuboko rugashobora kwibeshaho, Ikinyamakuru Jimbere Magazine caregereye umwigisha muri za Kaminuza Désiré Manirakiza, atwara uwo mugambi ku rwego rw’ighugu kugira ngo atange umuco. Ng’ibi bimwe mu vyavuye muri ico kiganiro. 

Mu vy’ukuri, PAEEJ ni iki ? 

PAEEJ ni umugambi washizweho na Reta y’Uburundi mu ntumbero y’ukurondera gutorera umuti ikibazo c’ubushomeri mu rwaruka, ubona ko igitigiri c’abatagira akazi kiri hejuru cane. Imbere y’ukuganira ibigize uwu mugambi, nkundire ngaruke ku biharuro vyerekana umurindi w’igwirirana ry’abarundi, kumbure muraca mwibonera ubwanyu akamaro k’uno mugambi : ibice 70% vy’abarundi bigizwe n’urwaruka rudashikana imyaka 35. Abafise hagati y’imyaka 14 na 35 bagera ku bice 50%. Ni mu gihe amahirwe y’urwaruka mu vyo kuronswa ubuzi atari ikirenga. Urwaruka ruheza amashure rungana ibice 93% rubanza kumara imyaka irenga 5 rushomereye, imbere y’ukuronka akazi ka mbere. Rusasuma ya nyuma yakozwe yerekanye ko urwaruka rushika 400.000 rutagira akazi, mu gihe duteranije abakozi ba Reta n’abakorera abigenga dusanga bangana 120.000. Biboneka ko urwaruka rutagira akazi rungana n’abafise akazi muri rusangi ugwije incuro zitatu zirenga. Igihugu cararengewe mu bijanye n’ubushobozi bwo kuronsa akazi abakarondera. 

Birakwiye ko n’ibi bimenywa: ko ivyigwa vyakozwe vyerekanye ko gushika mu mwaka wa 2050, abarundi bazoba bashika imiriyoni 26. Aba banyagihugu rero bagizwe ahanini n’imiyabaga, ni abo gukurikiranwa, ari na co gituma habaye ukwiyumvira ingene urwaruka rworonswa ubuzi ariko cane cane hisunzwe ico umwe wese ashoboye kugira ngo ukwiteza imbere gushoboke. 

Uwu mugambi “PAEEJ” ufise ihangiro ryo gushigikira urwaruka biciye mu kuruhamagarira guhindura ivyiyumviro: akazi ko mu biro ni ko kazi uwize wese yahanga amaso. Igikorwa c’uno munsi rero ni ukubereka ko ibintu vyahindutse, uwiga wese yige arondera ubumenyi buzomufasha kwishingira ubuzi kuko mw’iki gihe bitakiri ngombwa ngo aheze aca aronswa akazi na Reta. Umugambi “PAEEJ” uzokora mumice3 : uwa mbere uzoba ugizwe n’ibikorwa vy’ihimiriza Uwundi muce ujanye n’ibikorwa vy’ukwiteza imbere. Aha, kuzoba ari ugushigikira imigambi y’urwaruka irashe mu kuyironsa uburyo kugira ngo itere imbere. 

Umuce ugira gatatu ni uwo kuronsa ubuzi urwaruka biciye muri ubu buryo bukurikira : “Nta muntu n’umwe tutokwemeranya iki, ko urwaruka rwose rutoshobora guherera mu bikorwa vyo kwirangurira imigambi iruteza imbere”. Hamwe n’ivyo, abazoba bashaka kuja gukora mu mahinguriro kanaka canke mu mashirahamwe aya n’ariya, tuzosinyiranira amasezerano n’ayo mashirahamwe yose akeneye abakozi. Nk’akarorero, nk’ubu tugiranye amasezerano na Jimbere tukayironsa nk’urwaruka rushika 100 ruzokora mu kiringo c’umwaka rwimenyereza umwuga, mw’ico kiringo ruzoba ruriko rurahembwa na “PAEEJ”. Ariko rero, mu masezerano tuzoba twabanje kwemeranya na Jimbere ko ishoboye kuronsa akazi n’imiburiburi igice c’urwaruka rwahakoreye muri ico kiringo c’umwaka. Ng’iyo imice itandukanye igize umugambi “PAEEJ” 

Hari ubucuti bwoba hagiti y’umugambi PAEEJ, FiGA na BIJE? 

Ikigega “FIGA” (Fonds d’Impulsion, de Garantie et d’Accompagnement) ntikigenewe urwaruka rwonyene. Ni ikigega giharanira guteza imbere canke gushigikira imigambi y’umurundi uwo ari we wese akeneye gufatwa mu mugongo. Isano twovuga riri hagati ya “PAEEJ” na “FIGA” nuko bisangiye intumbero ariko ibizokorwa muri iyo migambi biratandukanye. “PAEEJ” irigenga nk’uko na “FIGA” yigenga. Ikibazo conyene tubona ni uko “FIGA”, bibaye ngombwa ko dukorana hoca hakenerwa uburyo bwinshi kugira ngo haboneke ingwati, haboneke n’amafaranga yo guteza imbere abakeneye gushigikirwa bose. Nuko rero, ninaba naratahuye neza, intumbero nyamukuru ya “FIGA” ni ugushigikira mu ntumbero yo gukuza abafise imigambi bashaka kurangura muri rusangi. Ni ikigega cashiriweho gufata mu mugongo urwaruka rwikorera ivyarwo. Ngerageje kubisigura mu buryo bugaragara neza, ufise nka 100.000 ariko ukaba ufise umugambi ugomba gukora wa 500.000, “FIGA” ico ica ikora, ni ukukuronsa ayo wabura. 

Muti none umugambi PAEEJ woba ukorana na “BIJE”? “BIJE” ni ibanki y’Urwaruka ariko kandi ni n’ibanki y’ubudandaji. Ni ukuvuga ko “BIJE” ikora nk’ibanki nyene. Ibanki na yo ikaba ikora irondera inyungu. Nivyo, “BIJE” tuzokorana kuko hazoba hariho urwaruka ruzoba ruronswa ingurane na “PAEEJ” ariko iyo ngurane bakayironkerezwa muri iyo banki. 

Nibaza ko ndabisiguye mu majambo asa n’ayagoye gutahura. Reka ngerageze kubivuga nkoresheje igicapo: Dufate ko umwe mu rwaruka kanaka akeneye ingurane, umugambi w’ivyo ayikenereye akawushikana muri “PAEEJ”. Mu gihe uno mugambi tuwizeko neza tugasanga urarashe kandi ukaba ujanye n’intumbero ya “PAEEJ”, tuzoheza tumuronse urwandiko rwerekana ko tumwemereye kuronswa ingurane. Muri ico gihe, uno yahawe uru rupapuro azoheza arujane muri “BIJE” hanyuma tumwishingire ku bijanye n’ingwati abone kuronswa ya ngurane asaba. Muri uwu mugambi, tuzokorana na “BIJE” nk’uko tuzokorana n’ayandi mabanki. Ibanki BIJE irigenga nk’uko na “PAEEJ” yigenga. Yamara, mu migambi “PAEEJ” izorangura, ikazotegerezwa guca kuri “BIJE” nk’ibanki y’Urwaruka nk’uko ishobora kuzoca no ku yandi mabanki. 

Hanyuma ngerageje gusubira inyuma gato, ndabamenyeshe ko mu nyandiko zose zerekana intunganyo ya “PAEEJ”, nta na hamwe handitse “FIGA” n’ubwo mwumva umenga imigambi igomba gusa. “PAEEJ” yotangura gukorana na “FIGA” igihe conyene twobona ko dukoranye twogwiza umwimbu kurusha gukora bamwe bose bigenga. Muri iki gihe, turacari ku ntambwe y’intunganyo. Intumbero iza imbere y’izindi zose ni ukuvyaza umusaruro izi miriyaridi 48. 

Amezi 3 ararangiye hashinzwe umugwi uzokurikirana umugambi “PAEEJ”, gushika ubu biri gute, ibikorwa bitunganije gute ? 

Nk’uko mubizi, uwu mugambi ni mushasha, bisigura ko n’itunganywa ryawo kuva mu mushinge kuduga ari inyubako vyasabwa ko ibanza gushirwaho. N’aho biri uko, kuva muri Ndamukiza gushika uno munsi hariho ibimaze kurangurwa. Mu bimaze gushikwako hariho ugutunganya inyandiko zijanye n’ukuntu uwo mugambi worangurwa, ingene hoba ibikorwa vyo gusuzuma uko ibikorwa biriko birarangurwa, ukwerekana ibizokwishungwa mu gucagura abo tuzokorana muri uwu mugambi n’urwaruka rudasigaye inyuma. Twarishikiye ku rubuga incuro zitari nke aho twashoboye kubona urwaruka rutari ruke ruri ku kivi kandi ruhurikiye mu migwi yo kwiteza imbere. 

Hambavu y’izo ntunganyo z’inyandiko zimaze gukorwa, hariko harandikwa kandi amategeko ngenderwako azogenga uwo mugambi. Nibaza ko bamwe n’abandi bahava babona ko umenga umwanya tumaze gukoresha muri ibi bikorwa ni munini ugereranije n’igishika urwaruka rurindiranye itanguzwa ry’ibikorwa vyawo nyezina, ariko nkibaza kandi ko mutahura ko gutegura inyandiko z’uwo mugambi kuva hasi gushika hejuru atari ikintu coroshe, tubone gutangura gutanga amafaranga. 

Murazi kandi ko ikibazo c’amafaranga ari ikibazo gikaze cane mu gihugu bisabwa ko cigwako neza. Ni ukugitwara buhorobuhoro. Mu minsi itarambiranye rero tuzotanguza ku mugaragaro ibikor wa vya PAEEJ hanyuma tuzosohora itangazo rihamagarira urwaruka kuzana amadosiye yarwo kugira yihwezwe, ayatomoye aronswe uburyo. Si na kera, iyugururwa ku mugaragaro ry’uwu mugambi ritegekanijwe muri uku kwezi kwa Mukakaro nyene turimwo. 

Mu mpera z’ukwezi kwa Nyakanga, inyuma y’ukubohnana n’urwaruka rwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere, n’inyuma y’ugutunganya ibipapuro bikenewe bigenga uwo mugambi, ni ho ibikorwa nyezina vyaciye bitangura. Ibikorwa vyo kwugurura uyo munsi vyatanguriye ku nama yabaye ku wa 22 Nyakanga, aho hapfunditswe, mu Giheta, hagati y’umugambi PAEEJ n’ikigo « Maison du fermier », ca wilbert Dusabe, ko PAEEJ icemereye uburyo bungana n’imiriyoni 100 mu gushigikira umugambi w’ukworora. Uwo na wo ukaba ujejwe gushigikira ubworozi bw’inkoko mu kuronsa imiswi 300 koperative imwe imwe uko ari 31 zihurikiwemwo n’urwaruka 620 rwo muri komine Giheta. Uwo mugambi ukaba urimwo ukwigisha urwo rwaruka ubuhinga bugezweho bwo kurima no kworora.

Mbega none izo miriyaridi 48 ziriho? Ziri he? Mu majambo atahuritse, mwiteguriye kuzitanga gute? 

Izo miriyaridi 48 ziriho mbere ziza zarashikanwe no kuri konti ya PAEEJ mw’ibanki nkuru y’igihugu. Hanyuma kukijanye n’ingene ayo mafaranga azotangwa, si ukuyagabanganya mu rwaruka bamwe ngo akira uno mupfungo abandi uko nyene nk’uko bamwe boba bavyiyumvira. Oya, si uko bizogenda. Si n’ukuyabagaburira mu mituri, ni ukubaherekeza, ni ugufata mu mugongo imigambi yabo. 

Hanyuma ako kabahasha, mwoba muzogakoresha mu kiringo c’imyaa ine uwu mugwi uzomara? 

Ni vyo, izo miriyaridi uko ari 48 zizokoreshwa mu kiringo c’imyaka ine kandi nk’uko mubizi, zitanzwe na Reta. Ariko rero, mu migambi yacu, duhamagariwe kubandanya turondera ubundi buryo aho bwova nko mu mashirahamwe, amabanki canke mu bihugu dusanzwe dufitaniye ubucuti mu bikorwa vy’iterambere. Twipfuza ko umugambi wose woza ugana gushigikira urwaruka wocishwa muri PAEEJ. Vyumvikana ko bishoboka ko turonka ubundi buryo buza gufasha muri uwu mugambi butanzwe n’aba na bariya. Vyose bizovana n’ukuntu uno mugambi uzoba uriko uraranguka, ivyo na vyo bikazobonekera mu vyamwa vyawo ku rubuga. 

Mu nyigisho zo gukebura urwaruka rwitunganiriza imigambi mu gisagara ca Bujumbura, ku wa 31 Myandagaro 2021, Umukuru w’igihugu yaremeye akandi kabahasha ko gushigikira urwo rwaruka mu ntunganyo y’amahera Reta itegekanya kuzokoresha mu mwaka wa 2022-2023. Ahamagarira abakorana na Reta mu migambi ishimikiye ku gushigikira ukwitunganiriza imigambi ku rwaruka mu Burundi guca kuri PAEEJ : « Reta majoro jenerari, umugambi kizigenza mw’iterambere ry’urwaruka » nk’uko yawutaziriye 

Mw’iteguye gukora gute mu ntumbero yo gucungera neza ikoreshwa ry’uburyo buzoba bwasabwe n’ugukurikiranira hafi umwimbu w’ibikorwa ? 

Ica mbere nshimye kubanza kugarukako nuko umuntu wese yoshira ku muzirikanyi ko amafaranga atazogaburirwa urwaruka nk’uko nyene. Abantu bazohabwa amafaranga bazoyaronswa biciye mu mabanki kandi ni na bo ubwabo bazokwiyemeza kuyishura. Turazi neza ko tutahabereye maso, ubwo buryo bwose bwohomba bugaherengetera. Mu ntumbero rero yo gukinga ivyo vyose, hariho ivyo turiko turatunganya. Aha novuga nka ‘Logiciel’ izofasha mu gukurikirana ku mwanya, umunsi ku munsi uko ibikorwa biriko biragenda. 

Ni ukuvuga ko nk’ubu duhaye ingurane umwe mu rwaruka ruba i Cendajuru nk’akarorero, dutegerezwa kwama tumenya ivyo uwu ariko ararangura ku munsi kandi ico nta bwoba tugifiseko. Tuzoshira urwaruka mu migwi itandukanye. Hari barya basanzwe bafise ubumenyi mu vyo kwikorera utwabo: aba ni rwa rwaruka rwigeze kwirangurira imigambi ariko hakagera igihe ruhura n’intambamyi hamwe n’abandi bipfuza kurangura imigambi ariko bakaba batagira ubumenyi muri ico gisata. Kuri iyo migwi yose, tuzogira intunganyo izotuma tumenya neza ko uburyo bazohabwa butazosesagurwa. N’aha ndatanga akarorero: dufate ko hari urwaruka rwipfuza guhingura ibivamwo ibitaako bifasha mu vy’ugushaza. Turazi ko uru rwaruka ariho rugiheza amashure ruba rufise ivyiyumviro bishushe bijanye n’ivyo ubudandaji. Ariko rero ugaca usanga nta bumenyi bukwiye muri ico gisata. Tumaze kubona ko ivyiyumviro vyabo bishobora gushika kure, muri PAEEJ tuzofadikanya na bo mw’ikurikiranwa ry’uwo mugambi wabo. Aho nshatse kuvuga ko tuzoshira umutahe muri uwo mugwi wabo, tuzofashanye ibikorwa, hanyuma haheze igihe kanaka, bamaze gufata umurongo neza tuzoheze dusokoremwo udufaranga twacu tuzoba twashizemwo nka PAEEJ hanyuma uno mugwi w’urwaruka tuwubarerekere, ugume mu bikorwa vyabo. Ubu ni bumwe mu buryo bushobora gutuma urwaruka rutarwa mu gahombo n’amafaranga ya PAEEJ ngo agiremwo. 

Ku bandi rero basanzwe bafise ubumenyi muri iki gisata, bobo ntibazohita baronswa ingurane na PAEEJ buno nyene. Tuzogiriranira amasezerano n’amabanki gutyo urwo rwaruka ruzohabwe ingurane maze ano mabanki azorwishingire, abe ariyo azoriha. Hamwe n’ivyo, nibaza ko ivyo vyose mpejeje gusigura vyaba ivy’iyo Logiciel izofasha mu gukurikirana ku munsi ku munsi ibiriko birarangurwa, ugukurikirana amashirahamwe azoba ariko aravuka, n’ugusinyiranira amasezerano y’ugukorana n’amabanki bizotuma ducungera neza ayo mafaranga yagenewe urwaruka. 

Muvuze ko muzokorana n’amabanki, mwoba mufise n’iciyumviro c’ukuzokorana n’ibisata vy’abigenga ? 

Nibaza ko nari nakivuzeko. Nk’uko nabimenyesheje, hariho umuce w’ibikorwa vya “PAEEJ” wo kuronderera akazi runo rwaruka rudashaka canke rudashoboye kwihangira imirimo ariko rukaba rukunda kuja gukorera mu mashirahamwe aya canke ariya. Tuzorondera amashirahamwe canke ibigo vy’abigenga tugiriranira amasezerano kugira tubabaze ko boshobora kuronsa runo rwaruka ‘stage’, muri ico kiringo PAEEJ ibe ariyo ibahemba ariko inyuma y’ico gihe hazogire abaca bahabwa ubuzi hisunzwe ibizoba biri mu masezerano. 

Muri Gitugutu 2020, harabaye ihuriro ry’urwaruka rwize n’urwashoboye kwikorera ibiruteza imbere birashimwa mbere ruba akarorero k’abandi aho hari hatowe iyo imigwi ibiri itandukanye kandi ikomeye. PAEEJ yiteguriye gukorana gute n’iyo migwi ? 

Womenga mushatse kuvuga ko iyo migwi uko ari ibiri yoba itandukanye ariko ku bwanje irafitaniye ubucuti budasanzwe. Jewe nibaza ko umugwi w’abikorera utwabo n’abantu bize, iyo migwi ibiri ntitandukanye. Muri rirya huriro urwaruka rwize rwari rwafashwe nk’abantu bakomeye cane kuko mu rugamba rwo guharanira iterambere abize bafatwa nk’akarorero k’abandi, nk’indongozi. Mu cirwa kijanye n’iterambere mu kibano, abantu bize bagereranywa n’imoteri zitegerezwa gukwega abandi. Ni ukuvuga ko abize bazoba mu bambere begwa cane n’uwu mugambi biciye mu nyigisho kugira ngo bongererezwe ubumenyi n’ubushobozi mu nyuma babe ari bo baja kuzironsa rwa rwaruka ruriko ruritunganiriza imigambi yarwo rufashwe mu mugongo na “PAEEJ”. Turashobora kandi gushigikira imigambi yabo mitomito canke ivyiyumviro tuzobona ko birashe. Vyumvikana ko duciye kuri bo bizotuma tubona neza ko turiko turakorana n’abantu batahura uko ibintu bikorwa ku rutonde. 

Uno munsi abashoboye kwirangurira imigambi barashobora gufasha muri wa muce wa mbere w’umugambi “PAEEJ”: gutanga inyigisho n’ugukarihiriza ubwenge urwaruka. Bisigura ko kugira ngo urwaruka rwumve rwongere rwiyumvishe ko rushobora kwirangurira imigambi ikaruteza imbere rutarinze guhanga amaso ubuzi bwo mu biro, rwumve ko rushobora kwiteza imbere biciye mu zindi nzira, birakenewe cane ko abakoze bakabishobora bashingira intahe bagenzi babo kugira babone ko inzira ari nyabagendwa ndetse bikunda bagere ikirenge mu cabo. Izo nyigisho rero zikazoba zitandukanye n’izizotangwa na rwa rwaruka rwahejeje amashure ariko zikazokwuzuzanya. 

Hoba hariho ibisata biza imbere y’ibindi mu vyo PAEEJ itegekanya gushiramwo imitahe ? 

Ibisata indwi ni vyo “PAEEJ” itegekanya gushiramwo imitahe. Ubwa mbere bwo haza igisata c’uburimyi gisomekeranye n’ubudandaji bw’ivyimburwa, amahinguriro matomato n’ayagereranye. Haraza kandi igisata c’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, igisata c’ingenzi, amazi n’isukura hamwe rero n’ic’ukwiyunguruza. Ivyo bisata rero bikaba vyashinzwe hisunzwe imigambi ya Reta ihararanira iterambere rirama “PND” (Programme National de Développement) hamwe na “ODD” (Objectifs de Développement Durables). Ariko kandi muri ivyo bisata indwi, birashobora gushika hakabamwo ivyo dushiramwo uburyo cane gusumba ibindi nk’ico c’uburimyi bujanye n’amahinguriro, ic’ingenzi, n’ico ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru. Vyose bikazovana n’ukuntu imigambi urwaruka ruzoba rwashikirije izoba itunganije. 

Ariko kandi nokwemeza ko nisunze icivugo ca Reta y’Uburundi kigira giti : « Umunwa wose uronke ico urya n’umufuko wose uronke amafaranga », igisata c’uburimyi bujanye n’amahinguriro y’umwimbu n’ubudandaji kigomba kuba mu bizoshirwa imbere. Iruhande y’ico civugo kandi twokwibuka ko Uburundi ari igihugu kibeshejweho ahanini n’uburimyi. Ni na co gituma rero ico gisata gikwiye gushigikirwa. Si ivyo gusa, igitigiri kinini c’urwaruka kiba mu gihugu hagati aho imigambi myinshi irangurirwayo usanga ishingiye ku burimyi. Kugira rero dutere intege urwaruka rwipfuza gukorera muri ico gisata, bisabwa ko tubanza kukiryohora biboneke koko ko gitanga amafaranga avuye mu mwimbu. 

Mu mugambi ukomeye nk’uwu, vyoshika abajejwe intwaro bakagomba kubinjirira bamwe bati muzoze kuwurangurira muri ino komine, muri ino ntara, canke ahandi. Muriteguriye guhangana n’ibibazo nk’ivyo ? 

Ndabizi cane. Kandi aho ubona jewe simpfa kwemera ico mbwiwe cose. Mwibuke ko nashizweho na nyene icubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi kandi nibaza ko uwoshoboye kunyinjirira bigakunda yobaye we nyene, we yanshizeho. Nzokora uko nshobora kwose kugira ngo mbashe kurengera ibibazo bijanye n’ukwinjirirwa muri uwu mugambi. Burya akenshi umuntu agushirako inguvu iyo azi ko hari ico yagufatishije. Jewe nta muntu n’umwe amfashe. Ariko nk’uko namaze kubishikiriza, itegeko ryonyene nshobora kwemera gukorerako, canke se umuntu wenyene yonshirako inguvu, mu bijanye n’uguhindura intumbero y’uwu mugambi canke mu bindi vyiyumviro, ni uwangenye muri iki kibanza, nawe akaba atogira ishaka ryo kurangura iki gikorwa hanyuma ngo ace ahindukira abe ariwe akora ivyo kugisambura. 

Hari amakenga y’ingene abazofashwa mu mugambi PAEEJ bazocagurwa, mwotanga umuco ? 

Umwe wese yiyumve. Uburundi bugizwe n’imitumba irenga 3000. Nta mutumba n’umwe n’imiburiburi utazoserukirwa ngo hagire umugambi w’umugwi w’urwaruka ushigikirwa. Ariko kandi muratahura ko bitokunda ko urwaruka rwose rushigikirwa muri uwu mugambi. Mbere mboneyeho n’akaryo ko guhamagarira urwaruka rwose kuja mu makoperative kugirango rukorere hamwe n’abandi. Ibizokwisungwa mw’icagurwa rya koperative izoba igira ishigikirwe bizomanikwa ahabona, eka mbere n’uburyo buzokora mu gutanga amanota buzoba ari uburyo butarimwo igipfungu. Nta vy’ibanga bizobamwo. 

Muri make urwaruka rwibaza ko ruzoshobora kuzofashwa na “PAEEJ” rutagira imigambi irashe rwoba rurasubije amero mw’isaho. Ni cokimwe n’aba bantu bibwira ko, kubera imiriyaridi 48 ari amafaranga menshi hazobaho abagomba gukuramwo nk’umuriyaridi umwe canke zibiri bacishe ku ruhande: Ntibizopfa bibaye, si uko bizogenda. « Muzotumenyera ku vyo twama », iryo ni iry’umukurambere. Nzokora ukwo nshoboye kwose, mbe maso ku buryo ata kizokwononekara ndorera. 

Mbega nyene ukwigisha muri Kaminuza n’igikorwa c’ubushakashatsi mu vy’imibano, uciye uba urabihagaritse ? 

Ni ivy’ukuri umwuga wanje w’ukwigisha no gukora ubushakashatsi, canecane uwo kwigisha uzomera nk’uwutakarizwa inguvu gato kuko burya ni umwuga usaba inguvu nyinshi n’umwanya. N’aho biri uko ku kijanye n’ubushakashatsi co aho gucumbagira kabaye akaryo keza ko kubikora. 

Ndi umuhinga yanonosoye ibijanye n’ikibano, abanyagihugu n’iterambere. Hariho ibibazo nyamukuru umuntu yibaza mu vyigwa vy’imibano y’abantu n’iterambere : “Kuki aha hari iterambere ariko harya atarihari ? Coba ari igiki catumye harya haba iterambere ribayabaye ariko hariya hakaba iriri musi y’iri ? Kubera iki ahandi ho hari iterambere rikomeye?” Twarakoze ivyigwa bijanye n’ukugereranya kugira ngo tubashe gutahura ubucuti buri hagati y’abanyagihugu n’iterambere. Ico dukwiye kumenya kandi ni uko kuba ahantu kanaka ata terambere rihari bidasigura ko bitokunda ko rihaba kandi kuri ako gataka nyene.

Iterambere ni ukwiyunga kw’ikibano kandi biyunze vyose bigira umumaro kuko baraheza bakaja hamwe bakaduza ikivi.Ni vyo, gushika uno munsi ibitabu maze gusohora ni ibitabu bivuga ivy’ikibano na poritique ariko kuva ubu ngiye kugira ubushakashatsi mu gisata canje, ikibano c’abantu mw’iterambere. Nzobikora kuko mbere nza naramaze kubona imigwi nzokorerako ivyigwa, narihweje inyifato zabo ndagerageza n’ukuzijanisha n’imigambi ya Reta, narihweje ingene bifata imbere y’ibibazo bijanye n’iterambere.

Ni akaryo kadasanzwe rero kuri jewe kuko nzoshobora kuvuga ku bijanye n’iterambere. Ari nka hamwe vyoshika rero nk’inyuma y’imyaka 5 canke 6, kuva ku 7 gushika kw’ 10 tugasanga ingendo y’urwaruka ntirahinduka, mw’ico gihe hazoba hageze ko umuntu yibaza nimba uwo mugambi utoba ariwo wagenze nabi canke atari ikibazo kindi urwo rwaruka rufise. Umwuga wanje w’ukwigisha rero uzomera nk’uwucumbagira gato bivanye n’uko ntazoba ngifise umwanya ukwiye wo gutanga ivyigwa vyose narinsanzwe nigisha. Nzohava nigisha ivyigwa nka 2 canke 3 ariko nzoheza nce mbandanya nkora ubushakashatsi mu gisata kijanye n’umubano mw’iterambere.

Umwidondoro w’abagize ubuyobozi bw’umugambi PAEEJ (uva ibubamfu uja iburyo): 

  • Dr Hassan Kibeya (yize ibijanye n’umuyagankuba muri kaminuza SFax yo muri Tunisie): Ni umuyobozi muri kaminuza y’Uburundi mu gisata……. akaba n’umushakashatsi. Ajejwe ibijanye n’imigambi y’urwaruka mu mugambi “PAEEJ”
  • Clarisse Nsabimana (yize igice ca kabiri c’inyigisho za kaminuza mu bijanye n’abakoze n’akazi i Dakar): Ari mu bagize umugwi wo gufasha urwaruka rwitunganiriza imigambi muri “ISCO”, umwigisha-mwunganizimuri kaminuza y’Uburundi, ni n’umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi mu mugambi “PAEEJ” 
  • Pr Désiré Manirakiza (umuhinga mu bijanye n’ibibazo vy’abantu n’iterambere, yize kuri kaminuza Franche-Comté no kuri kaminuza Neuchâtel): Ni umwigisha mu ma kaminuza yo mu Burundi no muri Caméroun. Ni we muhuzabikorwa ku rwego rw’igihugu mu mugambi “PAEEJ” 
  • Alida Niyongabo (yize igice c’akabiri c’inyigisho za kaminuza mu bijanye n’ubuhinga bwo gutanga amakuru): Ni umwigisha muri kaminuza yitiriwe Umuco y’i Bujumbura, akaba n’umuyobozi ajejwe igisata kiraba ibijanye no gukarihiriza ubwenge urwaruka mu mugambi “PAEEJ”

Legend : Umugwi w’abajejwe umugambi PAEEJ, bariko baramenyesha aho bagejeje ibikorwa mu kiyago umukuru w’igihugu yagiranye n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura ku kibuga citiriwe Intwari ku wa 31 myandagaro.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top