Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Kurarana mu cumba kimwe murenga 8, harimwo abavyeyi…

Ubwo nibwo buzima bw’imwe mu miryango 1025 yomorwa n’amazi mu Gatumba, ubu ikaba iri mw’isite ya Gisagara muri komine Mubimbi, aho imenyesha ko ubuzima butoroshe na gatoya.

Abana bariko barakina muri site ya Gisagara

Bisaba imyiyaranjo kurarana mu cumba kimwe c’imetero 5m kuri 2,5m murenga umunani, aho rero harimwo abavyeyi. Ariko hari n’uduhema tudakwiza ubwo buringanire, maze ubwo buraro bukozwe n’amahema akaguma atabagurwa n’umuyaga, iyo imvura iguye hakava.

Anicet Minani, umusaza ari mu myaka 70 ati: « Tweho, co kimwe n’abakenyezi bonsa, turabangamiwe no kuryama ku nkumbagare, kuko atavyo kuryamako tugira, ibituma ubusaza bwiyongera. »
Nayo Shadia, umupfakazi areze abana bane ati: « Hageze kuryama, ni amabanga. Ibaze nk’ubu iyo mba nari mfise umugabo, muri kano kumba! »

Ku rundi ruhande, nk’uko bivugwa n’abo banya site, kandi bikemezwa na Iranzi Elysée akorera ishirahamwe ryitaho ineza y’abana FVS Amade, indero y’abana iriko iracumbagira, bivuye ku bukene, ndetse n’amashure ari kure, aho umwana agenda aho bita Martyazo, nko ku birometero 3, ni kuvuga kugenda no kugaruka ibirometero 6 ku munsi. Umuvyeyi umwe ati : « Kubera hari aho usanga abana batarose utwo bafungura, gufata urwo rugendo isaba ubutwari budasanzwe ku bana, aho abenshi batiga. »

SOMA | Imiriyoni 22 z’amadorari y’amanyamerika nizo zikenewe kugira habeho ikigo c’igihugu co gutanga imburi yihuse

« Agafashanyo duhabwa ntigakwiye »

Aha ni icumba kirimwo na salon, mu gahema kamwe i Gisagara

Nya miryango iramenyesha ko kuronka ibifungurwa ari urugamba rutoroshe na gato, kuko ngo n’aho bahabwa 235.000Fbu ku kwezi no ku muryango, ngo nti biheza bishobore kubabeshaho neza, mu gihe bari mu kangaratete badafise ivyo bakora ngo bisuganye.
Hagaca hiyongerako ubukene bw’udukoresho two mu butinyanka, nk’uko twavyiganiwe n’abakenyezi bamwe mu bari aho.

Ku bw’ivyo, Anicet Nibaruta arongoye ikigo co gukinga ibiza n’isibe arahumuriza abo benegihugu ko hariko harakorwa vyinshi ngo ubuzima bwabo bwisununure.
Yamenyesheje ko hariko harategurwa ikibanza muri Komine Buganda intara ya Cibitoke, hakazokwubakwa amazu 816 azojamwo imiryango irenga ku gitigiri ca 545 yategerezwa kuba iri Mubimbi.

Nayo iyo site ya Gisagara, ngo bikaba biri mu migambi ko, na yo bazoyubaka neza, hakabamwo vya nkenerwa vyose, amashure, ivuriro, isoko,…

Ku cerekeye uko abo benegihugu babayeho ubu, Ildephonse Majambere umuvugizi w’ubushikiranganji bwo gushigikirana amenyesha ko babitwararitse, n’aho ivyo bakenera ari vyinshi. Agahamagarira abarundi, « muri wa mutima w’urukundo bamanye, ko uwogira ico ashaka gufashisha abo benegihugu, yotumbera abaserukizi b’ubwo bushikirangaji, ku nzego zose uhereye kuri komine. »

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top