Iyo yasohokanye n’abagenzi, Leslie arihereza amacupa atatu canke ane. Naho akiri umuyabaga, ntibimubuza kwirenza amacupa atari make mu bunywero.
Leslie*, ku myaka 17 gusa afise, ntakiri iciga ngeso mu kunywa inzoga. Ata ngorane n’imwe z’ukumaramara, ariyemerera ko anywa inzoga umwanya ubonetse, ikibabaje ni uko uwo mwanya uboneka kenshi cane.
Mu mpera z’ukwezi kwa myandagaro, uburuhuko buba buriko burahera hanyuma abanyeshure bagaca batangura kwigina iminsi ya nyuma ya bwo, imbere ko basubira ku ntebe y’ishure.
Ni kamwe mu bunywero bufise abantu benshi bahagendera , urukanywa ni nywa na we, bamwe mbere ntibatinya no kuza baratamba uturirimbo tuba turiko turavuzwa ngaho naho haba ari ku murango. Umunezero n’ukwinezereza ni vyo biba biranga ico kibanza.
Nk’uwumenyereye ubwo bunywero, Leslie nta co yinona mu kunywa mu mutekano ntangere akayeri akunda cane benshi bazi kwizina rya Baju. Leslie ati: “ Ntibazobahende ngo ubunywero bw’i Bujumbura ntibutanga inzoga ku miyabaga canke kubandi bose bakiri bato, barampa atacamira gusa mpfa kuba ntambaye umwambaro w’ishure.”
Abavyeyi ba Leslie bo ntibaraca n’ikanda ko umwana wabo yatanguye kunywa inzoga nyinshi kuva agifise imya 15. Leslie ati: “ Natanguye kunywa inzoga umunsi nari nagiye guhimbaza isabukuru ry’ivuka ry’umugenzi wanje. Kuva ico gihe inzoga maze kunywa ni nyinshi cane ntizigira n’uko zingana.”
Akabigira kabizi ngo karya imboga karitse, Leslie ntayobewe na gato amabi ashobora guturuka ku nzoga mu gihe umuntu azishinze: “ Sindazisangira n’uwo ari we wese kandi simpfa umwanya ndazinywereye”.
Bitebe bitebuke Leslie ntahakana yuko umunsi umwe abavyeyi biwe bazotinda bakamenya yuko asigaye yihereza urukanywa.
____________
*Izina ryahinduwe




