Jackson yatanguye kwibako kuva afise imyaka 6
Jackson agira ati : « Mu vy’ukuri, ntayo ntayo ntabonye kuri iyi si ; nimba ari umuriro narawose ariko kandi n’ibihe vyiza narabibayemwo. Nabayeho mu buzima bukikijwe n’ibisika vyinshi imbere n’inyuma, mbaho ntagira Shinge na Rugero ».
Jackson yatanguye kubona amakuba mu mwaka wa 1993, aho intambara yatera mu gihugu. Avuga ko atokubwira ingene yarokotse kuko yari yamaze kubona isura y’urupfu. Yatandukanye n’abavyeyi biwe ku myaka 6, ahungira muri kongo mw’ikambi y’abarundi, ari na ho yatanguriye ishure ry’ubuzima bwo kwibako. Ivyamuayeko vyari umusaraba uremereye kuri we, ariko yategerezwa gukora, nta kundi yari bubikike.
Jackson agira ati : « Aho nagiye gusaba akazi nabeshe ko nsanzwe menyereye ibikorwa vyo kuragira Kugira ngo ndonke utwo ntamira (mu vy’ukuri nubwo i muhira twari aborozi, sinaribwigere nja kuragira na rimwe kuko narinkiri muto). Hari urugo muri Kongo naciye ndonkamwo ako kazi ariko ivyo nari niteze vyabaye ikinyurane kuko urwo rugo rwamfashe nabi cane. Iyo ndeka guhembwa udufaranga basi nkafungurirwa ».
Aho kuronswa ivyo nyabuna nahembwa inkoni. Imfungurwa ziwe yari imyembe mibisi namura iyo nagiye kuragira, nkaheza nkayihekenyerayo. Mu gihe yariko agerageza kutwiganira ivyamubayeko, uwu musore w’imyaka 33 yaragerageza kwiyumanganya ariko biramwanka amosozi adengera mu maso. Biturutse kuri ukwo gufungura nabi kwa minsi yose, umwana yahavuye agwara. Kujanwa mu bitaro kwiwe vyamubereye igitangaza.
Amaze gukira, yagerageje gukora ibishoboka vyose ngo ntasubire muri wa muryango wamuturubika. Vyaciye bigenda gute ? « Ku gihamana sinzi ukuntu nabonanye n’izindi mpunzi ziriko zija mu gihugu ca Mozambique.Bivanye n’uko ata mpapuro z’inzira bari bafise, vyabaye ngombwa ko bantora nk’umwana wabo kugira ngo babone kurengana ». Vyatevye bikunda Jackson n’abo bagenzi barajabuka imbibe. Abifashijwemwo n’abo, yaciye Asubira mw’ishure : « Ico gihe nari mfise hagati y’imyaka 9 na 10 niga mu wa 3 w’amashure matomato ». Haheze iminsi, bamwe bari bamutunze baciye bafatwa n’igiporisi bajanwa mu gasho ariko we ajanwa mw’ikambi y’impunzi imbere yo kurungikwa mu yindi kambi iri muri Zambiya.
Ashitseyo, naho nyene yategerezwa kuraba utwo akora kugira ngo arabe ko aronka icorirenza. Umunsi umwe, sinzi ukuntu yahuye n’umuzungukazi w’umugira neza ariko arafasha abatishoboye kuva ubwo ubuzima bwiwe buba burahindutse. « Uwo mugiraneza yava muri Canada, yarambajije ico yomfashisha. Nishuye nshize amanga ko nipfuza gusubira mw’ishure kuko hari ijambo naguma nibuka iryo nabwiwe na mama. « Bana banje ntimuze mumere nkatwe. Murakunde ishure muzoronka ubuzima bwiza » ».
Niho uno muzungukazi yaha umubonano Jackson amubwira aho azomusanga bukeye bakayaga neza, n’umugabo wiwe ahari. Umunsi ugeze, Jackson yaragiye kubaza inyishu, kubw’Imana bamwemerera kumutunga no kumusubiza mw’ishure. Jackson yari umwana aciye ubwenge cane mw’ishure. Ariko rero igihe co gusubira muri Canada kigeze, kuko atampapuro zemeza ko aribo bamutunze zari zihari ntivyakunze ko bagenda bamujanye. Amaze gutandukana n’abo bazungu, Jackson yaciye atorwa na Eric, umurundi yaba muri Zambiya. Haciye iminsi, yamujabukanye ku kibuga c’indege avuga ko ari inarume, baja muri Canada.
Ni na we yatevye afasha Jackson kurondera abavyeyi biwe bari bazi ko yapfuye. Jackson yagarutse mu Burundi mu mwaka wa 2005 ahejeje igice ca mbere c’amashure gutyo abonana n’umuryango wiwe, ubuzima buba burahindutse kuva ubwo.




