Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi yo kuva ku wa 26 Nyakanga gushika ku wa 2 Gitugutu 2022

RDC : Hagiye gushirwaho ikigo kijejwe kwegeranya uburyo bwo kugarukira abakorewe amabi afatiye ku gitsina bivuye ku ntambara

Ivyo bikaba vyateweko umukono n’inama nshikiranganji ya Reta iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) aho yari yakoranye kuri uyu wa 30/09/2022. Umushikaranganji w’agateka ka zina muntu, Albert Fabrice Puela, ari nawe yashize imbere iyo nteguro y’itegeko rigenga ico kigo, yamenyesheje ko kahise kico gihugu  karanzwe n’intambara n’indyane zahekuye igihugu na bene co ndetse bigatuma abantu batari bake bata izabo bagahunga.

Kubw’uyo mushikiranganji, ngo ivyaha bitari bike vyakozwe mu ntambara ntivyahanywe.Ivyo   bigatuma haguma higaragaza inzigo, ukwinubana, ukwikekana ndetse no kurabana ribi hagati y’abantu. Albert Fabrice Puela abonako muri bimwe muvyokorwa n’ubutungane bw’inyuma y’intambara hoba gufasha kugarukira ku bakozweko n’amabi canke ababakomokako. Tubikesha ikinyamakuru Politico.cd

Uganda : imiriyoni zababa 18 z’amadorare y’abanyamerika nizo zikenewe kugira ngo hagwanywe ikiza ca Ebola mu mezi 3 ari mbere

Ivyo bishikirizwa n’inzego z’igihugu zifadikanije n’indongozi z’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS). Aho ni mu gihe umwe mu bajejwe amagara y’abantu aherutse guhitanwa n’ico kiza ca Ebola, akiyongera ku bantu bagera kuri batandatu bamaze guhitanwa n’ico kiza hamwe na 35 bimaze kwibonekeza ko banduye ico kiza.

Nkuko vyandikwa n’insamirizi y’Abanyamerika VOA, ico kiza ca Ebola kikaba muri kino gihe kibangamiye ibisagara vya Kyegwegwa, Kassandra, Kagadi, Mubende, na cane cane ahitwa Madudu. Umushikaranganji w’amagara y’abantu muri Uganda amenyesha ko hari abaganga bagera kuri 65 bamaze kwikekwako ico kiza ari na co gituma bashizwe mu bibanza vya bonyene.

Muganga Yonas Tegegn Woldermariam, aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ry’ amagara y’abantu OMS muri Uganda ,amenyesha ko afise impungenge ko ayo mafaranga agera ku miriyoni 18 z’amadorare y’abanyamerika yasabwe atazohava akwira kuko ibikenewe gukorwa ari vyinshi. Aho yerekana nk’ibijanye no kwiyunguruza, igitoro, ndetse n’abakozi bose bakenewe mu kurwanya ico kiza. Ivyo biruko mu gihe umukuru w’igihugu ca Uganda aherutse kumenyesha ko ata ngingo zo kwugarana abantu mu mazu kubera ico kiza zigiye gufatwa, ahubwo ko Reta izoshira ikigo co gupima   n’ubushakashatsi (laboratoire)  ku biro vy’akarere ka Mubende, aho ico ikiza cabonetse ubwambere, mu ntumbero yo kwihutisha kuyipima.

Kenya : Umukuru w’igihugu asaba ko hoshirwaho ikori ridasanzwe ku batunzi

Hari kuri uyu wa 29/09/2022, imbere y’inama nshingamateka y’igihugu ca Kenya, aho umukuru w’igihugu William Ruto yongeye gusaba abashingamateka ko bokwiga ndetse bagatera umukono ku nteguro y’itegeko rishinga gutoza ikori ridasanzwe abatunzi ndetse n’abahembwa amafaranga menshi muri Kenya. Haheze imyaka iyo nteguro y’itegeko iguma isubizwa inyuma.

Ico ciyumviro ca William Ruto kikaba kije gufasha kugabanya amafaranga Reta yahora isaba nk’ideni kugira ngo izoyakoreshe mu migambi y’igihugu nkuko vyandikwa  n’ikinyamakuru Business Daily. Umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje kandi ko bizotuma n’ikori ryahora ritozwa abakozi n’abandandaza basanzwe rigabanuka.

Ngo iryo kori rero rizotozwa hisunzwe umutungo muri rusangi hakuwemwo amadeni uwo mutunzi afise. Abakurikirana hafi ivy’ubutunzi muri Kenya bo babona ko mu gihe iyo ngingo izoja mu ngiro, abanyagwizatunga batari bake bashobora kwinyegeza, ntibatange ikori uko bikwiye canke bakaja gushinga imitahe hanze ya Kenya 

Aba ‘Masaï’ batsinzwe mu rubanza bitwariye Reta ya Tanzanie

Sentare y’akarere k’Afrika y’Ubuseruko yamenyesheje kuri uyu wa 30/09/2022 ko ikirego c’abava mu bwoko bwa ba masaï cagiriza Reta ya Tanzanie yuko yirukanye ku nguvu kandi idakurikije amategeko mu mwaka w’i 2017 imiryango yabo baba mw’ishamba rikingiwe rya Serengeti, ko kidafashe. Aba ‘Masaï’ bo bavuga ko aho baba muri iryo shamba bari kw’itongo basigiwe n’abasokuru.

Reta ya Tanzanie ivuga ko mu gushaka kwimura abo ba ‘Masaï’, ifise umugambi wo gukingira ico kibanza kiri mu bibanza vy’iratiro bigenderwa cane. Nkuko tubisanga ku rubuga ngurukanabumenyi rw’insamirizi y’Abafaransa RFI, umushingwamanza Donald Deya avugira abitwariye Reta ya Tanzanie ngo iyo ngingo yafashwe na Sentare y’akarere irateye isoni, ngo bakaba bagiye kwunguruza urwo rubanza.

Rwanda : Ndimbati yambitswe izera, umushikaranganji Bamporiki yaciriwe gufungwa imyaka 4

Mu makuru yavuzwe cane mu gihugu c’Urwanda harimwo iyambikwa izera kuri uyu wa 29/09/2022 z’umugabo yamenyekanye mu gukina amareresi Uwihoreye Jean Bosco batazira Ndimbati.Nkuko vyandikwa na VOA ,uyo mugabo akaba yagirizwa ivyaha vyo gushurashuza umwana w’umwigeme yamuhaye ibiyovyabwenge. Mu gihe yaramaze amezi 6 apfunzwe, Ndimbati akaba yambitswe izera kuri ivyo vyaha vyompi ndetse agasohoka agasho atanatanze indishi y’akababaro yari yasabiwe igera ku miriyoni 30 z’Urwanda, sentare ikamenyeshako ivyemezo abagiriza ivyaha Ndimbati atarivyo.

Muri ico gihugu kandi , uwahoze ari umushikaranganji w’imico Edouard Bamporiki yaciriwe gufungwa imyaka 4 n’ihadabu y’amafaranga agera ku miriyoni 60 y’amanyarwanda na sentare nkuru ya Nyarugenge mu gisagara ca Kigali.Ikinyamakuru BBC kimenyesha ko nyuma yo kwagirwa n’icaha gifitanye isano na n’igiturire yakiriye bivuye ku mugwizatunga yagomba kwuguruza ihinguriro ry’ibinyobwa mu Rwanda no gukoresha igikenye mu kurondera inyungu ze bwite. Bamporiki yari yaburanye yemera ivyaha kandi asaba imbabazi. Umucamanza yavuze ko Bamporiki Edouard yagirwa n’ivyaha vyompi. Ivyo biruko mu gihe yari yasabiwe gufungwa imyaka 20 n’ihadabu y’amafaranga y’amarundi imiriyoni 200 y’Urwanda.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top