Abubaka hakiri kare baracari benshi mu Burundi kandi buri mu rugamba rwo kugwanya umurindi w’irwirirana ry’abantu wabaye ndanse. None vyoba biva kuki ?
Mu mategeko y’igihugu, imyaka yo kwubaka, ku musore ni 21, na yo ku mwigeme ikaba ari 18. Iyo myaka, kuri bamwe irakwiye, ku bandi na ho ni mike cane kubera ko abo baba bagiye kwubakana baba ariho bagitangura kurondera ibizobatunga muri kazoza.
Bigaca rero bivana n’amikoro ya bamwe n’abandi, canke bikavana n’ingene ikibano cubatse, kuko umwe wese abaho aravye uko abandi babayeho, mu mico, mu migenzo, no mu mikoro.
Munyempundu Daphrose, yubatse afise imyaka 17, arasigura icatumye yubaka kare : « Iwacu ni mu ntara ya Ngozi. Amashure nayagarukije mu mwaka wa 5, maze kudubura incuro 3. Naciye manuka i Bujumbura kurondera akazi ko kurera abana. Narimfise imyaka 14. Maze imyaka 2 nkora ako kazi, naciye nkundana n’umusore akora iruhande y’aho nakora. Ntibwakeye kabiri naciye nsama inda, gutyo mba ndarongowe, nako mba ndacikiye. »
Imvo isigura kwubaka kare ku baba ruguru
Kubwa Daphrose, ukurongogwa hakiri kare biva ku mvo nyinshi : « Ivyubu biragoye. Abakobwa turoroshe guhendwa, kandi iyo bifatanye n’ubukene nta bundi buhinga tuba dusigaranye. Umugabo aca aba inyishu y’ibibazo vyose, kiretse ko ashobora kuba ari nawe ntandaro y’amagorwa menshi, kandi vyama vyashitse ».
Kankindi Chantal we, akomoka mu ntara ya Cibitoke, avuga ko bigoye kubuza abigeme kurongorwa hakiri kare, mu gihe kwiga amashure maremare, canke kuronka akazi bisa n’ivyabaye umuzi w’ibuye : « Jeho nitwa ko ninanase, ndongorwa mfise imyaka 21. Nari mpejeje amashure yisumbuye. Nta mafaranga yo kwiga kaminuza yigenga narimfise, ikibazo ca Reta nta co nari natoye. Sinari kuguma muhira ndiko ndarimira abavyeyi. Ni kwo kuja kurongorwa, nubwo nari nifuza kwiga maremare. Rero kuja kurongorwa hakiri kare, rimwe na rimwe hari igihe bitatuvako, ariko ubuzima tubayemwo bukaba butaducaguza ».
Ntahomvukiye Cyriaque, akora akazi ko kwunguruza abantu kw’ikinga, yubatse ku myaka 18, akaba amaze itanu yubatse, ageze ku mvyaro 4. Avuga ko iwabo iyo avuka, mu ntara ya Kayanza, abasore benshi batize, iyo bamaze gukwiza imyaka 18 ata kindi baba basigaje atari ukurongora : « Abavyeyi ni bo batangura kubaza imigambi yacu, bakanatwereka abandi bo mu kibano, ko bashoboye kwubaka ku myaka tugezeko. Inzu tuyubaka mu mwanya mutoya, bakadufasha mu manza, ubona ko twikorera n’izikirurutse zidasaba uburyo bwinshi nk’abanyagisagara. Nta mpamvu rero yo kutubaka, kanatsinda ni agateka kuri twebwe no ku miryango yacu. »
Mu gisagara ho si uko
Biratandukanye cane. Uko mu gihugu hagati hagwirirana abubaka kare, mu bisagara ho, bivanye n’uburemere bw’ubuzima, ngo kurongora canke kurongorwa si aho gutuma umwana.
Divin Nduwimana, w’imyaka 36, aba i Bujumbura, akaba akiri umusore, avuga ko kurongora bitari hafi, bivanye n’ingene ubuzima bugoye cane : « Naraharuye nsanga kugira ngire ubugeni, bizonsaba amafaranga yababa imiriyoni 3. Ayo na yo kuva mvuka ntayo ndigera nkubita ijisho, kandi iwacu, canke abagenzi, ntanumwe mbona yoyampa. » Agita ati, kugira azokwubake urwiwe, nuko yohura n’umukobwa yemera bakandikwa, batarinze kugira imanza : « Abo na bo ntibapfa kuboneka muri iyi Bujumbura yacu, benshi bashaka gu sayangana, kugira imanza nk’iz’abandi bagize. »
Ahishakiye Marlène, yubatse afise imyaka 30, akaba ari imvukira y’ i Bujumbura, avuga ko kwubaka hakiri kare biba kimwe mu ntambamyi abakenyezi bagira, kuko baba batarakura mu mitwe, bakibaruka intahekana, kandi bagaca bategerezwa kubaho bazeye vyose ku mugabo.
Bénit Ndayishimiye, umuhinga mu bijanye n’imibonano ndoragitsina, avuga ko ahanini, kurongorwa canke kurongora kare, kuba ruguru, bitumwa n’ukutagira imigambi miremire, ubumenyi buke, kandi n’amikoro make akaba agira uruhara runini.
Inkuru yatororokanijwe na Bebline Igiraneza, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




