Jimbere

ikirundi French English
INYUBAKO

« Natwe nibadufate nk’uko bagize abahora baba ahubatswe ingoro y’umukuru w’igihugu »

Abafise amaparasera mu mahegitari 160 yegereye ingoro y’umukuru w’igihugu, muri karitiye Gasenyi iri mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko imizibukiro bemerewe kuronswa kugira bave mu vyabo ari intica ntikize. Basaba umugwi wa Reta ubijejwe kwubahiriza amategeko n’amabwirizwa agenga amatongo…

Ingoro y’umukuru w’igihugu yubatswe mu mahegitari 40. Abenegihugu bahora baba muri ayo mahegitari barahawe imizibukiro, kandi Reta yaranabaronkeje ayandi maparasera mu Maramvya mu ntara ya Bujumbura. Mu mwaka wa 2016, harasohotse itegeko rivuga ko ahubatswe ingoro hongerejweko ayandi mahegitari. Hava ku mahegitari 40 hashika ku mahegitari 200. Ni ukuvuga ko hongeweko amahegitari 160, ayo na yo akaba arimwo imiryango irenga 15.000, ariko akaba ata mizibukiro bararonswa kugira bave muri ivyo bibanza, nk’uko bimenyeshwa na bamwe mu benegihugu bahaba.

Umwe mu benegihugu twahasanze agira ati : « Hari umugwi wa Reta ujejwe guharura, amaparasera, amazu arimwo n’ibindi bintu biri muri ayo maparasera waje mu 2022. Abari bawugize, barakoze akazi bari bajejwe baranerekana ivyavuyemwo. Ariko icibonekeje ni uko harimwo uduhaze twinshi. Hari abo wasanga ivyo banditse bidahuye n’ivyo ba nyene amaparasera bafise, abandi ugasanga uko amaparasera yabo angana yagabanutse, n’ibindi.  Ariko ikibabaje gusumba ni uko twumvise ngo bazoduha umuzibukiro gusa nta yandi maparasera bazoduha. »

Uwitwa M.D. (izina ryahinduwe) aba mu Gasenyi, amera nk’uwunganira mugenziwe, yagize ati: « Nta mwana n’ikinono, nk’uko bahaye amaparasera abahora baba mu mahegitari 40 yubatswemwo ingoro y’umukuru w’igihugu, natwe nibatugenze gutyo, tugende duhimbawe nk’abandi. Atari uko naho, bazoba batwomoye. »

Uyo mwenegihugu abandanya avuga ko batahimbawe no kubona batanaserukiwe mu mugwi wari ujejwe guharura ibijanye n’imizibukiro. Ati : « Nta karyo twaronse ko guhanahana ivyiyumviro n’abagize uwo mugwi kugira tubereke ivyo tubona ahandi tunabaserurire akaturi ku mutima. Tubona umenga tuzohava twirukanwa ku nguvu ».

« Turihebuye… ! »

Umushingwamanza Emmanuel Niyongabo, aba muri ako gace ka hegitari 160, akaba anaserukira abenegihugu bahafise amatongo, amenyesha ko ukwo kwimugwa muma maparasera biriko bikorwa bitubahirije amabwirizwa araba ibijanye n’amatongo.

Afatiye ku ngingo zimwezimwe ziri mw’ibwirizwa ritunganya ibijanye n’amatongo, Niyongabo agira ati : « Ingingo ya 424 ivuga ko umuzibukiro utegerezwa kuringanira n’agahombo uwasohowe yagize. Umuzibukiro wumvikanwa n’abo biraba, canke bitagenze uko, na sentare ibifitiye ububasha yituwe n’umwe mu bo vyega nk’uko bitegekanijwe mu ngingo ya 428 y’iryo bwirizwa. »

Yongera ati : « Ingingo ya 426, ivuga ko abashikiranganji bajejwe ivy’amatongo batera igikumu bose ku rugero rw’amafaranga atawushobora kuja musi, rukurikizwa ku vyerekeye imizibukiro ku matongo asohowemwo abantu ku neza yabose atimuka, kubera kamere kayo n’ibitimuka kubera bifatanye n’ayo matongo, babanje guhanuza umugwi w’igihugu ujejwe ivyerekeye amatongo. Ivyo biciro bitegerezwa kwama bishigwa ku bihe. »

Niyongabo yemeza ko itegeko abashikiranganji bashizeho, ritashinze igiciro atawushobora kuja musi mu gutanga imizibukiro, ahubwo ryashinzeho ibiciro ntabanduka, kandi rishinga imiriyoni 5 kuri are 1. Ivyo rero biri uko, mu gihe iruhande y’izo hegitari 160, are 1 igurwa hagati y’imiriyoni 15 na 20, nk’uko Emmanuel abandanya abivuga.

Akibaza ati : « None izo miriyoni 5 bashaka kuduha tuzoca tuja kugura he? Reta yoba itwomoye. Ntitwovuga ko iduhaye imizibukiro, kuko ntitworonka ahandi tugura. Uravye n’ibiciro vy’ukwubaka n’ivyo bakoresha mu kwubaka ingene bigurwa, ugereranije n’uko kera twubaka vyagurwa, nta n’umwe azoshobora kwubaka inzu nk’iyo twari dufise. Boduha ayo maparasera vyoba mitende tugapfuma tugabanya inzu twubaka ariko tukaronka aho tuba. Kandi twizeye ko Umukuru w’igihugu azodutunganiriza, kuko twaramwandikiye tumumenyesha ko itegeko ryasohowe n’abashikiranganji ridahuye n’ibwirizwa rigenga amatongo ».

Ariko kandi uyo mushingwamaza amenyesha ko hari ibiganiro umuhuza yagiranye n’abaserukira abenegihugu bahora baba ahubatse ingoro y’Umukuru w’igihugu hamwe na Reta iserukiwe n’umushikiranganji w’amazi, ibidukikije, amatongo no gutunganya ibisagara, bari bahurije ku ciyumviro c’uko babaha imizibukiro bakabaha n’amaparasera ahandi, kandi ko hageze igihe ababa mu mahegitari 184 (naho ubu hafashwe amahegitari 160) bagenda, nabo bazobaha imizibukiro bakongera bakabaha n’amaparasera aho bazubaka, nk’uko biri ku rupapuro rwa 4 ku ngingo ya 5 y’icegeranyo cafashwe ku wa 12 Nyakanga 2011. Niyongabo agira ati: « Rero gushika uno munsi, umugwi Reta yashizeho, ntiwemera kuganira natwe duserukira abenegihugu turavye umuzibukiro bariko baraduha uko ungana. Turihebuye. Nibaduhe umuzibukiro ujanye n’ivyo tuzoba duhomvye. Baduhe n’amaparasera ahandi kugira tugende dutekanye, nk’uko biri mu masezerano ».

« Hotunganijwe neza atawimuwe… »

Emmanuel Niyongabo avuga ko, ku wa 25 Ruheshi 2021, uwujejwe ibiro vy’umukuru w’igihugu yanditse ikete rivuga ko ico kibanza ca hegitari 160 kizotunganywa neza ata muntu arinze kuvamwo. Ko umwenegihugu yotanze igice ca parasera afise kigatunganywa neza, hanyuma ahasigaye akahubaka akurikije indinganizo yatanzwe na Reta. Ariko ngo si ko vyangenze.

Agira ati : « Iryo kete twagiye kuribona mu kwezi kwa Mukakaro 2022. Turibonye twariruhukije, twibwira ko dukize kwangara. Turanandikira ikete umukuru w’igihugu ryo kumushimira. Ariko hashize iminsi twabonye hasohoka itegeko rivuga ko hongeye gufatwa ku neza ya bose kandi tubwirizwa kuhava. Ariko kubera bavuze ko bazoduha ahandi tuja, naho twarakengurutse, kuko Reta ishaka kuhakorera imigambi y’iterambere. Turarindiriye batwereke iyo tuzoja. » Yongera akavuga kandi ko, icobababaza gusumba, ari mu gihe Reta yohabakura igaca ihaha abandi bahubaka. »

Hampande y’ayo mahegitari 200, hariho n’ayandi mahegitari 334 ategekanijwe ko abayarimwo bazohabwa imizibukiro bakahava kuko bivugwa ko ari ikibanza kigenewe abajejewe umutekano w’ingoro y’Umukuru w’igihugu. Hose hamwe hoba hangana n’amahegitari 534, nk’uko Niyongabo abivuga.

Itegeko riraba ivy’imizibukiro ryarakurikijwe…

Diomède Ndayirukiye, umuyobozi ajejwe ivyo gutunganya amatongo n’ibisagara mu Bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije yemeza ko ibijanye no gutanga imizibukiro biriko biraba mu Gasenyi ahegereye ingoro y’Umukuru w’igihugu biri mu muco kandi bihuye n’amategeko. Agira ati : « Iyo itongo ritangajwe ko rigiye gukorerwamwo ibikorwa ku neza ya bose, iryo tongo riba ricitse irya Reta. Ikiba gisigaye ni ugushira mu ngiro ivyo amategeko ajanye n’ivyo avuga. Mbere, itegeko (ordonnance) rivuga ibijanye no gutanga imizibukiro, riratomoye cane kuburyo umuntu uwo ari we wese aritahura ».

Abandanya agira ati: « Abenegihugu batari bake bo muri ako gace barashimye umuzibukiro babwiwe ko bazoronka. Aboba bavuga ko ari intica ntikize, ni abafise ibindi vyiyumviro. »

Yishura ku ciyumviro c’abavuga ko amaparasera yegeranye n’aho Reta igomba gukorera imigambi ku neza ya bose agurwa imiriyoni 20 kuri are imwe, kandi ko n’imizibukiro yoharurwa bafatiye ku gaciro aho hantu hagezeko ubu, Ndayirukiye yibutsa ko hari itegeko ryerekana uko imizibukiro itangwa hisunzwe aho ahantu haherereye.

Agira ati : « Si kubera ko bamwe bitwa abakomisiyoneri b’amazu n’amaparasera bashinga ibiciro vy’ahantu kugira bironkere inyungu, ngo natwe abe ari vyo duca dukorerako mu gutanga imizibukiro. Habanamba ! Mwiyumvire namwe dufashe nk’akarorero, aha mu gisagara ca Bujumbura, umukomisiyoneri arashobora kugurisha iparasera ipima ari 30 ku miriyaridi 3 z’amarundi. None ivyo mwumva vyumvikana ? Ni hehe handitswe ko amaparasera yegereye ingoro y’Umukuru w’Igihugu agurwa imiriyoni 20 ? Hari ho itegeko ryerekana ingene haba hagati mu gisagara ca Bujumbura canke ku nkengera zaco, hatangirwa imizibukiro. Iryo tegeko rero, ni ryo dutegerezwa kwisunga no gushira mu ngiro kandi atawe turenganije. »

Ndayikengurukiye anamenyesha kandi ko mw’itegeko atanahanditse ko ababa impande y’ingoro y’umukuru w’igihugu mu mahegitari 160 bazoronswa ayandi maparasera ahandi, ariko agahumuriza ko, ico yizeye ari uko bose bazotunganirizwa neza hisunzwe amategeko, ata karenganyo kagiyemwo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top