Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Icayi : i Bururi, barima icayi kugira babe akarorero gusa

Imirima y’icayi /DR

Icayi ni kimwe mu biterwa njabukamazi abarimyi bada-hurumbira cane bivanye nuko agahembo bakuramwo ari intica ntikize. Abarimyi baragerageza kuja hamwe bakagira amakoperative, mbere bakarondera n’ubuvugizi ngo icayi kigire ijambo, ariko ngo ntakiravamwo. Bamwe baragihevye n’aho abari mu makoperative batakivako ngo bizigiye ko Reta izobibuka ikaduza igiciro caco. Tuje gutembera gato i Bururi …

Nubwo bari mu makoperative y’abarimyi b’icayi si uko bitezemwo umurengera. Mbere bamwe bavuga ko ari amabura kindi. Ivyo babiterwa nuko agahembo baronka kadahuye n’inguvu bakoresha. Hari n’abadahengeshanya kuvuga ko bakora bagatahira umuruho. Abarimyi, bobo, bibaza ko abiyungukamwo ari abayishora kw’isoko mpuzamakungu.

Umurimyi umwe ari muri koperative Abakerakivi-Tora y’i Mugamba, mu ntara ya Bururi, atakanzwe nuko ari mu nama ya koperative, yagize ati: « Brirwa baradukeza ngo twimbuye icayi c’akanovera. Tukarindira ko hari akarusho tugikuramwo tukabura. Ni amabura kindi. Ntawurusha umurimyi w’icayi kuzinduka. Urume, imbeho, icibagiwe co ni mu gihe imvura igusanze mu murima waco. Nta mpuzu wotwarayo indwi itaragutabukirako, hagera gusoroma ngujane kw’isoko bakaguhemba 250Fbu ku kiro. Nayo nyene badukurako 50 Fbu ngo ni ay’ifumbire hagasigara 200Fbu. Amafaranga atagura n’irobo y’ifu. None ayo yomara iki mu muryango ? »

None ubwo Reta yoba yarishuye imyidogo y’abo barimyi ko Déo Guide Rurema Umushikiranganji w’Uburimyi ubworozi n’ibidukikiji biciye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 12 Myandagaro 2021 yamenyesheje ko igiciro c’ikiro c’amababi yicayi congerejweko amafaranga 30Fbu ku yo cahorako ? Ni ukuvuga ko cavuye ku 250Fbu kija ku 280Fbu ku kiro c’amababi y’icayi. Hafatiwe ku myidogo y’abo banywanyi ba koperative Abakerakivi-Tora, n’ubwo akigoro ko kuduza ibiciro kakozwe, ntibihagije. Impinga iracari ndende.

Imyidogo y’abo barimyi yoba yumvikana ?

Reka tuvyihweze: icayi kimara amezi 12 mu matuta (pépinière), hama imyaka 3 yo kukirindira ko gikura. Utangura kugisoroma kimaze imyaka 4. Aho hose rero umurimyi aba ariko aragikorera kimutwara inguvu n’uburyo. Guhembwa rero 280Fbu ku kiro, ntivyoreka kuvuna inkokora. Ni na yo mpamvu abarimyi batagikorera neza, basa n’abagihevye, bijukira ibiterwa mbumbarugo, kuko umurimyi icakeneye ubwa mbere nuko aronka ico umuryango ufungura.

Abarimyi none ko bidoga, kuki batagiheba burundu ?

Umwe mu banywanyi bakoperative Abakerakivi-Tora, avuga ko abakorera icayi cane ari abarimyi bahurikiye mu makoperative kubera babwirizwa kubera akarorero abandi. Aba na bo ngo bafise icizere ko Reta izohava yikubita agashi igaha agaciro ico giterwa njabukambibe kikagurwa nka 500Fbu, canke yarenga ubonako cinjiza amafaranga y’agaciro. Iyindi mvo ituma batagiheba burundu, ngo nuko cimbuka kandi kikaramba cane. Iyo gikorewe neza kigumaho kandi no mu ci baguma bagisoroma. Hejuru y’ivyo, bishimira gusa ko, icayi kibaha uburenganzira bwo kuronka ingurane muri MUTEC.

Ihangiro ya koperative Abakerakivi-Tora: kunagura imirima y’icayi yahebwe

Ni koperative ikiri nshasha ihurikiyemwo amashirahamwe y’abarimyi b’icayi 28. Yanditswe muri ANACOOP mu mpera z’umwaka wa 2020. Lionel Minani arongoye iyo koperative avuga ko imvo yatumye baja hamwe ari kugira barondere uburyo bogira ubuvugizi ku barimyi b’icayi batibagiye no gushika kw’iterambere. Iryo na ryo ngo rishoboka mu gihe bazofashanya, bakaguranana kandi bagashira imitahe yabo hamwe, kanatsinda ubugirigiri bugira babiri.

Iyo koperative rero yatanguye igizwe n’abanywanyi 56. Ubu bageze kw’102. Abagabo 66, abagore 24 hamwe n’urwaruka 12. Ibisabwa? Ni kuba uri umurimyi w’icayi hama ugashiramwo imitahe gusa. Umutahe w’ibanze bagezeko ni 1 200 000Fbu kuko umunywanyi atanga 20 000 Fbu mu kwinjira. None uwo mutahe uriko ukora iki? Lionel Minani ati: «Twaruguruye konti muri MUTEC, Turanatanguza urudandaza rw’ibutike mu kibanza twatiye OTB Tora, kugira amahera ntagume yicaye. »

J.Marie Niyondiko, umufundi w’indimo muri iyo koperative, amwunganira, agira ati : « Mu ndoto zacu, twipfuza gukora neza tukaronka imirima y’akarorero y’icayi, tukagura imodoka yo gusomba amababi y’icayi, tugashinga ikigega co kuziganya no kuguranana, n’ibindi vyinshi. Ikibazo gusa: nuko tugifise uburyo buke. »

Abari muri iyo koperative rero ngo bose bunze ubumwe kandi bafise ihangiro ryo gushika kw’iterambere biciye mu bikorwa no mu kugira ubuvugizi kugira igisata c’uburimyi bw’icayi gishigikirwe haba mu kugirirwa inyigisho zo kugwiza umwimbu, gushigikirwa mu buryo bw’amafaranga n’ibikoresho canke kudugirizwa agahembo baronka ku cayi bashora. None ubwo Reta izohava isubira kuduza agahembo ku barimyi b’icayi? Ni ukurindirira ku kivi…

Mu Burundi umwimbu ushobora kuboneka ku mwaka, wababa itoni 11 z’icayi giseye gishorwa mu makungu, ni ukuvuga hafi itoni zababa 60 z’amababi, kuko mu biro 5 vy’amababi y’icayi, havamwo ikiro 1 giseye, OTB ija kugurisha. Na yo kw’isoko mpuzamakungu y’icayi iri Mombasa muri Kenya, Uburundi buza mu kibanza ca kabiri mu bihugu 9 vyo mu karere bihashorera icayi c’akanovera. Ikiro c’icayi giseye kiriko kiragurwa amadorari 3$ (yababa 5.800Fbu ku giciro ca BRB) nk’uko vyashikirijwe na OTB mu gihe yari mu ndwi yahariwe icayi (Semaine – Thé) yo ku wa 14 -18 Kigarama 2020.Mwomenya rero ko mu gihe umurimyi ubu ariko agurirwa aragurirwa amafaranga 280Fbu ku kiro 1 c’icayi c’amababi. Ni ukuvuga rero ko, ku biro 5 vy’icayi c’amababi havamwo ikiro 1 c’icayi giseye OTB ija kugurisha amadorari 3$, umurimyi na we aba yagihembweko 1400Fbu.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top