Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Kugenyera (Circoncision): ubwo birakenewe ku bana bakiri bato?

Bivuye ku gushaka kw’abavyeyi, abana b’abahungu baragenyerwa, rimwe na rimwe mbere bakiri inzoya, ibishika bakagira utubazo bivuye ko umubiri uba utaragera kwakira ububabare.

Ni umugirwa ugwiriye mu bisagara. Kugenyerwa kw’abana kukaba kugirwa na canecane bafatiye ku migenzo ifatiye ku madini, canke imibereho. Amani Niyonkuru, umushingantahe w’imyaka 42 aremeza ko mu muryango iwabo ata mwana w’umuhungu yokwiza imyaka 2 ataragenyerwa. Amani avuga ko, kiretse ukumugirira neza ku magara, ni umugirwa ukurikizwa cane mu muryango. Akabona ko atangorane n’imwe iri mu kugenyera umwana.

Claudette Munyaneza, umuvyeyi w’imyaka 49, ku bwiwe ngo nta kamaro ko kubabariza umubiri umwana mu gihe ata co bitwaye yigumiye ukwo yavutse.

Ntakarutimana Blandine we, avuga ko uruhinja rw’iwe rwagize ikibazo inyuma y’aho agenyererewe. « Bakagenyereye gafise umwaka n’amezi 4 gusa. Ico gihe naragize ibibazo bikomeye. Kirirwa kararira umunsi wose. Kubera ko kaba kacigirako umwanda muto, ntivyari vyoroshe ko gakira n’ingoga. Kama gafise ubushuhe budasiguritse. » Ku bwiwe ngo abana bari bakwiye kugenyerwa bamaze kwigira imbere, bazi icatsi n’ururo.

Intererano ya muganga

Ku bwa muganga Révérien Ndayirorere, yanonosoye ivyo kubaga (Chirurgien), kugenyera abana bakiri bato si ngombwa, mu gihe ata kibazo afise. Avuga ati : « Impamvu yogutuma bagenyera umwana ni mu gihe uruhu ruri ku mutwe w’igihimba c’irondoka rwugaye canke mu gihe ruba rurwaye ingwara nkama ‘infections’. »

MugangaRévérien Ndayirorere rero asigura kokugenyera umwana akiri muto mu gihe atarwaye ngo babimutume kwa muganga atari ivya nkenerwa cane : « Uretse ko agira ububabare bwinshi, umwana akiri muto bishobora no kumugirira ingaruka mbi mu bijanye n’inyifato ya kazoza kiwe mu gihe yahuye n’ubwo bubabare bw’umurengera, nk’akarorero agakura atinya cane kwa muganga canke abaganga. »

Arangiza ahanura abavyeyi vyoshobokera ko batojana abana babo kugenyerwa ata mpamvu ijanye n’amagara ibibatumye, ko bobikora aruko agize ikibazo c’ingwara.

Inkuru yatororokanijwe na Bebline Igiraneza, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top