Yatunganijwe ku civugo : « Ugukorana kwungura bishasha mu ntumbero yo gushika kw’iterambere rirama mu Burundi ». Amashirahamwe Care International Burundi, Reja Burundi na ActionAid, ni yo yari yatunganije iyo nama ku magenekerezo ya 10 na 11 Ruhuhuma 2021, muri Kiriri Garden, afashwe mu mugongo n’ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya mu Burundi.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagi mu gihugu, iterambere n’umutekano, ayo mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike n’ayandi ma-ONG atandukanye yari yakoranye muri iyo nama isanzwe iri mu bitegekanywa mu mugambi w’iterambere ry’igihugu.
Intumbero nyamukuru y’iyo nama nk’uko ayo mashirahamwe yabitunganije abishikiriza, kwari ugukomeza ibiyago n’ugukorana mu mpande zose, amashirahamwe n’indongozi z’igihugu, ibisata vy’aigenga n’abakora muvy’ubushakashatsi mu ntumbero yo gushikira ihangiro ry’iterambere rirama. Hari kandi mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ingene amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike yokorana n’abakorera mu vy’ubushakashatsi eka n’ubushikiranganji bujejwe ivy’ubuhinga budasigaye inyuma kugira ngo habe ugukorana kwungura bishasha ku vyahahora.
Mw’ijambo Juvénal Afurika, umuyobozi w’ishirahamwe Care International Burundi yashikirije, yaribukije ko amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike afise uruhara rudasanzwe mw’iterambere ry’igihugu. Kukaba nkako, ngo ibisata vyose vyegwa n’iterambere ry’igihugu bigiye hamwe rikabiraza ishinga, bizoterera umuganda. Ukwo gushira inguvu hamwe rero ngo kuzotuma haba uguhanahana ubumenyi kuri ibi na biriya, ibizotuma mbere n’ibijanye n’intwaro bigenda neza.
Ugukorana kw’iyo migwi kuzokwungura iki?
Hari ikibazo kidasanzwe cagarutse incuro nyinshi muri iyo nama : « Ni uruhe ruhara rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi n’imigambi yaco ? » Salvator Nizigiyimana, umuyobozi mukuru ajejwe gukurikirana ibikorwa vy’ama ONG n’uguharanira iterambere ry’ubwigenge mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ashikiriza ko ibice 29% vy’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike afasha mw’itunganywa ry’imigambi y’igihugu.
Christophe Nyabenda, ashikiriza ko amashirahamwe ashika 8000 ariyo yanditswe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ariko ko ayagera 400 ari yo yonyene ari ku rubuga. Nyabenda, amenyesha rero ko bikwiye ko ayo mashirahamwe na yo aterera agacumu k’ubumwe, agakorana na Reta mu ntumbero yo kurangura imigambi y’igihugu n’uguteza imbere ubutunzi mu kibano c’abanyagihugu muri rusangi.
Abagiye bafata amajambo bose bagenda bagaruka ku kamaro ko guha ikibanza ugukorana hagati y’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, Reta, ab’igenga hatibagiwe canecane ibijanye n’ubushakashatsi mu ntumbero yo gufata ingingo zirashe. Kubwa Salvator Niyizigama ivyo bizofasha mu kumenya uturere amashirahamwe amwe amwe akoreramwo ubona ko ayatari make usanga arangurira ibikorwa vyayo mu bisagara honyene. Hamwe n’ivyo harasabwe ko hohora haba uguhanahana ivyiyumviro n’ikiyago camaho gihuza ibisata bitandukanye mu ntumbero yo kwigira hamwe ibibazo n’ukubitorera inyishu.
Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya bwarashimishijwe n’iyo nama kandi ngo bwiteguriye gufasha
Massimo Scalorbi, aserukira Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya mu Burundi yashikirije ko banezerejwe n’iyo nama. Kubwiwe ngo kuba iyo nama yarabaye vyizigiza ko ukugiriranira ibiyago vyubaka hagati y’iyo migwi biza vyatanguye.Yaboneyeho n’akaryo ko kwibutsa ko amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike afise akamaro kadasanzwe mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi kandi ko ugukorana hagati y’Uburundi n’ayo mashirahamwe ari karahara mu ruganda ntibacura. Ni na co gituma Arnold Jacques, uwariyaserukiye Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya, mu gikorwa co kumunsi ugira kabiri w’iyo nama yagize ati : « Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya butegekanya intererano kuri Reta y’Uburundi ku rwego rw’igihugu ariko kandi hari n’iyitegekanirizwa amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike akorera mu Burundi kuko na yo afasha. Aba hagati y’abanyagihugu na Reta.»
Asozera ibikorwa vy’iyo nama, Christophe Nyabenda, umuyobozi ajejwe ivy’intwaro, ubutungane n’imigambi, yarashimiye intambwe nshasha itewe aho n’ubushakashatsi bwinjijwe mu bintu ntegerezwa mu ntumbero yo gushika kw’iterambere rirama. Agahamagarira ayo mashirahamwe yose yiyunze gukora ibikorwa bigaragara.




