Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Hagiye guterwa ibipimo vy’ikawa vy’akarorero vyegukira Reta ku mahegitari 67

Mu gihe Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije kuri uwu wa 8 Kigarama i Gitega yariko arashikiriza abarundi na canecane abarimyi b’ikawa hamwe n’abakorera muri ico gisata aho ibikorwa bijanye n’isizeni ya 2020-2021 bigeze, yaranamenyesheje n’ibindi bikorwa bikurubikuru urwego ODECA rutegekanya gukora harimwo n’uko hagiye guterwa ibipimo vy’ikawa vy’akarorero vyegukira Reta.

Inyuma yo kumenyesha ko ibikorwa vy’isizeni ya 2020-2021, haba mu bijanye no kwegeranya umwimbu, kuwudandaza hamwe no kuwuhingura vyagenze neza, Umushikiranganji Déo Guide Rurema yaboneyeho akaryo ko gushira ahabona ivyo urwego ODECA rutegekanya gukora muri iyi sizeni nyene. Agira ati: « Mu ntumbero yo kugwiza umwimbu, urwego ODECA rutegekanya gutera ibipimo vy’ikawa vy’akarorero vyegukira Reta, bikazoterwa mu matongo ya Reta harimwo n’ayegereye amatonorero y’ikawa ya ODECA. Rero hakaba hitezwe guterwa ikawa ku mahegitari 67 mu ntara za Cankuzo, Ruyigi na Mwaro. »

Uwo Mushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije anamenyesha ko, ku vyerekeye ibikorwa vyo gukorera ikawa muri rusangi, abahinga mu vy’indimo bo muri ubwo Bushikiranganji bariko barakurikirana ivyo bikorwa gushika ku mitumba. Urwego ODECA rufadikanije na DGMAVAE (Direction Générale de la Mobilisation pour l’Auto-développement et de la vulgarisation agricole et Environnementale) akaba ari vyo bikurikirana abo bakozi ku munsi ku munsi.

Ubushakashatsi kw’ikawa

Ku bijanye n’ubushakashatsi, urwego ODECA rufadikanije n’ihinguriro FOMI bariko barakora ubushakashatsi ku bishishwa vy’ikawa kugira bahinguremwo umwavu w’ikizungu, gutyo muri kazoza hazoboneke akarusho ku rutete rw’ikawa. Urwego ODECA rero ngo rukaba rumaze gushika ku ntambwe ishimishije mu gushira mu ngiro intumbero nshasha ya Reta yo ku nagura igisata c’ikawa, nk’uko bishikirizwa na Déo Guide Rurema umushikiranganji w’uburimyi ubworozi n’ibidukikije.

Ariko kandi, mwomenya ko uwo Mushikiranganji anamenyesha ko, mu ntumbero yo kubandanya batorera umuti basanze mu gisata c’ikawa, ikibazo kijanye n’abahoze ari abakozi ba SOGESTAL na SODECO babandanya babakurikiranira ikibazo cabo, kugira bagitorere umuti urama.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top