Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Ikawa ishoka hanze imaze kudandazwa ku rugero rw’ibice 63%

Hafatiwe ku matoni 14 000 y’ikawa ishoka hanze yitezwe muri iyi sizeni, hamaze kudandazwa ikawa ku rugero rungana na 63%. Vyashikirijwe na Déo Guide Rurema Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije aho kuri uwu wa 8 Kigarama 2020 i Gitega yariko aramenyesha abarundi aho ibikorwa vy’isizeni y’ikawa y’umwaka wa 2020-2021 bigeze.

Déo Guide Rurema Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije ati: « Idandazwa ry’umwimbu w’ikawa wabonetse ririko rigenda neza cane. Gushika kw’igenekerezo rya 03 Kigarama 2020, ikawa zose hamwe zari zimaze kudandazwa muri iyi sizeni y’umwaka wa 2020 – 2021, zingana n’amatoni 8 906,550 ku gaciro k’amadorari y’abanyamerika 22 264 796 USD, ni ukuvuga, hafi amafaranga y’amarundi 42 745 003 971 Fbu. »

Afatiye rero kuri uwo mwimbu w’ikawa umaze kudandazwa no ku mwimbu ungana n’amatoni 14000 witezwe muri iyi sizeni y’ikawa y’umwaka wa 2020– 2021, uwo mushikiranganji amenyesha ko hamaze kudandazwa ikawa ku rugero rungana n’ibice 63%.

Uko ikawa imaze kudandazwa…

Umushikiranganji Déo Guide Rurema amenyesha ko, ku ruhande rwa ODECA, hamaze kudandazwa amatoni 1 632,480 ku mafaranga y’amadorari y’abanyamerika 4 414 000 USD, ni ukuvuga, hafi amafaranga y’amarundi 8 494 324 771 Fbu, kandi hakaba hamaze kugurishwa ikawa ishika 40% y’iyari yitezwe.

Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije Déo Guide Rurema

Na yo ku ruhande rwa COCOCA, uwo mushikiranganji amenyesha ko hamaze kudandazwa amatoni 1420,800 ku madorari y’abanyamerika 4 185 685 USD, ni ukuvuga, hafi amafaranga y’amarundi angana 8 031 052 807 Fbu, muri ayo mafaranga, ayashika 2 655 414 USD yaramaze gushika, ni ukuvuga 5 124 949 020 Fbu, kandi hakaba hamaze kugurishwa ikawa ishika ku 60% y’iyitezwe.

Itahukanwa ry’amafaranga y’agagaciro ahuye n’ikawa ishotse riba uko ikawa ishoka

Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije Déo Guide Rurema amenyesha ko amafaranga yose Reta yashize mu gisata c’ikawa ariko arakoreshwa mu muco. Agira ati: «Amafaranga Reta y’Uburundi yahaye urwego ODECA kugira rushobore kurangura ibikorwa bijanye n’isizeni ya 2020 – 2021 yangana 43 465 834 300Fbu. Ayamaze gukoreshwa angana na 31 708 166 967 Fbu. Muri ayo, ayahembwe abarimyi akaba angana 21 833 448 357Fbu, ayandi angana na 9 874 718 610 Fbu akaba yakoreshejwe mu bikorwa bitandukanye bijanye n’isizeni. »

Muri rusangi, Déo Guide Rurema, amenyesha ko, bihweje ibiharuro vyerekana amahera Reta yatanze kugira akore ibikorwa bijanye n’isizeni y’ikawa ya 2020 – 2021, bakagereranya n’ayamaze kugaruka, babona neza ko ayo mahera azosubizwa ata ngorane narirya avuga ko ikawa yo gushora ikiriho kandi nyinshi yababa ibice 50%.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top