Murukurikirane rw’ibikorwa bikorerwa ikawa, Emmanuel Ndorimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije yatanguje icese mu gihugu cose kuri uwu wa 18 Kigarama 2020, i Mutumba mu ntara ya Karusi, ibikorwa vy’ipompa, ifumbira no gutera imivyaro y’ikawa.
Emmanuel Ndorimana amenyesha ko gupompa ikawa bituma umurimyi akingira ibiti vy’ikawa ingwara n’udukoko, turya ikawa nk’igifushi kuko gituma umwimbu n’akanovera bigabanuka. Gufumbira na kwo bituma ikawa zivyibuha kandi zigatotahara zikongereza n’umwimbu. Gutera imivyaro y’ikawa na vyo bifasha mu gusubiriza ibiti bishaje no kuronka iyindi mirima y’ikawa gutyo hakaboneka umwimbu mwinshi.
Muri ivyo bikorwa, uyo munyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ahamagarira abarimyi b’igiterwa c’ikawa kubandanya bakorera neza ibipimo vyabo kuko na Reta y’Uburundi yemeye kuza irabaronsa ifumbire ku giciro kitavuna, ikaba ibarihira ibice 80% na bo bakirihira ibice 20% biba bisigaye. Emmanuel Ndorimana aranahimiriza abakorera muri ico gisata c’ikawa kurushirizaho kwunga urunani, bagakurikirana ivyo bikorwa kugira biranguke neza na rirya abahinga bavuga ko ikawa ikorewe neza, igafumbirwa neza umwimbu ushobora kwiyongera gushika ku rugero rw’ibice 40%.
???? Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama 2020 hatangujwe icese mu gihugu c’Uburundi isekeza ry’ipompa, ifumbira…
Posted by JimbereMagazine on Friday, December 18, 2020
Ariko kandi, abarimyi baragabishwa…
Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije Emmanuel Ndorimana arasaba ashimitse umuntu wese azoronswa ifumbire eka n’imiti ko yokoreshwa neza kuko imiti itangwa iba ihuye n’igitigiri c’ikawa umurimyi afise. Agira ati: « Turagabishije rero uwo wese yoba yarishe ifumbire y’umurengera yibaza ko azoyikoresha ikindi ko azokurikiranwa. Icibagiwe coco ni uwocutsa agatima ko kuyidandaza. Abafundi b’indimo hamwe n’abatware bo ku mitumba basabwe gukurikirana ico gikorwa no kubungabunga ibikoresho vyatanzwe. »
Rero kuja hamwe umwe wese agakora igikorwa ajejwe, ni co umurimyi hamwe n’abakorera mu gisata c’ikawa bose bahamagarirwa, kugira ikawa y’i Burundi izogume iri rurangiranwa mu makungu, gutyo yaba umurimyi eka n’uwukorera muri ico gisata na Reta idasigaye inyuma babukure mu cibo.
Mwomenya rero ko, nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Ndorimana, ikawa ari igiterwa njabukamazi, catanguye guterwa mu gihugu c’Uburundi kuva mu mwaka wa 1920. Ni igiterwa gifitiye akamaro kanini Uburundi kuko ari co ca mbere cinjiza amafaranga menshi y’agaciro agera ku bice 80%.




