Amashirahamwe menshi yaba aya Reta canke mpuzamakungu aheruka gushira ahabona ibitigiri vyerekana ko mu Burundi hari ikibazo co gufungura nabi.
Ikibazo co gufungura ku bana ni kimwe mu bindi birenga cumi biri mu vyatohojwe na EDS-III(ivyigwa vyerekeye igwirirana n’amagara y’abantu mu Burundi 2016-2017). Ayo matohoza akaba yerekanye ko ibice 56% vy’abana bava ku myaka 0 gushika ku mezi 56 bagwaye indwara zo gufungura nabi zamaho (zidahera) muri bo ibice 25% bakaba basinzikara cane. Ku bana baba mu mitumba bangana n’ibice 56% bakaba ari bo babangamiwe cane n’izo ngwara zituruka ku gufungura nabi ivyo bigatuma bazingama bagateba gukura mu gihe abana bo mu bisagara ibice 28% ari bo bashobora kurwara izo ndwara. Ukunamba gukabije akaba ari co kimenyetso cerekana ko umwana yasinzikajwe n’indwara yo gufungura nabi muri abo rero ibice 5% vy’abana baranamvye ibice 4% bakaba bagereranye. Muri uyu muce w’abana banamvye, kuba abana ari abo mu mitumba canke mu gisagara ntibitandukanya cane: ibice 3% ni ababa mu gisagara, ibice 5% ni ababa mu mitumba yo hagati mu gihugu.
Ayandi makuru ahambaye yo muri ayo matohoza yakozwe, ni ibijanye no kwigisha umuvyeyi ibijanye no kugaburira ingaburo ibereye umwana. Indwara zo gufungura zidahera zifata ibice 61% vy’abana bavyawe n’abavyeyi batize, 56% vy’abana bavuka ku bavyeyi bize amashure matomato n’ibice 40% vy’abana bavuka ku bavyeyi bize amashure yisumbuye n’ayarenga.
Imyitwarariko yo kurwanya indwara zituruka ku gufungura nabi
Ukwitwararika abarwaye ingwara z’ugufungura nabi biri mu migambi ya PCIME(prise en charge des maladies de l’enfant). Bikaba ari ivyavuye mu mashirahamwe ya OMS na UNICEF, uwo mugambi watanguye aha mu Burundi mu mwaka 2003. intumbero nyamukuru: ukugabanya impfu z’abana zibonekeza, ukugabanya indwara zifata abana n’ubukene no kwitwararika ugukura kw’abana bari munsi y’imyaka 5. ukaba ari umugambi waje gukorera mu bihugu bifise amikoro make aho ukwitwararika amagara y’abantu biri ku rugero ruto, ukaba ari umugambi utuma abajejwe amagara y’abantu batanga imiti ishobora kuvura abana babangamiwe cane. Ugukingira abana biciye mu ncanco n’ukwongereza ingaburo k’ubana nivyo biza imbere y’ibindi.
Mu kwezi kwa gatatu guheze, ivyigwa vyakozwe kuri PCIME ku bijanye no kwitwararika abafise ingwara zo gufungura nabi mu gihe c’isuzumwa ryabereye ku mavuriro. Biheraheza bimenyesha ko ibitigiri vy’abana bitari bike bataronswa imiti kandi ibereye hakiri kare, canecane iyijanye n’iyindwara zifatira ku gufungura nabi. Ku bw’ivyo, ibice 76% vy’abarwaye izondwara zituruka k’ugufungura nabi, biva k’ukuntu abavyeyi b’abo bana baba batigeze baronswa inyigisho zijanye n’ingaburo ibereye, hama ibice 50% vy’abakoresha n’abo ntibigeze batanga izo nyigisho.
Ikena ry’ibifungurwa rirahagaritse imitima abatari bake
Kuri ivyo vyavuzwe haruguru, hiyongerako ubukene bw’ibifungurwa ko ari ikintu citwararitswe mu migambi y’ihutirwa yo gukurwa mu Burundi(EFSA). Ivyigwa vyaranguwe mu kwezi kwa gatatu 2017 n’umugambi ujejwe ibijanye n’imfungurwa kw’isi yose, vyerekana ko ibice 45,5% vy’ingo zo mu Burundi zibayeho zidafise ivyo zifungura bikwiye, ibice 8,5% gusa ari zo zironka ivyo zifungura bikwiye. Ibice 13,8% bafungura ingaburo itikwije, 46,2% barafungura ibifungurwa vy’ubwoko butandukanye ariko na vyo bitikwije mu ngaburo, mu gihe ibice 61% vy’ingo zo mu Burundi zisangira ibice birenga 65% z’ivyo bakoresha mu kurondera ivyo bafungura.
Ugereranije n’ibindi vyigwa vyakozwe umwaka umwe imbere ya ho, EFSA 2017 yemezako habaye «itituka ry’ibifungurwa». Ikivyemeza, nuko kuva 2016 gushika 2017, ubukene bw’ibura ry’ibifungurwa bukabije bwavuye ku bice 5,9% bija ku bice 8,5% muri ico kiringo nyene ubukene bw’ibifungurwa bwagabanutse gushika ku bice 3,1%. Intara 11 kuri 18 zaraciye muri ico kiringo kibabaje c’ubukene bw’ibifungurwa. Intara ya ruyigi akaba ari yo iza imbere ku bice 33% igakurikirwa n’intara ya Ngozi, 15,3%, Rumonge ku bice 8,3% hama kayanza 6,6%.
Intandaro y’ubwo bukene bw’ibifungungurwa iva ku mahindagurika y’ibihe yabaye mu gihe cambere c’irima co mu 2017. Intara za Cibitoke, Cankuzo, Bujumbura, zozo zari zitunganiwe. Ivyo bisigurwa n’ibintu bibiri. Kuba ivyigwa vyabaye 2017 vyakozwe mu gihe c’iyimbura rya mbere ry’2017 n’ukuba igitigiri c’abantu bangana 120 000 bararonkejwe imbuto n’ibifungurwa bituma imbuto ziguma zibitswe.
Imiryango iri mu bukene bw’ibifungurwa
Ibiharuro vyavuye mu vyigwa vyakozwe bifatiye ku rugezo rwo gufungura, vyerekana yuko ibice 37,90 hamwe 13,8% vy’ingo ziri munsi y’akarongo ka 21 ku bitigiri vyo gufungura. Imfungugwa z’abo bantu zirakenye cane mu nsanganyangaburo.
Ibihe bitandukanye bibi bidahera bituma abantu badashobora kwiga uburyo boshora kwitunganya mu miryango. Ivyo na vyo bikaba bigenda bikurikirana uko birushanya uburemere, bamwe baba bihebuye, abandi baba bari mu bukene, abandi bakeneye gufashwa vyihutirwa. Hagati y’ukwezi kw’indwi n’ukwezi kw’icenda, igisata kijejwe kuraba ibijanye n’imfungurwa cerekanye ko ibice bingana na 1% c’abanyagihugu boba barisabiye gufashwa, 12% bari mu bukene , hama 43% bari mu bihe vy’umwiheburo.
Ivyigwa vyakozwe vyerekanako imiryango myinshi ibaye mu buzima bw’ubukene. EFSA yerekana ko mu bice 65,5% vy’abantu bakenewe gufashwa cane hamwe n’ibice 65% vy’abantu bari mu bihe vy’inzara, ikanavuga ko abahukana hamwe n’abakundana bakunda guhebana biturutse ku bukene.




