Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Ko hitezwe imvura nyinshi, umuti w’imyuzurira yo mu Gatumba uzoba uwuhe?

Mu gihe mu Burundi hitezwe imvura y’umurengera muri iki gihe c’agatasi, abenegihugu bo muri zone Gatumba komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura bafise imitima ihagaze ko bashobora kwongera gutwarwa n’imyuzurira y’uruzi Rusizi batanagira n’aho bari bwerekeze. Bakavuga ko basavye kuva kera ko Reta yobubakira amadige (digues) kuri urwo ruzi kugira ngo bakingirwe imyuzurira n’ingaruka zayo zibonekeza mu bihe vy’imvura nyinshi.

Ivy’uko muri iri rima ry’agatasi hitezwe imvura nyinshi mu Burundi, vyatangajwe igenekerezo rya 5 Nyakanga 2023 n’ikigo c’igihugu kijejwe gutanga amakuru y’ikirere IGEBU. Bamwe mu benegihugu bo mu Gatumba bacumva ayo makuru, imitima yagiye mu kirere biyumvira uko bagiye kubaho birabayobera.  

Anicet Nibaruta arongoye urwego rw’igihugu rujejwe gukinga ibiza no gutabara abo vyashikiye amenyesha ko bariko baritunganya kugira bazoshobore kuramira imiryango izoba yasinzikajwe n’amazi menshi. Agira ati: “Muri zone Gatumba turiko turihutira gusubiramwo amasite ya Maramvya Sobel na Kinyinya II kugira ngo nihaba abantu bazoteshwa izabo n’amazi menshi yitezwe kuza, tuzoronke aho tubashira, hanyuma tubahere ubufasha ahantu hari kure y’amazi. Tuzobaronsa uburaro, imfungurwa, imiti, n’amazi meza, mu kurindira yuko aho bahora amazi agabanuka”.

Asaba ko no mu zindi ntara abajejwe abanegihugu bokwiyumvira aho boshira abantu hamwe mu gihe hoterwa n’imyuzurira canke ibindi biza biva kw’ihindagurika ry’ibihe vyotuma abantu bata izabo.

Ariko kandi urwego rw’igihugu rujejwe gukinga ibiza no gutabara abo vyashikiye basaba abanegihugu bose muri rusangi gukora ibikorwa vyo gusibura imiserege kugira ngo inkukura y’amazi ntibatere. Na canecane guca imikobeko ku misozi ihanamye, batereko ubwatsi bongere batere n’ibiti bibana n’indimo kugira isi ndimwa ireke gutwarwa n’amazi.

Kubera iki uruzi Rusizi rutubakwako amadige yo gukinga imyuzurira?

Pascal Minani umwenegihugu aba muri zone Gatumba avuga ko basavye kuva kera ko bobubakira amadige ku ruzi Rusizi kugira bakire guturatuzwa n’amazi. Uyu nyene yemeza ko abajejwe intwaro hamwe n’abakora mu rwego rw’igihugu rujejwe gukinga ibiza no gutabara abo vyashikiye bari babemereye ko ivyo bikorwa bitegekanijwe kuba vyatanguye imbere yuko umwaka wa 2022urangira, kandi ko n’uburyo buhari. Agira ati: “Umwaka ugire urangire twiteze ko ivyo bikorwa bitangura, none gushika n’ubu amaso yaheze mu kirere.”

Kuri ico kibazo c’uko abenegihugu bo mu Gatumba batubakiwe amadige ku ruzi Rusizi kandi bari barahawe umuhango, Anicet Nibaruta yishura ati: “Twariyumviriye kuyubaka ku mugambi twari dufitaniye na PNUD, ku buryo bungana n’amadorari y’abanyamerika 350.000 USD. Uyo mugambi rero w’ukwubaka amadige ku ruzi Rusizi twasanze atariwo muti urama, kuko yari kwubakwa ku gice kingana ibirometero 2 gusa mu gihe hakenewe gukingirwa ibirometero 12. Rero kugira hakingirwe igice cose ca Gatumba vyabaye ngombwa ko uyo mugambi usubirwamwo.”

Amenyesha rero ko ico kibazo caciye gifatwa mu minwe n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere aho yakoranije abashikiranganji 5: Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, uw’ibidukikije, uwo gushigikirana, uw’ubutunzi hamwe n’Umushikiranganji w’inyubako. Iyo nama ngo yatumye umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo inyubako gushiraho umugwi wo kwiga ikibazo co mu gatumba kugira bamenye ibice bikunda kubangamirwa n’umwuzurira, inyubakwa rusangi zibangamiwe cane hamwe no kuraba nimba hoboneka aho bashira abantu bibaye ngombwa ko bimurwa.

Nibaruta akavuga ko uyo mugwi watanze icegeranyo, hasigaye ko umushikiranganji wa mbere atanga intumbero y’ibigiye gukurikira, gutyo Gatumba ikingirwe yose.

Mwomenya rero ko ku bw’umwuzurira waturutse kw’isesa ry’amazi y’uruzi Rusizi rwari rwuzuye muri Rusama 2021, imiryango yababa 3000 iva mu Gatumba no mu Kajaga yo muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura yataye izabo ishirwa mu ma site. Muri yo, imiryango yababa 1500 yashizwe muri site ya Sobel mu Maramvya, mu gihe iyindi yababa 1400 yashizwe muri site ya Kinyinya II.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top