Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Imboneza z’abakenyezi dufise uyu munsi ziriko zica mu makanda y’abandi bakenyezi bazitangiye imbere

Imvugo y’uwu mukinyi w’ivyese w’umunyamerikakazi Rita Rudner si yo, aho yavuze ngo: «Abagabo barigirira icizere muri bo kuko bakura biyumva ko ari intwari. Abakenyezi barikengera kuko bakura bigereranya n’udukinisho». Iyo mvugo si yo. Kuko uwo Rita ntarigera ahonyoza ikirenge mu Rugazi. Nta n’ubwo yigeze amanuka imisozi ya Nyabiraba.

Muri ako karere, ubutwari buriho kandi bwibonekeza mu buryo butandukanye. Mu gihe c’amagume yo mu myaka ya 1990, abakenyezi b’inararibonye bo mw’ishirahamwe Dushirehamwe, baregeranirije hamwe impunzi zo mu Rugazi, kandi bari bahoze badacana uwaka. Muri iki gihe, abo bakenyezi bakaba bariko barakorera k’uwundi muce : «Uguhagararira agateka k’umurundikazi yacinyijwe n’umuco wo kubona ko umugabo adakwiye kurekera umugore  uburenganzira bwo kwishira no kwizana».
I Nyabiraba, intwari zo mw’ishirahamwe Dushirehamwe na zo nyene ni akarorero mu kibano hose kandi ni zo karorero keza ku rwaruka. Urwo rwaruka ubu bakaba barutamarira. Akarorero  n’ak’amashirahamwe nka REJA na CPAJ.

˃   AKARORERO K’ABAKENYEZI BARENGEYE IBIBATANDUKANYA

˃  DUSHIREHAMWE: ABAKENYEZI BARASERUKA

˃   REJA: «URWARUKA RUBONEKERA MU VYO RUKORA »

˃   HELMENEGILDE NYUNGANIRA « IMBONEZA KANDI IBUNEZEREREWE»

˃    BENJAMIN MANIRAMBONA, IMBONEZA MU RWARUKA

˃   I NYABIRABA, URWARUKA RURISHIMIYE KUBA MU MASHIRAHAMWE

Ikinyamakuru Jimbere, caragendeye abo bakenyezi b’imboneza gikoranye n’ishirahamwe SFCG ku mugambi wiswe: «Gufata mu mugongo abakenyezi n’urwaruka b’imboneza b’ubu n’abo muri kazoza mu ntumbero yo gusasagaza amahoro mu Burundi».
__________________________________

Aya makuru yatororokanijwe n’ikinyamakuru Jimbere gifashwe mu mugongo n’ishirahamwe SFCG.

Sabikanya kuri
To Top