Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Ikawa iciye ama dorari 26.025.454 iramaze kudandazwa mw’isizeni ya 2021-2022

Umwimbu w’ikawa ishoka hanze wabonetse mw’isizeni ya 2021-2022 ungana n’amatoni 6.490,662 Iyingana n’ibice 95,8 % niyo imaze kudandazwa ku mafaranga angana 26.025.454 y’amadorari, nukuvuga hafi 53.132. 499.842 Fbu. Na yo muri iyi sizeni ya 2022-2023 hitezwe amatoni 17898 y’ikawa ishoka hanze.

Ivyo vyavuzwe na Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije kuri uwu 22 Ntwarante 2022 mu kiganiro co kumenyesha aho ibikorwa vyakozwe mw’isizeni y’umwaka wa 2021-2022 bigeze, agirako anamenyesha n’ingene bariko bitegurira isizeni y’umwaka wa 2022-2023.

Mw’isizeni ya 2021-2022, Déo Guide Rurema avuga ko, ku mwimbu wose hamwe w’ikawa ishoka hanze wabonetse ungana n’amatoni 6 490,662 ikawa yari imaze kudandazwa gushika kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante umwaka wa 2022 ingana amatoni 6.216,648 ku mafaranga y’amadorari y’abanyamerika angana 26.025.454 USD. Ni ukuvuga ko hamaze kudandazwa ikawa gushika ku bice 95,8%.

Uyo mushikiranganji amenyesha ko amafaranga yavuye mw’ikawa imaze kudandazwa amaze gushika mw’ibanki nkuru y’Igihugu BRB ari amadorari y’abanyamerika 22.123.966 USD. Ni ukuvuga ko hamaze kurihwa ibice 85% hafatiwe kw’ikawa yose imaze kudandazwa. Ivyo rero biri uko mu gihe ikawa ishoka hanze isigaje kudandazwa ingana n’amatoni 274,014 hakaba hitezwe ko izodandazwa ku mafaranga angana n’amadorari y’abanyamerika 1.139.898,24 USD.

ODECA yo vyifashe gute?

Déo Guide Rurema amenyesha ko, ku ruhande rwa ODECA (urwego rwa Reta), gushika igenekerezo rya 15 Ntwatante 2022, yari imaze kudandanza ikawa ingana amatoni 2.133,004 ku mafaranga y’amadorari y’abanyamerika angana 10.298 101 USD. Muri ayo, ayamaze gushika kw’ikonte ya BRB angana n’amadorari y’abanyamerika 8.616.468, 42 USD. Ni ukuvuga ibice 83, 7%.  Akamenyesha neza ko ayataraza ari ay’ikawa zitarapakirwa.

Abandanya anavuga ko n’ideni Reta yari yahaye ODECA kugira irangure ibikorwa vy’isizeni y’umwaka wa 2021 ushira 2022 ringana imiriyaridi 17.005.288.336 FBU. Amafaranga amaze gukoreshwa angana imiriyaridi 12.702. 617.119 FBU, ni ukuvuga ko hamaze gukoreshwa ibice birenga gato 74, 69 % vy’ideni ryatanzwe.

Rero nk’uko uwo mushikiranganji abandanya abivuga, ngo amafaranga yari amaze kwishurwa gushika igenekerezo rya 15 Ntwarante 2022, angana imiriyaridi 16.070.564.838 Fbu, ni ukuvuga ko hamaze kwishurwa ibice 126% hafatiwe ku yamaze gukoreshwa.

Abarimyi b’ikawa bemererwa agashirukabute…

Déo Guide Rurema amenyesha ko mw’isizeni y’umwaka wa 2021 ushira 2022, igiciro c’ikawa mu Burundi cashinzwe mu gihe igiciro kw’isoko mpuzamakungu cari cakorotse gushika ku madorari 2,561 ku kiro c’ikawa ishoka hanze. Ariko kandi iyo kawa yagiye iraduga igiciro kugera naho ishika ku ma madorari 4,19 ku kiro c’ikawa ishoka hanze. Vyaragaragaye ko muri rusangi abashoye ikawa baronse inyungu ishimishije. Arico gituma ari ngombwa ko umurimyi w’ikawa yashoye ikawa kw’itonorero ahabwa agashirukabute.

Kubw’ivyo, uwo mushikiranganji akaba yamenyesheje ko ishirahamwe ryose ryegeranije umwimbu w’abarimyi b’ikawa rihamagariwe gutanga agashirukabute ku barimyi b’ikawa bashoreye ku matonorero yabo. Kandi ko, ako gashirukabute katoja musi y’amafaranga 100 Fbu ku kiro c’ikawa nziza (cerise A) hamwe n’amafaranga 50Fbu ku kiro c’ikawa y’ibisorwa (cerise B), kagategerezwa gutangwa imbere y’impera z’ukwezi kwa Ndamukiza umwaka wa 2022.

Umwimbu w’ikawa y’ibiturumbwe witezwe mw’isizeni y’umwaka wa 2022-2023 ungana amatoni 114.725 ni ukuvuga amatoni 17.898 y’ikawa ishoka hanze. ODECA yonyene ikaba yiteze amatoni 45.890, ni ukuvuga amatoni 7.159 y’ikawa ishorwa hanze.  N’igiciro ku kiro c’ikawa y’ibiturumbwe (cerise A) muri iyi sizeni ya 2022-2023 buca itangura kizogurwa n’imiburiburi amafaranga 800Fbu, mu gihe ikiro c’ikawa y’ibisorwa (cerise B) kizogurwa n’imiburiburi amafaranga 400 Fbu, nk’uko vyashikirijwe na Déo Guide Rurema.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top