Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Umushikiranganji Kibeya yaciye ku mugoroba kwisumira mu kigo c’Ubudandaji KIGEGA

Umushikiranganji Kibeya ariko arigera ikirato cakozwe n’urwaruka, mu kigo KIGEGA…

Ikigo c’ubudandaji KIGEGA kiramaze indwi nkeyi gikora, mu nyubakwa ndangangakaranga (Palais des Arts) mu gisagara ca Bujumbura. Kw’ihangiro ryo guteza imbere ibihingurirwa mu Burundi “Made in Burundi”, carahimbawe no kwiyakirira ku mugoroba wo kuri uyu wa 07 Nzero 2026 Umushikiranganji ajejwe Ubudandaji n’amahinguriro, yari ahaciye kugira asume yongera anirabira ingene uyo mugambi uriko uratera imbere

Umwihweje warashobora kubona ko ahimbawe no kubona ko « indoto yabaye ukuri ». Kanatsinda, ayo ni yo majambo ya mbere Dr Hassan Kibeya yatanguye kuvuga ariko aratembera muri yo nyubakwa ubu igenewe kwakira no kudandarizwamwo ibihingurirwa mu Burundi, hisunzwe ingingo yafashwe n’Inama nshikiranganji kuva mu ntango za 2023.
Muri ico gihe, uyo yahavuye aba Umushikiranganji ajejwe Ubudandaji n’Amahinguriro yari akiri umuyobozi mukuru w’igisata c’ukwitunganiriza imigambi nk’urwaruka, muri wa mugambi PAEEJ.

Mu ntumbero yo gushaka gutorera umuti ikibazo c’isoko ry’ibidandazwa vy’amashirahamwe y’urwaruka yashigikiwe na PAEEJ, hamwe n’ikibazo gishingiye ku kumenyekanisha utwigoro twa Reta mu guteza imbere ibikorwa vy’ukwitunganiriza imigambi ku rwaruka, PAEEJ yaragiriraniye amasezerano muri Ruheshi 2023 n’Ubushikiranganji bujejwe ico gisata, yo gukorera no kuvyaza umusaruro inyubakwa ndangakaranga (Palais des Arts).

Inyuma y’amezi mirongo itatu, n’uburyo bwababa umuriyaridi umwe w’amafaranga y’amarundi yari ashizwe mu kunagura ico kigo cahora gikoreshwa rimwe na rimwe mu mahayanisha y’ibidandazwa vyo mu Misiri (Egypte) canke muri Kenya, canke kikadandarizwamwo mu kiringo kanaka ibikoresho vy’ishure, inyubako ya « Palais des Arts » yarahinduye isura ku buryo ubu bigoye kuyimenya.

Urwego PAEEJ rwarahashize ibikoresho vyose bikenewe kugira habere ubudandaji bw’ibihingurirwa mu Burundi, uburongozi bwaco buhabwa ishirahamwe ry’abanyamigambi KIGEGA. Ico kigo cugururiwe urwaruka rwashigikiwe n’uburyo bwa Reta biciye muri (PAEEJ, BIJE, BIDF) canke bahawe uburyo n’abigenga (infashanyo, itunga ry’umuryango, ingurane ya banki, n’ibindi).

Kandi akamo batewe barakitavye: amashirahamwe n’amakoperative arenga 300 aramaze kwiyandikisha kugira ahazane ibidandazwa vyayo. Ubu mu ntango, ibikorwa bijanye no kudandaza muri ico kigo bitangura kuva isaha cumi na zibiri zo mu gitondo gushika isaha zine z’ijoro (de 6h à 22h) buri munsi, imbere yuko ico kigo citaza ngo gitangure gukora amasaha 24 kuri 24.

Gukomeza ibisata vyo kugwiza umwimbu

Iruhande y’ahadandarizwa ivyahinguriwe mu Burundi, KIGEGA yaruguruye ikibanza c’ugufungura cahariwe inyama z’inkwavu kiri mu minwe y’ishirahamwe BITWI, ibituma ikigo co kugwiza inkwavu z’amaraso mashasha co ku Muyange na co nyene gifashwe mu mugongo na PAEEJ kironka aho gishorera umwimbu waco mu gihe hakirindiriwe gukwiragizwa cane mu benegihugu ubwo bworozi bw’ubwoko bushasha bw’inkwavu buva mu Bufaransa.

Gutyo rero, kuva mu gisata c’ubworozi bw’inkwavu gushika ku bidandazwa vyo mu nzu, tutibagiye ibijanye n’inyambaro n’ibihingurwa mvabwenge, KIGEGA, nk’umugambi ukomeye wa PAEEJ, iraronderera amasoko ibidandazwa biva mu mashirahamwe yashigikiwe mu buryo, maze ivyo bikazofasha urwaruka gusubiza ingurane rwahawe.

Zimwe mu ngorane zimaze kuboneka kandi zashikirijwe Umushikiranganji Kibeya, Umuyobozi w’Ubudandaji wa KIGEGA, Arlette Mpundu, adondagura “ubushobozi buke bw’amashirahamwe akorera muri KIGEGA bwo gushobora kuronka ibikwira ivyo abaguzi basaba, ikibazo kijanye no kwemera gushira ibikorwa mu buryo bwemewe n’amategeko, hamwe n’igihe kirekire bitwara kugira ngo ibidandazwa vyemezwe ko bikwije ibisabwa.”

Twibutse ko ikintu gisabwa kugira amashirahamwe y’urwaruka (bafise hagati y’imyaka 15 na 40) adandarize mu kigo KIGEGA ari ukwiyandikisha ku bushake, biciye ku buhinga bwa none kandi ari ku buntu, yemera kandi gutanga kuri KIGEGA ibice 10% vy’ivyo yagurishije kugira bifashe mu bijanye n’uburyo bukoreshwa n’ukumenyekanisha ikibanza.

Nk’uko Umuyobozi w’Ubudandaji wa KIGEGA abisigura ati: “Twipfuza ko urwaruka rushira inguvu zarwo cane ku kugwiza umwimbu, gutyo rukareka KIGEGA ikaruronderera isoko ry’ibidandazwa vyarwo.”

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top