Jimbere

ikirundi French English
ISUKU

Imbeba iberegeta ibintu n’abantu

Mu mazu, haba mu gisagara canke mu misozi, imbeba ziranyagara. Abarimyi bazisanga mu bigega no mumifuko y’imbuto mugihe abanyagisagara bo bazisanga mu mpuzu, mu bikoresho vyo munzu no mu mifuko y’imfugurwa. Aho ziri ziraberegeta ico bihuye cose. Hari naho ziheza zigatandukira abantu. Ido n’ido!

Ariella Nduwimana n’umuyabaga yigeze kuribwa n’imbeba avuga ko yikanguye mu gatondo yumva asasatwa kuntoke no mu kirenge: « Narabajije abo tubana, maze bambwira ko atankeka ari imbeba zandiye. Ico gihe intoke n’ibirenge vyariko udukomere dutoduto. » 

Abandanya yigana ko ico gihe yari yaryamye adakaravye mu gihe bari baraye bariye isosi y’inyama y’inka. Ariella yaciye yirukanga kwa muganga kuko yari afise ubwoba bwokwandura indwara atazi.

Uretse gukaraba mu biganza imbere yo kuryama uhejeje gufungura, n’isuku rike ryo munzu n’irwizwa ry’ibice vy’inzu bidashikirwa n’umuco birahamagara imbeba na cane cane iyo ibikoresho vyo munzu bisanzaye impande zose z’inzu.

Karaberegeta ntikaruha

Imbeba irinze itandukira umuntu, imurya ihuha kuburyo adashobora kuvyumva muri uwo mwanya. We yigumira mu gatiro kiwe ntarote avyumva. Yikanguye, arashobora kubona uturaso duke canke akabona inkovu.

Muganga Isidore Irankunda avura indwara zo kurukoba avuga ko igihe imbeba iriye umuntu, igikomere ari gito barahanagura gusa bigahera ariko asanze ari kinini ni vyiza ko yokwitura umuganga. 

« Yampaye isuka imbeba! » 

Uwuhuye n’imbeba adasimvye yo iriruka. Ariko iyo asinziriye ivyo gusimba ntibiba bigishoboka. Niho ya mbeba iberegeta igatwara uruhu rw’amano, ibirenge n’intoke atacamira. 

Akenshi imbeba irya umuntu mw’ijoro, ikamurya ku mano no kuntoke. Irasoboka ikegereza amenyo kumubiri maze igashikura iza irahura. Uwuryamye ntanakimwe yumva. Ariko ya mbeba ntihateba, ica yibandaniriza urugendo. Iyo mbeba iba yahamagawe n’ibintu bisosa canke bimota umuntu aba yararanye mu biganza canke yaraye yisize canke akarara atoze.

Muganga Isidore abandanya asigura ko uwuriwe n’imbeba ashobora kurwara indwara zivuye kubumara bushobora kuba buri mu mate y’iyo mbeba. Arashobora kandi kurwara akaranda, tifusi, kusebuka bw’igikomere, indwara ikomeye itagira umuti yitwa hantavirusi, maladie de Lyme n’izindi.

Uburyo bwambere bwo kwikingira ivyo vyago n’ukugira isuku aho urara mu gukubura no kwegeranya ibikoresho n’imfungurwa. Ubwakabiri n’uko umuntu yokwama aryama akaravye neza n’amazi n’isabuni. Abana bato barakwiye gusuzumwa ko bakarabishijwe imbere yo kuja mu busaswa.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top