Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

I Bujumbura harangwa imfungurwa zinuze na ntungamagara

Abantu bifise bo mu gisagara ca Bujumbura, bakunda kunywera akayi no gufungurira mu mazu y’uburiro agezweho kuko ariho usanga hatekanye kandi hasa neza. Ibi biri mu makuru twabatohoreje.

Amazu amwamwe y’uburiro yo mugisagara ca Bujumbura agenderwa n’abifise ku mufuko, usanga bayakundira agacerere kaba kaharangwa, ingene haba hatatswe imitako y’amabara atandukanye, ukuba bashobora gukora canke kuyaga n’abagenzi babo mu mwidegemvyo ntangere. Ukwo ivyo bibanza bitekanye ni na ko kuzimvye cane. Ariko n’ubwo bizimvye ntibica intege ababigendera bifise. Stève ni umwe mu bo twasanze bari mu kibanza kimwe kiri mu bibanza bizimvye, yariko arakorera kuri mudasobwa (ordinateur) yiteretse n’agakombe karimwo ikawa, agira ati: « Jewe ndakunda agacerere karangwa muri iki kibanza». Abanyamahanga n’abatari abanyamahanga bahiriwe, usanga bibereye ahabonyene bibereye mu vyabo kuri za mudasobwa.

Mu bibanza bimwebimwe vy’uburiro biri mu gisagara ca Bujumbura, abatari bake baratinya kuhahangara kubera ibiciro biremereye vy’ibifungurwa biba bihari. usanga ibiciro biri hagati yamafaranga y’amarundi 9.000 n’ 20.000 mbere no kurenga akarenga. Muri ubwo buriro rero usanga hari ubwoko bw’ibifungurwa butandukanye, twovuga:« sandwich jambon-fromage, omelette champignon-fromage, soupe, salade au thon, tacos, spaghetti bolognaise,»…

Ingaburo yuzuye

Ku mutaga ahatari hake usanga hari « buffets»(Umw wese aja kwiyarurira akariha amahera angana nivyo yafunguye». Abahafungurira usanga bafungura imfungurwa ziteguye neza kandi ziherekejwe n’utundi tuntu, nk’uruvange rw’ivyamwa (salade de fruits) n’agatobe gapfutse kuruhande, bagaca bariha amafaranga y’amarundi ari hagati y’10.000 n’25.000. Inyama z’ubwoko butandukanye ni ho zibarizwa, ziri kumwe n’ivyamwa bitandukanye kuburyo uwahaje gufungura ashobora kwihitiramwo ico ashaka. Imiryango itandukanye yifise irakunda gufungurira mu bibanza bimeze neza gutyo. Umukozi umwe akora muri ubwo buriro bwagizwe ibanga agira ati: « Benshi mu baza gufungurira ngaha, ni abanyamahanga».

Abandi bakunda guhitamwo imfungurwa zikwije mu ngaburo kandi zimeze neza zidashobora kubangamira amagara yabo. Amavuta bakunda gukoresha n’ayava mu bihoke hamwe n’ayava mu musukoni(Olive) ( 20.000fbu kw’iritiro). Usanga hari ubwoko bwinshi bw’imboga bashira mu mfungurwa. Uwo twasanze mu buriro yagize ati: « Umuryango wanje urakunda imfungurwa zikaranze neza. Ariko kukwirinda gufungura ibirimwo amavuta yotwononera amagara, turahagabira tugakoresha amavuta y’ibihoke kuko yoyo ni meza kandi arikwije mu ndemamubiri».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top