Uruhara rw’umukenyezi mwirimizi ni ntangere mw’iterambere ry’umuryango n’iry’igihugu kandi ni uwo gushigikirwa. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi.
Buri wa 15 gitugutu uko umwaka utashe, Uburundi burifadikanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi kuva mu 1995 ushizweho n’inama mpuzamakungu yabereye i Beijing mu Bushinwa. Icivugo c’uwu mwaka kikaba ari :« Dushigikire umukenyezi mwirimizi ashikire inyubakwa rusangi ziramba be n’imigambi irashe yo gutegekanya no gukingira kazoza ».
Intumbero nyamukuru yo guhimbaza uwo munsi akaba ari kuzirikana uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere, ndetse no kwirimbura kuri abo bose bafise uruhara mu kumuteza imbere ndetse no kurabira hamwe intambamyi zimubuza kwisanzura mu gateka kiwe no mu buzima bwa minsi yose.
Gute umukenyezi mwirimizi adasanzwe mw’iterambere ?
Hisunzwe icegeranyo c’umugambi w’igihugu ujejwe ivyiterambere mu Burundi (Plan National de Développement 2018-2027), uburimyi bwinjiza ica kane c’ubutunzi mu gihugu, bukaronsa akazi ibice 84% vy’abakozi, nayo ibice 80% muri bo akaba ari abakenyezi. Ivyo biharuro rero bikaba bigaragaza uruhara rw’umukenyezi mwirimizi mw’iterambere ry’igihugu.
Afise ububasha bungana iki ku mwimbu ?
Naho rero atanguranwa n’inyomvyi kwikangura ngo aje mu bikorwa vyo mu murima, bamwe mu bakenyezi birimizi bo mu ntara ya Muyinga na Kirundo baremeza ko ata burenganzira bagira ku mwimbu iyo bipfuje kugura utwo bashaka.
Asterie Nizigiyimana, umukenyezi mwirimizi avuka muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, agira ati : « Iminsi nka yose bugica ndaburabira mu rugi nja mu murima canke kugazura imyaba, nkasiga umushingantahe yiryamiye. Agomvye hari aho ansangayo canke akigira mu kabare. Ariko mu gihe co gusoroma ntakunda gusiba noba ndamubesheye. Gusa ari nk’akantu nkeneye nkakamusaba arakunda kukanyima ariko we akihereza icupa ata camira ».
Eka na Mireille Mukantare wo mu ntara ya Kirundo, muri komine Bugabira, avuga ko nubwo umugabo wiwe kenshi aba yibereye kw’irigara, iyo igihe c’iyimbura gishitse amategeko aba menshi ku musaruro ariko we agaha umwana nk’ibiro 5 vy’ibiharage ngo amushorere arabe ko yozimya akanyota katamugatura.
Naho biri uko, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira, Martin Nivyabandi, akaba yahamagariye abo vyega bose gushigikira no guha agaciro n’ikibanza kibereye umukenyezi mwirimizi kuko uruhara rwiwe nw’iterambere ari runini cane. Yagiriyeko anamenyesha ko ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru bizobera mu ntara ya Ngozi kuri uwu wa 18 gitugutu 2019.




