Umurimyi w’imboga akaba anaserukira amashirahamwe y’abadandaza imboga n’ivyamwa i Nyabiraba, Benjamin akorana inguvu mu guhimiriza urwaruka kwijukira gukorera mu mashirahamwe kandi rugateza imbere igisata c’uburimyi.
I Nyabiraba, Benjamin Manirambona ari mu bantu bazwi cane. Hampande y’umwuga wiwe wo kwigisha, yifadikanije n’urundi rwaruka. Yarashinze amashirahamwe ashika mu mirongwitatu ahurikiwemwo n’urwaruka rurima rukanadandaza imboga n’ivyamwa kw’ibarabara rikuru ry’ i Nyabiraba. Ku bwiwe, kwikorana ni uruhombo runini uravye ko umwimbu w’umwe udashobora kuba mwinshi. Rero, urwaruka ruhurikiye muri ayo mashirahamwe rurashira hamwe uko ukwezi gutashe amahera ashika 5000 y’amafaranga y’amarundi kandi n’ingurane ntonto zirahabwa abanywanyi.
Ikigo c’urwaruka ni nkenerwa
Nyabiraba, nk’izindi komine zose zo mu gihugu, irimwo urwaruka rutari ruke. Kubura ikigo urwaruka rwohuriramwo kugira rwungurane ivyiyumviro, ni intambamyi kw’ikomine. Ni umugambi uhambaye Benjamin yipfuza ko worangurwa. Agira ati: « Dukwiye ikigo c’urwaruka, twebwe usanga tutegereye igisagara ca bujumbura, abatari bake mu rwaruka usanga rwipfuza guhunga iwabo rukigira mu gisagara. Ariko, iyo tuba dufise ikigo gihariwe urwaruka gusa, twogiye turahura buri gihe duhanahana ivyiyumviro ku ntambamyi zibuza urwaruka kwiteza imbere».
Ugukomeza inyigisho z’uburongozi bwiza, ni yo nzira ishika
Ubutwari abwiyumvamwo, Benjamin Manirambona yipfuza kubureresha batoyi biwe. Manirambona ari mw’ishirahamwe SFCG akaba ari na ho hari umugambi wo gufata mu mugongo abakenyezi b’imboneza b’ubu n’abo muri kazoza mu ntumbero yo gusasagaza amahoro mu Burundi. Abona ko abakenyezi n’urwaruka b’i Nyabiraba bagiye kuronka akarorero keza bazigirako. Ku bwiwe, kwigisha imboneza nshasha ni ngirakamaro na canecane muri iki gihe twegereje ibihe vy’amatora. Manirambona agira ati: «Ikiringo c’amatora kiragoye cane kugenzura. Ariko igishimishije, biciye ku mugambi wa SFCG, abatari bake mu rwaruka no mu bakenyezi bazoba bazi uburyo bashobora gutururuza uruhagarara rushobora kwaduka, mu gukoresha ubuhinga bwo gutatura amatati hadakoreshejwe ingimba, kuko, si ikinyegezwa, amatati yo yamaho. Ni vyiza rero ko twomenya gutatura amatati ».




