Uwatanguje ikigo Centre Jeunes co mu Kamenge yararengutse itariki 27 Mukakaro 2024 mu Butaliyano aho yarasanzwe aba. Ni iki caranze uwo mupatiri yamenyekanye nk’umugenzi w’urwaruka ?
Harageze isaha 12, ikigo kirugaye! Uko ni ko Claudio yavuga mu rwamo rw’urwaruka rutashaka gutaha mu gihe rwaba rwamaze umuhingamo wose ruriko rurasoma, rwiga canke rukinira hamwe muri ico kigo ca Centre Jeunes Kamenge.
Ibikorwa canecane vy’urwaruka vyaba inyuma y’umuhingamo bahejeje ivyigwa. Mu gitondo haza abaje gusoma mu nzu y’isomero ry’ibitabu yari irimwo ibitabu birenga 19.000. Aho rero hategerezwa kuba hari agacerere.
Isaha umunani z’umuhingamo, ibikorwa vyatanguzwa minsi yose na Marano ubwiwe mu mugirwa wo gutanga udupapuro two kuja kuraba ireresi yateguriwe uwo munsi, carazira guhindana. Urwo rwaruka rwaratonda umurongo mu butekereji ntangere. Hariho abatashikirwa kuko inzu yo kurabiramwo yakira abantu 60 ariko vyose bikaba mu mutekano. Iyo ari ireresi yitezwe cane n’urwaruka, yaca yerekanwa mu kibanza gishobora kwakira abantu 450.
Benshi mu rwaruka rwaciye kuri ico kigo ruvuga ko iyo kitabaho batari kumenya ibintu vyinshi mu bijanye n’ubuhinga bwa none: « Nabonye imashini nyabwonko ubwa mbere ndayibonye muri kirya kigo », uwo ni T.N aba muri zone ya Cibitoke yabitwiganiye n’akababaro kenshi.
Nayo kubwa C.B ubu asanzwe ari umumenyeshamakuru, ico kigo caramufashije bikomeye mu mashure: « Twaronse akaryo ko gusoma kubera ibitabu yazana akuye i Burayi n’ibindi yasabira ico kigo kuko muri ako gace amazu yo gusomeramwo ibitabu ntiyari amenyerewe. «
Umubano mwiza ni wo wamuranga
Ikindi yamenyesheje ni uko urwaruka rwinshi rutari kuronka akaryo ko gukuza impano zarwo: “Iyo hataba we ntitwari kuronka ba Kidumu, Steven Sogo, Kaka Boney, n’abandi benshi… kuko bose bigiye kuvuza ivyuma vy’umuziki no kuririmba ngaho muri Centre Jeunes Kamenge.”
Iyo hatabaho ico kigo, urwaruka rwinshi ntirwari kumenya uko rwitwara mu butandukane bwabo.Twokwibukanya ko mu myaka 32 iheze urwaruka rurenga 40.000 rwo mu bwoko butandukanye n’amadini atandukanye, abahungu n’abakobwa baciye muri ico kigo, bakinye umupira w’amaboko n’uwamaguru hamwe. Abandi barahigiye indimi zitandukanye nk’ikidagi, iki espagnol, igitaliyano, abandi bahigira gushona bamwe muri bo vyarabafashije mu buzima bwabo. Abo bose uko bari mu migwi itandukanye barigabura bakaja mu mice igize zone Kamenge, Cibitoke na Kinama kugira bafyature amatafari ku miryango ya ba ntahonikora ico kigo kigatanga ibisakazo ku baba bubatse amazu yabo.
Mu 2013, ku gutinya ko ico kigo cugara kubera imfashanyo zari zagabanutse yagize at ati: “Iki kigo ni icerekezo ku buzima bw’urwaruka ku myaka 22 kimaze. Inyishu irahari kugire nticugare: kurihisha abakigendera. Ariko sivyo vyiyumviro vyanje kuko abana b’ababakire aribo boca baza baraza kandi kuva ubwa mbere hose twakorana n’abakene n’abatishoboye.”
Uwo mupatiri wo mu muryango w’aba Saveriyano (Xaverien) yavukiye i Trivignano Udine mu Butaliyano mu 1952, atashe yararwanye urugamba rwiza: gufasha abantu abicishije ku rwaruka. Yari yamenye Uburundi ahereye muri paruwasi y’i Minago i Bururi mu 1981, yirukanwa inyuma y’imyaka itatu, agaruka mu 1992 aca arashinga Centre Jeunes Kamenge.Yarakunda kuvuga ati urwaruka ntibikenewe kurusigurira vyinshi:”Ni ukuruha intumbero y’ubuzima bwo kubana neza iboneka,ibindi ukareka bigakurikira.”
Ruhuka mu mahoro Claudio!