Turi i Ngozi isaha zibiri z’ijoro, hagati na hagati mu kwezi kwa mukakaro. Mu gihe abanyeshure bo muri Kaminuza bariko baraheraheza ibibazo , ni akaryo keza ko kugira umugirwa wo kubikosora… ni ukuvuga kuja kunywa inzoga iyo bahejeje gukora ibibazo.
Imvo n’imvano ni uguterefonwa n’umugenzi wiwe Elvire*. Nounou* yari yagiye kuramutsa incuti ziwe ariko mu bisanzwe akaba yaba yagiye kuraba yuko mu nzu iwabo atagacupa kinzoga boba barirengangije. Akimuterefona yagize ati: “Uri he ga Nounou ngo dusangire kamwe ” ?
Uwo mubonano waciye wemerwa hari hasigaye gusa gucagura ubunywero bajamwo hagati y’ahaba hateramiye abantu benshi, ahaba hari bake , ahaba ari heza cane canke ahantu hamwe uhicaye akamoto k’inyama z’impene zokeje gatuma utangura kumiramitwa ukikumva. Na bene ubunywero baritwararika kuryosha ibirori kugira ngo bakwegakwege “abo banyaBujumbura” bo badasiba kuza kwinezereza muri ubwo bunywero uko ikibazo cose gikozwe.
Mu nyuma abo bakobwa bahurije ku ciyumviro c’uko abagenzi babo batamenyereye i Ngozi boja kubereka ingene i Ngozi bateka. Bose hamwe bari batandatu, abahungu babiri hamwe n’abigeme bane. Bashitse, barateye udukuru dukeyi kugira babe bararindira yuko uwubahereza ico kunywa ashika. Ashitse mu kanya isase imeza bicayeko yari yuzuye inzoga gusa.
“Kunywa inzoga ni akamano mu muryango iwacu”
Nounou yihereza amusiteri ndende, akiyisoma gusa mu maso uca ubona yuko akeye neza cane. Amaze kuyikurako igitama kimwe canke bibiri uwo mwigeme atarenza imyaka 25 y’amavuko agira ati: «Ubu rero ndumva yuko akenge kagarutse. Jewe sindi igikere canke ifi ngo nywe amazi gusa. Akayoga ni wo muti wanje». Hagati y’igitama n’ikindi, Nounou ntiyihanganira gucokoza umuhungu bari bicaranye ariko anywa agafanta aho nk’akarorero atahengeshanya kumubwira ati : “ Wewe uriko unywa ifanta sinokwubahuka no kugusoma kuko wohava unyanduza indwara y’igisukari”.
Nounou asanzwe ari umunyeshure muri Kaminuza y’Ingozi, aremanga yuko yatanguye kunywa inzoga agifise imyaka 12: “ Iwacu i Bujumbura twamana inzoga i muhira. Umunsi rero mpimbaza isabukuru yanje y’amavuko aho nari nkwije imyaka 12, ba senge baciye bampa inzoga. Aho kugira natirwe neza naraye nyoye amacupa atatu.”
Aho rero urugendo rwari rutanguye: “Ubu twe n’akayoga twibaniye neza. Ubu ndashobora kunywa amacupa 10 yinzoga canke nkanywa 12 iyo nicaranye n’abagenzi bazi kuganira ”.
Ikibabaje gusa ni uko Nounou amaze kwisanga yaraye mu gitanda c’umugabo atazi ingene yashitseyo. Arangiza avuga ati: “ Ni uko nyene abagenzi banje banyubahiriza kandi bakamba hafi ahandi ho mba maze gukora amarorerwa.”
___________
*Amazina yahinduwe




