Imyonga yose iri mu gihugu ingana hafi ihegitari 120.000 itewemwo ibiterwa bitandukanye. Ariko aho kurima hose hamwe ku mitumba yo mu Burundi harenga amahegitari 2.000.000. Mu gihe gushira hamwe imirima yo ku mitumba vyokunda nk’uko biri mu mwonga, umwimbu woca wiyongera cane. Ivyo bivugwa na Jean Paul Bitoga, umuhuzabikorwa ku rwego rw’igihugu muri Fida.
Godfride Ndayishimiye ni umurimyi wo ku mutumba Gatika zone Rukeco mu ntara ya Ngozi. Uyu mukenyezi, umugambi wo gushira hamwe imirima kugira barimire rimwe banatere imbuto imwe ntiyawerekwa. Agira ati: « Nabona ko ari uburyo bwo gushaka kutunyaga amatongo yacu. Kanatsinda umuntu atera imbuto ashaka ntategekwa kurima kimwe n’abandi. Nari nimenyerereye kurima indimagi. »
Ariko biciye mu nyigisho yagiye araronswa n’abafundi b’indimo hamwe n’amakoperati y’abarimyi bafise ihangiro ryo kugwiza umwimbu, yandurutse ashira hamwe n’abandi imirima yiwe yo mu myonga batera ibigori. Ubu arishima ko ateye nk’ibiro cumi ashobora kwimbura itoni kuko abitera kijambere kandi agatera imbuto irobanuye. Akavuga ko, no ku mitumba abo bahereranye bemeye, azorimira hamwe na bo.
Kuva rero aho abarimyi bigishirijwe kurima ku buhinga bwa kijambere, bakarimira hamwe mu mashirahamwe kandi bakaronswa ifumbire ku gihe n’imiti yo gupompa ibiterwa, bamwe bakaronswa n’ibitungwa bitanga umwavu, Umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije Déo Guide Rurema amenyesha ko umwimbu wiyongereye cane, kuko ubu batera imbuto nke bakimbura umwimbu mwinshi. Agira ati: «Kw’ihegitari imwe, umurimyi ntashobora kwimbura umwimbu uri munsi y’itoni 4 ikirere cagenze neza. »
Amenyesha ko abarimyi batanguye kubona ko kugwiza umwimbu bishoboka mu gihe bagize urunani. Ivyo akabivuga afatiye ku kuntu umwimbu w’ibigori n’ibiraya wigwije akarenga gato incuro zitatu kuva mu mwaka wa 2015 gushika 2020, na yo umuceri wigwiza incuro 6.
Intambamyi zishobora kwibonekeza mu gushira imirima hamwe ku mitumba…
Jean Paul Bitoga agira ati: « Ni igerageza ryiza ryo kugwiza umwimbu ririko rirakorwa. Ariko kandi gushira hamwe imyaba bivana n’uko itongo ry’umuntu rituganije. Hari nk’uwuba afise ibitoke ugasanga bikwiye hose. Ata mwanya yasigaje wo kurima ibiterwa mbumbarugo. Canke ugasanga bivanganye n’ibiti vy’ivyamwa, n’amateke, n’ikawa, n’ibijumbu, n’ibindi».
Rero hakenewe ko hotunganywa itongo ry’umuntu. Ababijejwe bakamufasha kumwereka uburyo yorima bugwiza umwimbu. Canke akigishwa uburyo yosubiramwo gutunganya ibitoke n’ivyo biti vy’ivyamwa vyose, kugira ngo agende arasiga umwanya w’aho ashobora gutera ibiterwa mbumbarugo. Gutyo bagashobora gushira indimiro zabo hamwe bakurikirana ata kibazo kirimwo.
Ariko rero Bitoga avuga kandi ko nko gutunganya imirima y’ibitoke iri ku mitumba bisaba uburyo bwinshi. Agira ati: «Ntushobora kubwira umurimyi ngo tema ibitoke vyawe vyose ushire hamwe n’abandi imirima yawe ngo ni ukurimira hamwe kijambre. Utegerezwa kubanza kumwigisha neza ku bitondeka no kubirima kijambere. Umwimbu yahora aronka ukiyongera ntugabanuke. » Ivyo rero ngo bisaba kuronka imivyaro y’ibitoke, umwavu ukwiye, ukamwigasha kubikora nk’uko bibereye, bakaronka aho bashora umwimbu wongerekanye, amahinguriro n’ibindi. Kandi ntivyoroshe kubona abantu bokwemera kwirandurira ibitoke vyabo.
Kugira bikunde ko bashira imirima hamwe ku misozi, Bitoga avuga ko abarimyi bokwumvira abajejwe intwaro, abajejwe uburimyi n’ubworozi, bagasanga abajejwe imigambi aho basanzwe bakorera, bakavyiga neza bakabimenya. Nk’uko biri mu myonga no ku misozi bigashikayo kuko iterambere umaze kubona ko rikugiriye akamaro uraheza ugaca urikurikira.
Ku mitumba hejuru, gushira imirima hamwe no kurima imbuto imwe,vyatanguye mu mwaka wa 2018. Bikaba biriko birageragezwa mu ntara ya Ngozi, Kayanza, Gitega, Cibitoke, Karusi na Bubanza.




