Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Inzoga n’abarundikazi, twaratohoje

Mu rukuririkirane rw’ivyo tubandanya kubashikiriza bitandukanye biri mu Burundi,  ikinyamakuru Jimbere caragize amatohoza ngo kimenye neza congere kibashikirize  n’ibindi bijanye n’inyifato y’abakenyezi imbere y’inzoga. Umurundikazi ntakirinda kwikinga ibisaka canke kwihisha  mu mitamana ashaka kwivuna akanyota. Amasonisoni y’indero y’ikirundi ntakimubuza kwivuna akanyota canke kuba arongoye iyengero ry’inzoga ngo arabe ko yobukura mu cibo. Ni imwe mu mpinduka nyinshi zabaye mu mico y’ikirundi naho ingaruka zo zitabuze.

> GORETI, UMUKOBWA W’INTUNGANE YAHAVUYE ATWARWA UMUTIMA N’INZOGA

> VYAHEREYE MU BIRORI  BIHERERA MU BUNYWERO

> NOUNOU ASA NK’UKO YAMAZE KWITWA KINYOTA

> IBIBANZA BENGERAMWO INZOGA BIRI MU KINYEGERO

> ABAKENYEZI BARAKARIRWA N’INGARUKA Z’URUKANYWA GUSUMVYA ABAGABO

Ayo makuru yatororokanijwe n’ikinyamakuru Jimbere gifashwe mu mugongo n’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, mu mugambi wo gushira ahabona urukurikirane rw’amatohoza yakozwe mu ntumbero yo gutsimbataza agateka k’abakenyezi.

Sabikanya kuri
6 Comments

6 Comments

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top