Jimbere

ikirundi French English
ISUKU

Mu mashure : isuku inyuma y’ibikorwa vyo kwinonora imitsi

Amashure amwe amwe atagira uburaro usanga ata bwogero afise kugira ngo abana bagire isuku rikwiye iyo bavuye mu bikorwa vyo kwinonora imitsi. Ugasanga rero abanyeshure bayigako bibagora kugira isuku iyo bavuye mu bikorwa ngorora mubiri nk’uko twabisanze kw’ishure ryisumbuye rya Buterere. 

Kuri Lycée Municipal ya Buterere, abanyeshure bafise ivyigwa vyo kwinonora imitsi hagati mu mwanya w’ivyigwa basubira kwambara impuzu z’ishure batoze. « Dufise icirwa ca sport et santé kw’isaha ya gatatu, kubw’ivyo duca dusubira kwambara uniforme kubera ko umwigisha atotwemerera kwiga tutambaye uniforme, ivyo biratuma nk’ishati zacu zera za uniforme tuzicapfuza kubera ko tutaronka uko twoga » nk’uko uwo mwigeme w’imyaka 15 twaganiriye, abandanya abisigura, ngo hari n’igihe akamoto kabi nk’intunguta kaba kenshi mw’ishure iyo bavuye mu bikorwa ngorora mubiri, bigatuma kuri bamwe badasubira gukurikira neza. 

Odette Nsavyimana, umuganga yanonosoye ivy’ingwara z’urukoba n’izo mu bihimba vy’irondoka asigura ko kwoga ari nkenerwa inyuma yo guheza gukora ibikorwa ngorora mubiri, ariko imbere yo kwoga ko bisabwa ko umuntu arindira n’imiburiburi iminota 20 kuko imbere y’ico kiringo bishobora gutera ibibazo : « Kubera urukoba ruba rusa nk’urushushe, ivyo rero birashobora kuzotuma urukoba ruzana iminkanyari hataragera. »

Hari ibihimba bibira intuguta kurusha ibindi

Muganga Odette Nsavyimana ahanura urwaruka ko inyuma y’iminota 20 ni kuvuga urukoba rwamaze guhora, umuntu akwiye guca yoga kubera kirya cuya umuntu aba yabize kica kiguma ku rukoba hama kigaca gitera izindi ngorane. Nk’uko Muganga Nsavyimana abisigura, mu gihe abanyeshure basubiye mw’ishure batoze, bashobora kwandura ibifaranga, ibimeme kubera ya ntuguta baba babize bari mu bikorwa ngorora mubiri.

Muganga avura ingwara z’urukoba, Odette Nsavyimana, ahanura ko iyo umunyeshure avuye mu bikorwa ngorora mubiri abwirizwa kwitwararika kwoga na cane cane agashimika inyuma y’amatwi, kw’izosi, mu kwaha, munsi y’amabere ku bakobwa, hagati y’intoke hamwe no hagati y’amano, mu birenge no mu biganza, kuko ari vyo bihimba bibira intuguta kurusha ibindi. 

D.N., yahejeje amashure yisumbuye mu myaka ibiri iheze, asaba ko ababijejwe botegekanya ivyigwa vyo kwinonora imitsi kw’isaha ya nyuma, mu mashure atari ay’uburaro kugira abanyeshure baronke ya minota 20 yo kurindira kuja mu bwogero kandi bace boga neza bari i muhira.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top