Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Anorexie : ingwara izwi na bake, ibangamira ibibondo

" Ingwara ya anorexie ituma abana babura akayabagu bagata ibiro"

Abavyeyi benshi boba babona abana babo babura akayabagu ku rugero rurengeye uko vyotegerejwe. Ngo baba bagwaye Anorexie, kandi ikaba ihuye n’ibibazo vy’inyifato. Umuco.

Kazinduzi yerekana ko anorexie ari ingwara ituma umuntu atagira akayabagu. Ku ruhande rw’abana, bisigurwa ko ibafata guhera batanguye gufungura, bakabura akayabagu, bigatuma batakaza ibiro, ndetse n’amagara yabo akabangamirwa.

Nk’uko biyagwa na Alain Joseph Hatungimana umwe mu bagize ishirahamwe ry’abize inyifato, imibereho n’imibano (psychologues sans vacance), umwana agwara Anorexie bitewe n’inyifato umuvyeyi yarafise igihe yibungenze, na cane cane ku bijanye no gufungura, nk’akarorero iyo adakunda gufungura bigaheza bikandukira umwana ari mu nda.

Kubw’uwo muhinga, mu Burundi, abavyeyi bamwe ngo ntibazi ko ari ingwara ikomeye ishobora no guhitana ubuzima bw’umwana ayirwaye bivuye ku gutakaza ibiro : « Benshi bibazo ko ari agafyinyi k’abana. »

Lyse Inamahoro w’imyaka 32 afise abana batatu, aba muri karitiye ya Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, amenyesha ko atari bwigere yumva iyo ngwara. Akagira ati :« Jeho sinopfuye nibajije ko yoba ari ingwara. Nahora nibaza ko ari ubufyinyi busanzwe. Umwana wa kabiri wanje vyaramufashe nibaza ko ari ibisanzwe bidateba guhera, sinarinzi ko umwana avutse vyoshika agashobora kwanka ivyo nyina atakunda agifise imbanyi. »

Ivyo twoyimenyerako

Lyse aremeza ko no mu kibano ciwe azi abavyeyi benshi bafise abana babanye n’iyo ngorane. Kubwiwe, ngo harakwiye inyigisho ku bavyeyi kugira ngo bamenye ingwara zikunda gufata abana, mugabo zitamenyerewe.

Ikiza imbere, ngo ni ukutagira akayabagu. Umwana aca atakaza ibiro, ntafungura ivyo yahora afungura vyose, ntafungura ivyo ahawe n’uwundi muntu naho yoba nyina. Aguma ahawenyene, akagumana ukwihebura.

Kuri ivyo, Alain Hatungimana avuga ko iyo ngwara ibangamira cane amagara yo mu mutwe y’umwana kuko aguma wenyene akagumana ivyiyumviro mbere akihebura bigatuma n’ibijanye n’ivyirwa atabikurikira neza. Uwo muhinga arasaba abavyeyi ko bokwirinda inyifato mbi iyo bibungenze kuko biheza bigatera iyo ngwara abana. 

Arongera akavuga ko abavyeyi bafise uruhara rudasanzwe mukugwanya iyo ngwara, mu gukurikiranira hafi imigenzo y’umwana ndetse iyo umwana atanguye kugaragaza ibimenyetso bakanashiramwo umwete mu kumukundisha ibifungurwa.

Inkuru yatororokanijwe na Edmond Sabindemanyi, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top