« Le séjour dans l’eau ne transforme pas un tronc d’arbre en crocodile« : kubavuze ivyo, hange ! Satura aje nk’uwushaka kubavuguruza : « Nahora niyumvira ko ndi super star, aba journalistes bo muri Wasafi Media m’ont desillusionné. »
« Hautishi papa, hata kidogo. Niko bambwiye. » Sat-B niko agira. « Biri understandable, kuko par exemple boss wabo, Diamond Platnumz, afise 8 millions baba followers kuri instagram mugihe notre star yifitiye 53 mille gusa ». Aho rero yari i Bongo, « gupromotinga ibikorwa vyiwe et surtout gushikana kure ijwi rya buja fleva », aba journalistes baho baramwemeje mu kumwereka ko ata professionalisme ashira mu bikorwa vyiwe. Agira ati : « Interview ya Wasafi FM yanyeretse ko tukiri inyuma sana. »

Muti none, uyu boss wa Empire Avenue anatuleteya nini kipya ?
Nkuko avyivugira, ica mbere yigiye muri Wasafi FM : « comment frapper le monde par son protocole ». Hirya y’ejo igihe yashikira i Bujumbura yakiriwe n’abagangi batandatu, yagize ati : « Igihe natangura gutemberana naba bouncers, abandi basani no mu cité, baciye batangura kuvuga ngo ndagara, nabihevye ngo nukwicisha bugufi, kumbe nariko niyicira brand yanje.»
Mu vyo yigiye muri wasafi FM sivyo gusa. Arongera ati :« Babaye bakincokoza ko ntari super star, bambaza certification de mon compte IG, nti wapi. Nahise numva ko nkwiye kuba humble bakanyigisha ». Nawe yarize aramenya kuko yabaye akigera hanze acayironkera certification ya compte ya Instagram yiwe.
Kubamutwenze ngo vyaramunaniye kwishura yagize ati : « Nivyo ni bakuru banje, ariko batahure ko nari kuri level batigeze bashikako. Iyo baba barayishitseko, nari kubigirako.none N’ubutaha nzosubirayo nigire rofa mbashe kubigirako hanyuma nze nteze ibikorwa vyanje n’umuziki ndundi imbere ».
« Ubu sinzohaguruka munsi ya 5 millions »
Sat-B yarangije asaba abasani naba journalistes kugira ubumwe kugira bigishanye, Kandi bashike kure : « Mu vyishe buja fleva, nuko tutemerana. Umusani ahari yirirwa aponda mugenzi we aho kumwegera bakigishanya. Igikenewe n’uko abari muri music industry twese turondera cadre duhuriramwo kugira tuze turasangira ama experiences ducamwo buri musi twigira hamwe n’igikenewe kugira umuziki ndundi utere imbere no gukubitira clin d’œil abasani bagenziwe. Erega nubwo aba artiste twidoga ngo nta sponsor ama companies aduha, none mushaka baduhe ama contrats adusanga muma bars ? Aba artistes burundais ntituzi kwi brandinga. Kosa mali uwe congomani. Jewe ubu ndatanguye kumenyera kurara ubusa kandi nanse contrat ya 2 millions kubera nshaka 5 millions. »




