Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Isuku ku myeha y’uburovyi: Rumonge, Muguruka, hange!

©Jimbere | Utuzu tw’ubwiherero twubatswe na UNICEF-Burundi, ku mweha w’uburovyi wa Mvugo

Abagendera umweha w’uburovyi wa Rumonge na Muguruka baratewe impungenge n’uko bashobora kwadukwa na za ngwara zituruka kw’isuku rike bitewe n’ikena ry’utuzu twa surwumwe muri ivyo bibanza vyegereye ikiyaga Tanganyika.

«Jewe sinsiba guhonyora amazirantoke mu musenyi harya ngiye kwironderera agafi ko gutamira, rimwe na rimwe nkibaza nimba boba ari abana, abakorera kuri iyo myeha canke ababa hafi yabo nkabura inyishu. Hari igihe mbere nigira inama yo kudasubira kuhagendera kuko nabona hatoroshe. » Uwu ni umwe mu bakunda kuja kuhasumira akaboga twayaze, atashimye ko izina ryiwe ryandikwa.

Ni ko vyari biri no ku mweha wa Mvugo, imbere y’umwaka wa 2013, ishirahamwe Unicef Burundi ritarabubakira utuzu tw’ubwiherero twiza. Nk’uko bishikirizwa na Bucumi Sayumwe, aserukira komite y’abarovyi bo mu Mvugo, muri komine ya Nyanza-Lac, nta mwaka wahera korera canke amacinya bitihaye inkumbi, ariko uno munsi hariho agahengwe.

Bucumi agira ati : « Vyari biteye akoba. Abarovyi baba ku musenyi, ugasanga utuzu twa surwumwe ntidukwiye. Mw’ijoro hari abasohoka, bakituma bagaca barenzako agasenyi. Kuri uwo musenyi nyene, ico gihe ni na ho twanikira indagara. Nta n’amazi meza twari dufise. Imvura iguye, yakukumura wa mwanda uhishije mu musenyi ikawujana mu kiyaga Tanganyika. Bugingo ikeye, abanyagihugu bagaheza bakaja kuyavoma bakayatekesha bakongera bakayanywa. Ingwara ntitwazitura. Tanganyika ni yo twozamwo ivyombo, tukamesuriramwo, tukana yogamwo. »

Hahindutse iki ?

Komine yarashikanye amazi ku mweha wa Mvugo. N’ubwo adakwiye, nta wukinywa Tanganyika. Komite y’abarovyi yarashizeho abacungera ko hari abituma ku musenyi n’abakenyezi bagira isuku aho ku musenyi nyene wo ku mweha. Bose bagera kuri cumi. Abo, bahembwa n’abarovyi ubwabo. Iyo bavuye kuroba, igipe (ubwato) cose kirabaha akaboga, agakeke canke utudagara bita nyamunyamu 2, 4, canke 5, umwe umwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu Unicef Burundi ryarubatse ku mweha wa Mvugo, utuzu tw’ubwiherero turi mu minwe ya komite y’abarovyi. Na bo, mu ntumbero yo kudukamisha, baciye baha akazi abatugirira isuku, bagahembwa mu yo barihisha uwufashwe n’umusonga agomba kwihagarika muri two.

Ariko rero….

Bucumi abandanya ashikiriza ko amakenga yo gusubira mw’ihumbi atabuze kuko imiringoti izana amazi iyakura mu Rubindi ishobora gucika bivuye kw’ibarabara ryimburutse. Icikagurika ry’ayo mazi na ryo rikazohava riba intandaro yo gusubira kwihereza no gukoresha amazi ya Tanganyika: « Nta n’ubuhinga turaronka ngo abarovyi ntibihagarike mu mazi igihe bari kuroba. »

Abandanya amenyesha ko amazi meza adakwiye ngo baronke ayo bakoresha mu ngo. Abavyeyi baracaja kumesurira ivyahi muri Tanganyika, abandi bagaca baja kwogerazayo ibikoresho vyo mu gikoni. Utuzu twa sugumwe twimbwa hafi y’ikiyaga, kandi si tureture, bishobora gutuma imyanda ishika mu Kiyaga.

Tubajije Gabriel Bucumi arongoye umweha w’uburovyi wo mu Rumonge, yamenyesheje ko bariko barayaga n’ababijejwe barabe ko bobaronsa aho bokwimba utundi tuzu kuko ngo utwahahoze, twatwawe n’imvura irenze ya Ntwarante na Ndamukiza, 2020 yaguye iradusitagura. Uwurongoye umweha wo ku Muguruka we twamurondeye turamukena.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top