Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Impamvu Jackson, umusore-mukozi w’imyaka 33 gusa, akwiye gushigikirwa

Umwana yagenze amahanga asubira mu rugo…

Ashitse mu gihugu c’amavukiro, Jackson yabanje gukangwa n’ubukene yasanze ku mutumba iwabo. « Maze gushika i muhira, hari vyinshi ntatahura. Nari mvuye muri Canada, ahantu narimfise ubuzima bwiza. Narimbayeyo mfise utuntu twose umuntu w’umusore ashobora gukenera mu kwinezereza : amahera, imiduga, gutembera n’ibindi. Rero gusanga umuryango n’ikibano bari mu buzima nk’ubwo ntivyari vyoroshe kuri jewe ». Tubamenyeshe ko uwu musore yatevye aronswa urupapuro rwo kuja kubandaniriza amashure yiwe ya kaminuza muri Canada, mu gisata c’ubuvuzi. Uko uburuhuko  buheze yaca asubira muri Canada kwiga.

Ariko rero ntivyamushobokeye ko abandanya amashure yiwe: « Naciye mpagarika ishure njakurondera amafaranga kugira ngo ndabe ko nogira ico mfashije ku mutumba mvako. Naciye ndonswa akazi mu gisata kiraba ivy’ibitoro, aho nahembwa amafaranga atari make ico gihe. Nahereye ku kwubaka ikigo c’impfuvyi gishobora kwakira abarenga 50, ndacubaka kandi i Gitega n’i Ngozi ». Ni ho yasubira kumarira amashure yiwe mu mwaka wa 2009.
Mu nyuma yaciye ashirako ayandi mashure mu buganga nyene. Muri ico gihe yatevye ahura n’ibihuhusi vy’igiporisi, ivyatumye yumva muri we adakunze kuguma muri Canada. Agiheza amashure yiwe yaciye asubira kuba ku mutumba  wa Gasenyi iwabo, afise umugambi  wo kuhubaka ibitaro : « Nkiri kw’ishure narabona ko muri Canada hari aho bakoresha ivyuma bishaje mu gihe ahandi bageze ku buhinga bwo gukoresha ivyuma bigezweho vyiza. Ndi kumwe n’abagenzi banje, twaciye dusaba ko hogira igikozwe. Ivyo vyatumye bahindura ivyo bikoresho bahashira ibigezweho ari na vyo nipfuza kuzoshira muri ibi bitaro vyanje mu ntumbero yo kubiteza imbere bimwe biboneka ». 

Ibitaro vyitiriwe Ubuntu vyatanguye ibikorwa vyavyo ku mugaragaro mu mwaka wa 2016.  Ariko Jackson yabonye n’ingoga ko abagwayi benshi bafise ikibazo kimwe : ugufungura nabi. Kubw’iyo mvo, yaciye yihutira gutangura umugambi w’uburimyi, ubworozi bw’amafi n’ibitungwa bitandukanye. « Igihe cose mu gatondo nabanza kuyagisha abagwayi kugira ngo ndabe ko twomenyerana. Ngerageje kubabaza vyinshi kugira ngo numve vy’ukuri isoko y’izo ngwara, nasanga imvo nyamukuru ari ugufungura nabi. Ngaruka mu Burundi nari mfise amadorari 50.000 y’amanyamerika. Igice kimwe cayo nagikoresha mu kwubakisha ibitaro mu gihe ikindi nakiguze amatongo yo kurima n’ubworozi kugira ngo ndonke ivyo mfashisha abatishoboye ».

Sabikanya kuri

Pages : 1 2 3

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top