Abantu benshi tuzi ko gufungura neza ari ukwama turiko turarya inyama za buri mwanya, inkoko, imicopo, amafariti n’ibindi. Eka mbere niyo tubonye umuntu yasesetse inda tugira duti : « Kanaka ibiyeri n’inyama vyamushitse ». Ariko burya ngo siko gufungura neza, kuko ngo iyo umuntu yihereza infungurwa zimwe kurugero rurunze ngo sivyiza. Hariho mbere n’abahisemwo gutegurira abandi infungurwa zivura canke zitabangamira amagara. Soma utahure.
Jean Paul Uwineza umuhinga mu bijanye n’ifunguro we nyabuna avuga ko gufungura neza ari ukwihereza imfungurwa zikubiyemwo ingaburo zitatutu arizo ndemamubiri, ntanganguvu na sanganyanaburo. Izo ngaburo na zo zikaba ziboneka mu bintu bitandukanye. Nka ndemamubiri Uwineza avuga ko hari izigumye ziva mu bikoko kandi atari nziza ku magara y’abantu iyo ziherejwe birenze urugero. Hari n’iziva mu bimera nziza cane ku magara y’abazihereza.Uwo muhinga amenyesha ko ibimera bifise ntungamubiri nziza nyinshi gusumba iziva mu bikoko. Nk’akarorero avuga ko nko kugira umuntu aronke ndemamubiri mu nyama zingana n’iziri mu kiro kimwe ca soya ar’uko aba yakoresheje ibiro 2 vy’inyama. Kandi n’ibiyoba ngo birasumba inyama.
Ntanganguvu na zo, Uwineza avuga ko ziboneka cane mu vyamwa, mu binyantete no mu biterwa vyerera mu kuzimu. Nsanganyangaburo na yo iboneka mu mboga canecane mu ziribwa ari zibisi no mu vyamwa mbere no mu binyantete. Akamenyesha ko ku bijanye n’isukari, nziza iri mu vyamwa, mu binyantete hamwe no mu buki. Uyo muhinga avuga rero ko, ukwizizira cane kurya ubwoko bumwe bw’ingaburo vyotuma umuntu yogwariramwo indwara zitandukanye zituruka ku gufungura nabi.
« Restaurant/Cafétaria diététique » yoba ari inyishu yo gufungura neza ?
Muri restaurant/cafétaria diététique bategura ibifungurwa n’ibinyobwa biva mu bimera. Canecane biba bifise intumbero yo kuvura no gukinga indwara zitandukanye biciye mu gufungura. Hatungimana Gilbert ajejwe kumenyesha ibikorwa vyo mu kigo c’ubuhinga n’ubushakashatsi kijejwe kuvura no gukinga ingwara gikoresheje ibimera hamwe n’ingaburo SONUTD, avuga ko batanguje umugambi wa restaurant na cafétaria diététique. Aho na ho bakaba bategura icayi (tisane) gikozwe mu vyatsi-muti nk’imibirizi, imikaratusi quinquina, … umusururu uhinguwe mu ruvange rw’ibinyantete, amata y’isosaya, umutobe uva mu vyamwa utongewemwo isukari, ibifungurwa n’ibindi. Ivyo na vyo bakaba babikorera mu gisagara ca Bujumbura kw’ibarabara ryitiriwe ubufaransa aho benshi bazi nko kwa Nayoti.
Ku bijanye no kumenya nimba ivyo bitegurirwa mu ma restaurant na cafétaria diététique vyoba koko ari ingaburo-muti, Jean Paul Uwineza aremeza ko hari ama ‘tisane’ amw’amwe ava mu vyatsi bisanzwe bivura. Agira ati : « Hariho ama ‘tisane’ avura abafise ikibazo c’ingwara zo mu bihimba vy’ihemero, mu mara, amaso, ukumeneka umutwe, igisukari, ukugumbiza mu nda, abagabo bafise ikibazo co kurangura amabanga mpuzabitsina, abagore batabomvye mu gihimba c’irondoka canke bataryoherwa iyo bariko barararangura ibanga ry’abubatse, n’izindi».
Uwo muhinga rero ahamagarira abantu kumenya kwihitiramwo ifungurwa zibubakira umubiri kuko ico umuntu afunguye ari na co magara yiwe. Mu gihe na ho habaye ikibazo gishingiye ku vyo gufungura, ngo kwitura abaganga hamwe n’abanonosoye ibijanye n’ingaburo ni wo woba umuti urashe.




