Kuva ku wa 14 gushika ku wa 15 Kigarama 2020, umugwi w’amashirahamwe y’urwaruka yaserukiwe mw’ikoraniro ridasanzwe CIPD25, ryahuje ibihugu bitandukanye i Nairobi, ku magenekerezo ya 12-14 Munyonyo 2019, waratunganije uruganda, mu ntumbero yo gusabikanya ivyakuwe mw’iryo koraniro vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, guhimbazanya isabukuru ya mbere ndetse no kurabira hamwe aho urwo rwaruka rugejeje ishirwa mu ngiro ry’ivyo rwiyemeje n’ivyo rworangura mu mwaka wa 2021.
Amashirahamwe Global Peace Chain Burundi, Ajap, World Future Active, ABUBEF, REJADH, FAPHB, na Youth Impact Mission ni yo yari yatunganije iryo sabukuru, i Bujumbura, kuri Zion Beach Hôtel afashwe mu mugongo na FNUAP-Burundi. Wari umunezero udasanzwe ku rwaruka rwari rwitavye muri iryo sabukuru kuko rwaharonkeye inyigisho zijanye n’ingaruka z’igwirirana ry’abantu ku butunzi n’ukubaho neza kw’imiryango, eka rurisanzura no mu kubaza ibibazo bitandukanye rirubakiye kuvyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza.
Bimwe mu vyiyemejwe n’urwaruka mw’ikoraniro ryabereye mu gihugu ca Kenya
Nk’uko vyashikirijwe na Dr. Richmond Tiemoko, aserukira ishirahamwe FNUAP mu Burundi, ihuriro ryabereye muri Kenya ryakaburiye urwaruka kurangura ibikorwa bitari bike. Bimwe muri vyo rwiyemeje ni kugwanira agateka k’abakenyezi n’ukugwanya ikumirwa rikorerwa abakenyezi mu gihe c’amahitamwo, guharanira uburenganzira bwo gukoroza imbanyi mu gihe ubuzima bw’umuvyeyi bubangamiwe, guhimiriza abanyagihugu ku vyerekeye akamaro ko kuvyara ku rugero.
Didier Ndamukunda, umuyobozi w’ishirahamwe World Future Active, yamenyesheje ko mu vyo urwo rwaruka rwiyemeje harimwo gusaba ko mu Burundi hoshingwa itegeko ritomora neza rikongera rigakingira ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, gutunganya ibikorwa vy’inkino bihuza urwaruka n’imiyabaga kugira ngo bikunde ruhanahane ivyiyumviro vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza babifashijwemwo n’ababifisemwo ubumenyi bukwiye kugira ngo baronke inkuru zo maze bifatire ingingo zirashe.
None hoba hari inzitizi zigaragara urwaruka ruhura na zo ?
Urwo rwaruka rugira ruti : « Uwipfuje kuja kurondera uburyo bwo kwikingira gutwara imbanyi itipfujwe bisabwa ko agenda abundabunda kuko ikibano kitamutahura. Amashengero menshi yigisha ko uwukoresheje ubwo buryo aba acumuye, ivyo bigatuma urwaruka rutari ruke rubura amahitamwo. Hari n’abaganga ubituye ubabwira ko ukeneye kwikingira batagutahura. Ubumenyi ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza ntiburakwiragira hose. » Bagasaba ko nyabuna hokwiragizwa inyigisho mu barongoye ivyo bisata vyose kugira ngo ihangiro ryo gushikira inda zitipfujwe ubusa rishikweko.
Urwaruka rw’abagendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga rwari rwitavye muri iryo sabukuru rwarashimishijwe cane no kuba rwariyumviriweko, rugatumirwa. Abicishije kuri Micheline asobanura ururimi rw’ibimenyetso, Marie Ange Bugoma aserukira ishirahamwe ry’abaragi ANESB, yagize ati : « Ndanezerejwe cane n’ukuba twariyumviriweko, vyerekana ko natwe turiko turahabwa ikibanza mu rundi rwaruka rw’abigeme kuko burya nubwo bidakunda ko tuvuga natwe turakenera kuronka inyigisho zerekeye irondoka rijanye n’amagara meza. Ni abigeme benshi bafise ubumuga bwo kutumva no kutavuga bavyariye iwabo kuko bahenzwe bakora imibonano mpuzabitsina batikingiye. Ariko rero hamwe twobandanya dutumirwa nubwo twacerewe, hoba akarusho.»
Kubwa Patrick Ndihokubwayo na we nyene afise ubumuga bwo kutumva no kutavuga, ngo birakwiye ko ku mavuriro haba hariho n’ibiburiburi umuntu umwe ashobora kuba azi ururimi rw’ibimenyetso kugira ngo bituwe n’uwufise ubwo bumuga bikunde bamuronse uburyo bwo kwikingira bamumenyeshe n’ingene yobukoresha.
Dr. Richmond Tiemoko akaba yarakengurukiye cane urwaruka ingene rwafashe nkama ivyavuye mw’ikoraniro ryabereye muri Kenya rukaba rukibigendera. Yagize ati : « Ihangiro rya FNUAP ni uko urwaruka rwobaho neza, kuva mu buyabaga rugashika mu busaza rufise amagara meza, rugishobora gukora. Ni na co gituma hari intumbero yo guhamvya ubusa 3, aho gushika mu mwaka wa 2030 ata n’umwe yoba agihitanwa n’imbanyi mu gihe bishoboka gukinga urwo rupfu, aho ata woba yipfuza gushika kurondoka ku rugero ngo abure uko yikingira, ata n’amabi afatiye ku gitsina yoba akiharangwa. Ni na co gituma tutazohengeshanya gushigikira bene ibi bikorwa. »




