Abubaka hakiri kare baracari benshi mu Burundi kandi buri mu rugamba rwo kugwanya umurindi w’irwirirana ry’abantu wabaye ndanse. None vyoba biva kuki ?...
Kugira bishike umuvyeyi avume umwana, biba vyageze kure, umwana yananiranye, impanuro zanse. Nk’ukwo tubiyagigwa na Didace Ndayikengurukiye, yanonosoye ivyigwa vy’inyifato n’imibano, umwana...
Abana bavukana impano zidasanzwe baribonekeza mu kibano, ariko kenshi ntibafatwa mu mugongo kugira bateze imbere izo ngabirano, mbere bakanabitukwa ngo bibabuza gukurikira...
Abavyeyi benshi boba babona abana babo babura akayabagu ku rugero rurengeye uko vyotegerejwe. Ngo baba bagwaye Anorexie, kandi ikaba ihuye n’ibibazo vy’inyifato....
Si agaseseshwarumuri, iyo ngendo ngo itunze abatari bake, babeshejweho n’akuya k’abana birigwa barasabiriza mw’ibaraba. Kandi ngo akanoti koba kaboneka. Iyo bavuze abana...
Bivuye ku gushaka kw’abavyeyi, abana b’abahungu baragenyerwa, rimwe na rimwe mbere bakiri inzoya, ibishika bakagira utubazo bivuye ko umubiri uba utaragera kwakira...
Ivyo vyamenyeshejwe mu birori vyo kwugurura icese uwo mugambi vyabereye ku mashure Mushasha I na II yo muri zone Gatumba kuri uwu...
Mu gihe igice ca kabiri c’umwaka w’ishure giheruka gutangura, amashure yo muri Mushasha afise ibibazo vy’utuzu twa surwumwe tuguma twuzura. Umunsi wa...
Mu Burundi, umuco wo gukwa umugeni wamyeho kandi ibirori vy’urwo rubanza vyaba bifise uko bitunganijwe bihuye n’akaranga k’abarundi. Ariko aho bigeze ubu,...
Mu Burundi, imyambaro y’abigeme n’abakenyezi yagiye irahindagurika bivanye n’iterambere igihugu kiba kigezemwo. Muri ino nkuru turabereka inyambaro zagiye ziraranga ibihe bikurubikuru vy’Uburundi....